IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Inama yasibijwe n’uruhusha bavuga ko rutazwi n’amategeko

Inama yasibijwe n’uruhusha bavuga ko rutazwi n’amategeko

mercredi 16 Gitugutu 2013

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, yishinze kurwanya ubuzima buzimye mu Burundi yaraye yankiwe kugira inama yari yategekanije gukorana n’abanyagihugu. Iyo nama ikaba yari itegekanije kuba bwa kiganiro hagati y’abanyagihugu n’abari muri ayo mashirahamwe. Ikiganiro cari kuba gishingiye kandi ku kibazo kijanye n’abagore bahora badandariza hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Ku muhingamo w’uyu wa kabiri, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yari yategekanije kugirana ikiganiro hamwe n’abanyagihugu ku bijamye n’ikibazo c’abagore bahoze badandariza hagati mu gisagara ca Bujumbura. Abo bagore, muri kino gihe, basa n’abatakudandaza kubera igipolisi kiguma kibirukana.
Iyo nama yari itegekanijwe kubera mw’ihoteri Water Front ntiyahavuye iba kubera igipolisi cabujije ko iba kw’itegeko ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Juma Saidi.

Mu kwankira iyo nama kuba, ayo mashirahamwe yarahawe ikete ryateweko umukono na Saidi Juma, umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Iryo kete rero ngo ryerekana ko iyo nama ata ruhusha yari yahawe.
Ariko ivyo bikaba vyarabeshujwe na Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE. Kubwa Pacifique Nininahazwe, ingendo zose zisabwa n’amategeko mw’itunganywa ry’amanama barazikurikije. Iyo nama barayimenyesheje umukuru w’igisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu 2013, iminsi 3 imbere y’umunsi w’inama, nk’uko amategeko abitegekanya. Pacifique Nininahazwe akaba avuga ko urwo ruhusha rutabaho kuko inama imenyeshwa gusa. Kubwiwe, urwo ruhusha umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko batasavye ntirubaho kuko rutazwi n’amategeko.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.