IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane burabandanya amatohoza ku bwicanyi bwakorewe abanyamurenge

Ubutungane burabandanya amatohoza ku bwicanyi bwakorewe abanyamurenge

mardi 25 Munyonyo 2014

Inyuma y’amasaha abiri yose ariko arabazwa, Pasteur Habimana ariwe Metoussela Nikobamye yahoze avugira umuhari Palipehutu FNL yaciye ataha kuri uwu wa mbere, kuko yerekanye ubudahangarwa afise.

Habimana akaba yariko abazwa ku bwicanyi bwakorewe abanyamurenge mu Gatumba, igenekerezo rya 13 Myandagaro umwaka w’2004. Igihe yarenguka, Habimana akaba yemeza ko umuhari FNL warwana utobazwa ikintu na kimwe harimwo ubwo bwicanyi bw’abanyamurenge, kuko afise ubudahangarwa. Yaba Pasteur Habimana rero canke abo bahora bari kumwe muri FNL ukiri umuhari urwana, bakaba bahawe ubudahangarwa n’amasezerano yari hagati ya Reta y’Uburundi n’uwo muhari i Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.

Mukamenya ko ubutungane bw’Uburundi bwaheruka kwumviriza umuryango w’abanyamurenge, ubu naho hakaba hatumweko uwo yahoze avugira uwo muhari, ndetse yari yanavyivugiye ku maradiyo ko umuhari wabo ariwo wari wagandaguye izo mpunzi zari zahungiye mu Gatumba.


Aristide Nizigire

Messages

  • ariko uworaba abarundi babasivir biciwe ibuvyuko muri bubanza yosanga amaraso yabo atasaga nayabo basoda ba fpr biyita abanyamurenge

  • Jewe nibazako FNL atariyo yishe barya basoda ba FPR barimubirindiro vyomunkambi yabangamurenge, ahubwo bishwe nigizirikare cuburundi cakiriyagihe kuko yobabataribo harikubaho guhangana nabobantu bateye mbere murabobafuye hakabamwo nabasoda barinda iyonkambi bahasiga agatwe kubandanya nokurabo ba FNL harikubamwo abahasiga agatwe, ariko pastere Habimana yarabigiye inama nabategetsi ba FNL ngobafuge kwaribabishe kukokiriyagihe abantubeshi banezerezwa nokwumvako FNL yahanganye canke yishe abitwa abatutsi nimuriyompamvu FNL yavyishizeko kugira inezereze bamwenabandi kukovyanayifasha kuciheraho mukuvugango nimutangamafranga dukomeze kwongera inguvu, kukobadatangaje kobarwanye abantubacabadebukirwa gutanga. Murazokurikirana nababanye politike buyumusi muburundi kuberabafise ababaha uburyobwokugirababeho kandibakabubaha kuberabakoze bavuze ibibanezera. Nicogitima mpa.agarira abarindibose kwirinda kuronderera ivyindazabo bakoresheje kurementanyakurementaririza abandi harimwo nivyokubeshango iyobatabaho nginibiriho biba yarahuhutse.

  • Ariko uburundi muratwenza ESE igihe biba abategetsi mpuzamakungu bahigereye banganiki.ibigwasho vyahatowe binganiki nukuvuga abaphuye baribagamije gukora ibara nibo bagira bakore ivyemewe namategeko? Canke mbe ntega na marangara nahandinahandi ko mutabatumizako kandi haphuye abarundi mkiswe abanyamahanga bahawindaro bagaca bashaka kudukoramunda ariko imana irakinga none Ngo ngwabanyamurenge baphiriye mugatumba ntanisoni kugira iyomwunva muriko mubivuga? Muburundi harabanyamahanga banganiki nubu harimpuzi abarategwa nibande ngonukwo arimpunzi gusa mugihe baziko barimugihungu cabandi nibabe bivavanura nubukozi bwikibi nayahandiha nibindi baricabibona.kobazi bafise ukuri kuki batitwara muri ONU ariko kuko babona uburundi umengo abategetsi babishiriye mukwaha barikobotsigitugu ngwabantu babo.mugire iminsi mwiza murakoze

  • abo dd iriko irakindagura nabo bazavugako bafise ubudagangarwa hahahahaha isi yameze amenyo vrmnt

  • Turasavye abo bariko bakora ayo matohoza,batohoze kubishe abantu 72,bahereyekuri pastori Arthemon Simbanananiye,nabatwara kiriya gihe bajandajanda aho I beginners mumazu banyaze,Buyoya abo yishe bava amazi ko mutamugirako amatoboza,abishe ,abanyeshure bo kuri kaminuza,abishe absntu I kivyuka,I buta,beginners rural,abaturira abantu aho mugisagara,abari barongoye sogedmu,abo Bose mubagire ko amatohoza,nutibagiye uwari ahagarariye za..ville morte,yahavuye akigamba ngo.ico umwana wumwami.aririye Imana iragihezagira.ago niho tuzomenya ko ubutunganebutanguye gukora neza.

  • None ko mwumva aho mu gatumba hafatiwe ibirwanisho vyari ivyabande?Hari impunzi yemerewe gutunga ikigwanisho?ko n’abarundi babibaka,ntimwumvako bari abasoda baba FPL nkotanyi,bari binyegeje mwikambi,umurundi azirana n’uko umusotora!nibo bawakije?Murumva ko baguye ku rugamba,bazize ico bakora,Imana yabagiriye nka Hamani,yashinze igiti co kumanikako Moridekayi,kikamanikwa ko hamani yagishinze! Uwo yemanze ko ariwe yabikoze,ariko mukavuga ngo yashaka kunezereza bamwe nabandi kugira biyegeranirize amahera,birumvikana cane ko FNL ata kuri bafise,bitwaza ibinyoma ngo babemere!ahubwo,ni bakwirikiranwe ku caha c’ububeshi,ni abapfungakiwaaniiiiii!Ntaco bomarira abarundi.

  • Ariko muratwenza weee, none mubonye ko abo banyamurenge bafise agaciro kurusha abandi barundi bafuye.

  • Reka ngire nanje ico novuga niba muri bunyemerere ko iciyumviro canje co sohoka kuko maze imisi nandika ariko ivyo nanditse ntibisohoke,ariko ntaco kuko niko bihora bigenda.Jewendanezegwa cane niyo numvise ngo ubutungane bgasase bgumviriza aba canke bariya.Mugabo ndababazwa niyo mbona ubgo butungane bgita cane kuvyabandi ariko ntibgite kubiburaba.Nivyo uwakoze amabi wese ategerezwa kuyabazwa kandi nuwakoze ivyiza ategerezwa kubishimigwa.Jewe nahunze muri 72,nabaye mu Rwanda kugeza muri 94,ariko sindumva n’umusi numwe ubwo butungane bubaza ivyabarundi bapfiri mu Rwanda kandi bahari ari benshi kandi barishwe na FPR,President NTARYAMIRA yishwe na PAUL KAGAME w’u Rwanda ntanarimwe ndumva babaza u Rwanda impamvu yurwo rupfu,ariko ngo ivyabanyamurenge birashushe.Mbaze ubgo butungane :amaraso y’abarundi arirabura ay’abanyamurenge arera? ubutungane bg’u Burundi buzobamwo incabgenge dyari? Niba bgari busanzwe buziko indongozi za PALIPEHUTU-FNL zifise ubudahangagwa bwavuye mumasezerano kandi ubwo budahangarwa bukaba bufiswe na abategetsi batari bake b’u Burundi harimwo nuwitwa ngo nyenicubahiro PETERO NKURUNZIZA,kubera iki bohama abo muri FNL gusa? Mbega amaraso yabene Burundi yamenetse muri 59-62-72-88Ntega marangara nayandi yose ko ubwo butungane butayakurikirana?ariko uworaba abarundi babasivire biciwe ibuvyuko muri bubanza yosanga amaraso yabo adasa nayabo basoda ba FPR biyita abanyamurenge?ariko uworaba abarundi babasivire biciwe i BUVIRA muri RDC yosanga amaraso yabo atasaga nayabo basoda ba FPR biyita abanyamurenge,kuberako NKURUNZIZA PETERO ariko arotswa igitutu na KAGAME PAUL ati nkuriraho abarongozi bose ba FNL kuko aribo mbona bazohava bambza ivya NTARYAMIRA.Ukuri nikuje ahabona bareke gukumrana kuko naho izo ndongozi za FNL zose zofatwa ntihazoba hafashwe abafise ivyiyumviro bose vya FNL.Murakoze

  • Wowe wiyIta Iyumenya nabo bene wanyu, murasakuza ariko ntabwo muzi icyo muvuga. Abanyamurenge barapfuye kandi ababishe barabyivuguye ( FNL Sposkman). None murajijisha ngo mu nkambi ya Gatumba harimo abasirikare ba APR, muzabaze neza ntabwo abasirikare bacu baba munkambi, muzabaze intambara barwanye nizo batsinze uko zingana ( from 1981 in Uganda to 2001 in Zaire) mujye mwiga amateka bizabafasha kumemya ukuri, kuva Mugunga ya Goma, Kisangani ukagera Kinshasa, muzasome intambara uragamba rwa Pepa na Pweto hafi yumupaka wa Zambia, kajugujugu zararashwe, war tanks za Zimbabwe zirafatwa live, trucks full of ammo and heavy artillery zarafashwe, thousands and thousands of Kabila and Zimbabwe taken hostage in a matter of days. Ntabwo APR yarwana natwa FNL nkuko intare itarwana n’Imbeba. Period

  • Turasaba Leeta y Uburundi gutanguza ubu nyene amatohoza ku mpunzi z abahutu zagandaguriwe murikongo zishwe n igisoda c abanyamurenge,bafashijwe na benewabo.sinumva ingene abo bantu aribo bateye ikibazo leta gusumba ibihumbi n ibihumbi vy abarundi bagandaguriwe bunyamaswa i congo.abavuga ko nabo ko abanyagwanda batagwanye mu burundi,twe turazi ko twagwanye nabo kandi kuba turiho nuko bananiwe kudutsinda .

  • Wowe Bukuru watanga facts, time and place of combat yaho abanyarwanda barwaniye, niba wari kuri urwo rugamba? If not those are pure speculation and that does not hold ground. Period

  • iyo foto niyo muburundi ko jewe atamuhutu wumurundi nigezebona afise isura nkiyo ???/// muraraba ko atari umu nigeria

  • Uri GAHANGA wishwe niki?iyo uvuga ko FPR itarwana na FNL biboneka ko uri inyuma ya amateka yi intambara banza ubaze aba RPR baguye RUMANDARI uko bangana baje gufasha BUYOYA,iyo uvuze aho RPR yarwaniye uba uri gusetsa abantu none igitangaje niki kuba baraje kwihisha mu nkambi yimpuzi mugatumba.Kimwe wokwibuka nuko RPR yifuje gutera uburundi inshuro nyinshi ikabinanirwa .Gusa nkwibutse ko Abanyamurenge ari abantu nka bandi ntampamvu nimwe yo gufata umwanya kuribo kandi n’abarundi barapfuye ariko bikaboneka ko ari ubunyegeri,Gahanga mumagambo wanditse werekanye ubuswa bwawe kuko udashobora gukemurira ikibazo abakwitura.Niba wahisemo kunsubiza wari kugerageza kunyereka itandukaniro riri hagati y’amaraso y’abarundi n’abanyamurenge.urumuswa GAHANGA

  • Komera pastor wisiguye neza ko ubwicanyi budakwiye kubazwa FNL.Kandi bizwi ko mufise ubudahangagwa.Abanyamulenge baratwishe ikonngo ariko ubwo butungane ntaco bubivugaho.Mbeho,ko ntamunzi irekurewe kuba hafi yi gihugu yahunze?Ubwo l,etat yarihari irakwiye kubibazwa narirya tuziko yagiye ikongo gufasha abanya mulenge nakiryagihe vyaboneka ko bagomba kubaherekeza kugwana ikongo.

  • Wowe Iyumenya. ugaragaje uwo uriwe, ntugatukane niba uri umuhanga ( which i doubt), jyewe nemera ko abantu bose bapfyuye bakwiye kubona ubutabera, ubutungane nkuko mubivuga ( abarundi, abanyamurenge, n’abandi utavuga), kandi ujye wandika ibyo uzi niba uzi ubwenge, ingabo zitwa RPR ntabwo ari ingabo zu Rwanda, so better check your knowledge and scale up, niba udashobora kumenya uko ingabo zigihugu kiri kuri frontier yu Burundi uko zitwa its a sign of low level of understanding cyangwa ntabwo ujya usoma ibyo abahanga banditse just in less that 20 years back. ntabwo nirirwa nkubaza RUMANDARI ngo ni muri province yihe ya Congo kuko ntabyo wamenya.

  • jewe ntamajambo menshi mfise noshobora kuvuga kuriyinkuru kuko nayisomye kandi ndayitahuraneza ivyubudahangagwa vyiyarusha tanzania ntivyobuza ubutungane gukora akazi kabgo ahubgo ubutungane bgabonye ukuri aho kuri habimana yavuze nkumushingantahe yongera avuga nkicabona rero reka abarundi turindire dufatanye munda turindire itangazo ubutungane buzosohora inyuma yo kurenguka kwico cabona kitasanzwe arico pasteur babimana. thanks.

  • uyu muhimbiri wa mazuru wishe bene wacu

  • Bakubajije amajambo yose ko uguma wi basa kumacaakubiri??? Muri namacakubiri mwabahutu bakera mweee.........ngo worongora umutsi?? Ngo ntawe nshaka nawe ntiyokwemera usa na Lion kandi wakoze nkayo mukwica zirya Ntore za Banyamurenge Imana izogutobora iryozuru wagi fyera we

  • Nibahagarike kurenganya Habimana na Rwasa , Ubwicanyi bwarabaye tuirabuzi , ihonya bwoko ryagiriwe aba tutsi baba abanya murenge cance abo muburundi , eka n<abahutu baguye mumporerero muri genocide ya batutsi ya 1993 gushika nunomusi , yagizwe nabahutu ubu bahurikiye mumigambwe ya CNDD FDD na FNL , dukeneye Sentare mpuza makungu , bose bakubitwe intahe , Uhereye kuwuramutswa uburundi uno musi.

  • Ese kuber’iki urwo rubanza rwihutagizwa mbe ntabwoba? Abishe abarundi bararamye, ni gute abo bantu bari kwicwa ni nyeshamba za FNL igisoda cari gicunze iyo nkambi kitarashe canke ngo kigwane gituze abo bagwanyi? Ni mureke kwifatira abantu mugahanga Rwasa nta genocite ya koze, ese ni nde yokoroye indege yarimwo abakuru bibihugu babiri? Ni nde yishe president Ndadaye? Ninde yamatemye aratongora abahuu isinzi i kongo, ntega na marangara?, ni nde yishe abanyeshure bibuta? Ni nde yishe aba padiri na bapasteur? Ninde yishe aba FNL isinzi batabwa muri ruvubu? Ni vyinshi twovuga ariko tubirekere court d’opigno internatiEse kuber’iki urwo rubanza rwihutagizwa mbe ntabwoba? Abishe abarundi bararamye, ni gute abo bantu bari kwicwa ni nyeshamba za FNL igisoda cari gicunze iyo nkambi kitarashe canke ngo kigwane gituze abo bagwanyi? Ni mureke kwifatira abantu mugahanga Rwasa nta genocite ya koze, ese ni nde yokoroye indege yarimwo abakuru bibihugu babiri? Ni nde yishe president Ndadaye? Ninde yamatemye aratongora abahuu isinzi i kongo, ntega na marangara?, ni nde yishe abanyeshure bibuta? Ni nde yishe aba padiri na bapasteur? Ninde yishe aba FNL isinzi batabwa muri ruvubu? Ni vyinshi twovuga ariko tubirekere court d’opigno internatiEse kuber’iki urwo rubanza rwihutagizwa mbe ntabwoba? Abishe abarundi bararamye, ni gute abo bantu bari kwicwa ni nyeshamba za FNL igisoda cari gicunze iyo nkambi kitarashe canke ngo kigwane gituze abo bagwanyi? Ni mureke kwifatira abantu mugahanga Rwasa nta genocite ya koze, ese ni nde yokoroye indege yarimwo abakuru bibihugu babiri? Ni nde yishe president Ndadaye? Ninde yamatemye aratongora abahuu isinzi i kongo, ntega na marangara?, ni nde yishe abanyeshure bibuta? Ni nde yishe aba padiri na bapasteur? Ninde yishe aba FNL isinzi batabwa muri ruvubu? Ni vyinshi twovuga ariko tubirekere court d’opigno internatiEse kuber’iki urwo rubanza rwihutagizwa mbe ntabwoba? Abishe abarundi bararamye, ni gute abo bantu bari kwicwa ni nyeshamba za FNL igisoda cari gicunze iyo nkambi kitarashe canke ngo kigwane gituze abo bagwanyi? Ni mureke kwifatira abantu mugahanga Rwasa nta genocite ya koze, ese ni nde yokoroye indege yarimwo abakuru bibihugu babiri? Ni nde yishe president Ndadaye? Ninde yamatemye aratongora abahuu isinzi i kongo, ntega na marangara?, ni nde yishe abanyeshure bibuta? Ni nde yishe aba padiri na bapasteur? Ninde yishe aba FNL isinzi batabwa muri ruvubu? Ni vyinshi twovuga ariko tubirekere court d’opigno international.

  • Vyukuri ubutungane bwukuri ntiburaba ubwoko amadini intara n... Turasavye ubutungane ntibuhere hagati kugikorwa ca banyamulenge ahubwo basubire inyuma batunganirize kwanza abarundi babuze kuva 1965,1972 aho nanje ubwanje naburiye umwe mubavyeyi 1987 ntega na marangara 1994 Ndadaye, nigute Ntaryamira yogenda akagirire ese iyaba ari umunyagwanda bishikiye muburundi bibabimeze uku abarundi twihe agaciro, ahantu hahora ibirindiro vyigisirikare c’igihugu ubu hatogwa ibisigarira vyamagufa y’abantu bapfuye, i

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.