IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Imyaka 20 niyo yaciriwe uwagandaguye umuvyeyi wa Général Ndirakobuca (...)

Imyaka 20 niyo yaciriwe uwagandaguye umuvyeyi wa Général Ndirakobuca (Ndakugarika)

mercredi 13 Myandagaro 2014

Imyaka 20 niyo yaciriwe Ntahondereye Anselme, umugabo yiyemerera ko ariwe yishe Petero Bakundumwandu umuvyeyi wa Général Gerevazi Ndirakobuca batazira Ndakugarika.

Mu ntahe y’icese yabaye, uwakoze icaha co kwica, akaba yisabiye wenyene umunyororo wo gupfa, aravye ivyo yakoze. Avuga ko ukwica umubanyi wiwe yabitumwe n’akaborerwe, co kimwe n’ishavu yarafise,mu gihe se wiwe nawe yari yagandaguwe. Sentare ikaba yaciye imucira umunyororo w’imyaka 20. Mukamenya ko muri iyo komine yabereyemwo ubwo bwicanyi, abantu bashika kuri 52 aribo bari ku rutonde rw’abategerezwa kw’icwa bagirizwa uburozi.

Muri iyo komine ya Bukinanyana intara ya Cibitoke, bikavugwa ko abagera kuri 14 bamaze kwicwa, mu kiringo c’amezi 13 gusa. Pierre Bakundumwandu akaba yagandaguwe akomerekejwe. Amakuru ava aho i Bukinanyana, akavuga ko yarasanzwe acungereweubuzima n’abaporisi babiri, ariko muri ico gihe boba atariho bari bari.


Aristide Nizigire

Messages

  • Raaaa yaaaa ruranyarutse kabisa, abacamaza baciye baronka uburyo barasasa vyihuta???akareganyo kari muburundi nahandi kari?bamuciriye 20ans nimyishi iyobamucira amezi 2gusa kuko yariko yihorera abArundi Ndakugaritse yagaritse

  • urworwo murabura kurunyarutsa!!ndihebura iyo nibutse ko nize droit nkabona comment les magistrats bo muburundi baca imanza!!!mbega deonthologie des magistrats ntaco ibamariye gamwabimaramaramwe ngo muri les juges!!mbega impartialite, l’independance mumitwe yanyu imaze iki???ico nicerekana ko vous n’etes pas libre urwo murarunyarukije ngira Ndakugarika hamwe nabo bafatanya kwica abarundi bica ngira bo ntibava amaraso nkabandi!!nkontabutungane bukurikizwa nkuko mubigenje!!???cnke se wa Ndakugarika nyakugarikwa nagahinda we yava amata samaraso!!???Nakamaramaza!!!

  • Rwanyarutse kubera SCVR itaciye izakuvyisukamwo ivugango narekurwe atakirinze gusabwa.

  • Muco na turugwane,mbega ntumwunvise ko uwomwicanyi ko yiyemereye icaha,ko yabotewe nishavu,akaboregwe,nukutamenya amategeko,aricogituma bamuciriye inkoni ngufi,igera kumwaka 20 yonyene,ariko wewe yari yisabiye ugwo kwicwa,none bamwe mwama muvugira ngo bariko bararenganwa MBONIMPA na bamwe bo kwa sinduhije,nabone mwobahanura bakagira nkuyo!,bagasaba imbabazi igihugu,na barundi bo bagomba gusubizwa mukaga kugwimo nabo bantu!!,ngira ngo nabo bocuribwa inkoni ngufiya,ariko nimwabandanya mubashigikira mucaha bakoze,nkuko umenga bariko barasiga amavuta igihugu,mumenye kwarimwe muriko mubakwegera mumagume,bazohanwa hisunzwe amategeko,sof basavye ikigongwe kuma kosa bakoze.

  • ewe mwami urateye isoni kubona wiyumvira uko! karashize ingani uwishe umuntu rero azohore aca aja kuvuga ngo yagandaguye umuntu hanyuma ngo acigwe urubanza? Iyo iyindi mikenyuro y’uburofa iri mu ba dd! hariho n’abahora baca barekugwa ngo ni uko bavyemeye. Niwaba utazi Abarundi uzobarundwamwo, kandi ngo "Uburundi bugona buri maso". Be mukura ivyo birofa ngaho. Mbe mwibaza ko amashure abantu bize nayo muzoyafuta? Igihe canyu kiriko kirarangira mwarononye iki gihugu gusa nta kindi.

  • Ariko ntibabe mumuha ivyo ashaka ga ntuze. Umuntu yisabira kumanikwa bakabimwima. Ako n’akarenganyo.

  • None Umuntuyicabandintakwiyekwicwa?Uburundibwaribwiza,Ariko...

  • Nonekoyafunzweyariyiciriyekwicwa,ntagomwamugiriyenabi

  • mwabobishwe.14harimwosokuru.bamwishebamuhora ngonumurozi!mugabo amazegupfantabwobabonye .mur, iyicomune umuntu afite inyaka60 bavugangonumurozi.

  • Noneiryoshavu Nunvayoba yarigizekuberase,yariyapfuye.Ndunvamengahobaharihoicoyobayarazikuri Abobantubabiribapfuye.Kugirayunveko Umwe Apfuye,ubwonyene Akama,ajakwicauwundi.

  • Gusa Uwufunzwe Niyataha Azoc Yihana Kuko Ndakugarika Ah Atamwishe Ntarupfu Rwa Giturumbuka Ruzomwica Azopfa Yishwe Nindwara Kuko Ningwe Abatari Bake Batinya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.