IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Umugambi w’ikibanza c’ahahozemwo isoko nkuru wamenyekanye

Bujumbura : Umugambi w’ikibanza c’ahahozemwo isoko nkuru wamenyekanye

vendredi 28 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’umwaka wose isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera, Reta y’Uburundi itegekanya kwubaka inyubaka nziza, izoba irimwo ibisata vyinshi vy’ubudandaji n’ingenzi, nk’uko vyavugiwe mu nama nshikiranganji ya Reta y’Uburundi.

Muri iyo nama nshikiranganji yakoranye kuri uwu wa 26 Ruhuhuma, umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibikorwa vya Reta yashikirije iyo nteguro, umupfasoni Viriginiya Ciza yavuze ko aho hahoze isoko nkuru ya Bujumbura imbere y’uko isha ku wa 27 Nzero umwaka w’2013, hagiye gushirwa inyubakwa iteye igomwe, izoba irimwo ihoteri ifise n’ivyumba 300, inyubakwa y’ubudandaji, banki, inyubakwa yo kwakira ingenzi, aho kwinonorera imitsi, ikibanza co guhagarika imiduga, n’ibindi bibanza bitandukanye.

Imbere y’aho, tukabamenyesha ko hari habaye inama ku wa 16 Ruhuhuma, yari irongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri, aho yakoranije bamwe mu bashikiranganji kugira bavugane ibijanye n’ico kibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yabonanye n’umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta n’ugutwara abantu n’ibintu, uw’intwaro ibereye, uw’ibidukikije n’ugutegura ibisagara, uw’ubudandaji hamwe n’abahinga kugira bigire hamwe ibijanye n’ico kibanza kimaze umwaka wose cugawe.

Inyuma yo guhanahana ibibazo kuri ico kibanza, abashikiranganji n’abahinga, bakaba bumvikanye ko ico kibanza c’aho hahoze isoko nkuru ya Bujumbura, hokwubakwa inyubakwa ya kijambere kandi nini, ishobora kuzogirirwamwo ubudandanji n’ibindi bikorwa bitandukanye, kandi iyo nyubakwa igashobora kuba ikurikije amategeko mpuzamakungu, mu kwirinda impanuka z’umucanwa giturumbuka.

Abo bahinga rero bakaba bamenyesha ko ivyuma vyokwubaka iyo nzu, vyoba ari ibikoresho bikomeye, kandi Reta ikaba iya mbere mu gushira umutahe mu bikorwa vyo kuyubaka, kuko imaze gutangura gukora, Reta y’Uburundi izohatorera akoyokwe mu kubombora ikigega c’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Komera hama uwhashaka ikibanza azobigenza gute?Nukumanza akaja kugira abonnementmiri DD nkabo mubutare nagataka canke?Ndabakundakuko mucibaza kwabarundi muzoguma mubabaesha igihe cose uko mubishatse kose!!

  • Ha,ha,ha,mbega inkuru iryoshe?asha uwo mugambi ndawukunze cane kandi ndawushigikiye!ahubwo nosaba Reta ko yowushira mungiro vuba ntibizogume munyandiko canke mumajambo!

  • ibi vyopfuma kwer kk bibone k rete yohatorer akoyoko nibabishir mungiro ningoga atabunyonyez bugiyemwo

  • Ukwo nukwiyamamaza kugira abarundi babone ko mwitayeho igihugu ,niko uwo mugambi wari mwiza nakare yari akamaramaza kubona irya ariyo yitwa isoko nkuru y’igihugu,ivyo ndazi ko bizotwar nk’imyaka 5 kuko ndazi muriki gihe aba DD barashakaamahera bazokoresha mu myiyamamazo y-amatora ya 2015.

  • Kwamatora yegereje murabivuga mubo muhenda munkuremwo.nakare numvango nimwe mwayituriye.aha muzotwemerera vyinshi,nabo tutariduherutse inoruguru turatangura kubabona.numvango niyondi vyarase koyuzura?nimuhende abomuha icupa naho jew wapi narabamenye

  • Hahahahaaa awe bategetsi biburundi murateye agatwengo!!!mbega mwomenyera imwe yo kuri COTEBU barayinjira abantu muri mu burundi??amatora aregereje imigambi myiza iratanguye kuboneka::none ko iyambere aribo bayituriye mbega abapoteje ivyabo boba barabibasubije??

  • Barongeye barariye jewe mfite amakuru ko zuma w’afrika yepfo ko ariwe yahaguze ngo akore bisinesi ubwo rero bashobora kurybaka bakaryitirira ko ari reta yaryubakishije.

  • Ivyo nivyo hamwe bigiye mungiro. None ko mutegura ama hotel yingenzi, mbega tweho abana bigihugu tuzohor dusumira hh ko mbona? Izongenz zizoz mugihugu kitagirmw abantu?

  • Nivyiza cane bigiye mungiro n,igihugu n, abanyagihugu ndetse n,amakungu vyoharonkera vyinshi. hanyuma abavuga bo ntibazoreka kuvuga.

  • Barundi barundi, mutapinga utawala mpaka lini? kama ni ivo mtabaki nyuma yama endeleo, wengine walio anzia kwenye madaraka kitugani waliofanyia inchi? aceni upumbafu aca wengine wafanye kazi , mdomo mdomo tu mwisho mtapinga hata mungu eti ni utawala!

  • ewe nyakubahwa PT ntako atagira .nuko abaheka neza bagasohora amaboko

  • Ndahojeje abahombeye muriyo soko ya bujumbura bavugango ikibi gitegura iciza murakoze kuwo mugambi mwiyumviriye.

  • Sha Leonidace,uhojeje ababuriye ivyabo murirya soko nkuru yabujumbura,ariko wibagiye k1,hakiri iyo reta ihari uyumusi abahomba ivyambo baracahomba eka nabarira baracarira pe!

  • bandanya mutera imbere.mbega iyo kuri cotebu yo gute?occupation ni ryari? critère d’eligibilité ni mpaka ikarata y’inkna?hemwe edourd araciye akenge YARAVUZE KO IMANA ARIYO YATUMYE ISHA KUGIRA HUBAKWE IYA KIJAMBERE.

  • nyabenda didier drogba.num- ni
    0728841462-nkaba ndumurundi ntega -kirundo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.