IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ishirahamwe ry’abashingwamanza b’Afrika biyemeje gushigikira Isidore (...)

Ishirahamwe ry’abashingwamanza b’Afrika biyemeje gushigikira Isidore Rufyikiri

mercredi 11 Ruheshi 2014

Harakwiye sentare ya Afrika ihana abakora inyuruzwa ry’ubutunzi bwa Afrika, bujanwa mu makungu kandi na Afrika ibukeneye. Ivyo bikaba vyafunditswe n’ishirahamwe rihuza abashingwamanza bo muri Afrika yose. Umushingamanza Isidore Rufyikiri nawe yosubizwa mu kazi kiwe, nk’uko babisavye.

Kuva ku magenekerezo ya 5 gushika kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi, mu gihugu ca Cameroun, mu gisagara ca Yaoundé harabereye inama yahuza abashingangwamanza bo muri Afrika bahurikiye mw’ishirahamwe "Union panafricaine des avocats" (UPA).
Icivugo nyamukuru c’iyo nama akaba ari "kurwanya inyuruzwa ry’ubutunzi bwo muri Afrika bujanwa hanze mu yandi makungu kandi Afrika ibukeneye.

Mu cigwa cakozwe n’ishirahamwe "Global Financial Integrity" mu mwaka w’2010, basanze amafranga yanyurujwe avanwa muri Afrika ajanwa mu yandi makungu agera ku miriyaridi 1008 z’amadorare y’abanyamerika zayo mafaranga basanze yibwa mu buryo butandukanye. Muri iyo nama bakaba basavye ko hobaho sentare ya Afrika ijejwe guhasha abakora ubwo busuma, ni nayo mpamvu hogira igikorwa kugira n’abayanyegeza bamenyekane.

Umushingwamanza Sinarinzi Gabriel amenyesha kandi ko mw’ikoraniro kaminuza ryakozwe n’abo bashingamanza kugira batore abagize urwego nshingwabikorwa, Uburundi bwaratowe kugira bube icegera c’umukuru atwara urwo rwego. Muri iyo nama nyene, baremeye gushiraho isandugu ifasha abashingwamanza bagize ingorane. Iyindi ngingo bafashe, nk’uko umushingamanza Sinarinzi abandanya abishikiriza, n’uko urwego rw’abashingamanza bo mu Burundi rwokwubahirizwa, umushingwamanza Isidore Rufyikiri agasubizwa mu kazi kiwe nk’uko amategeko abitegekanya.

Tubibutse ko umushingwamanza Isidore Rufyikiri yakuwe mu mabanga y’ukurongora urwego rw’abashingwamanza kw’igenekerezo rya 29 Nzero 2014.


Floxella Karire

Messages

  • AGARUTSE MUBASHINGWAMANZA BA AFIRIKA!!!!!!!!!! NAGIRA NGO YARAKWIYE KWITURA ABASHINGWAMANZA BIBULAYA!!!!!!!! HAHAHAHAHAHAHA URABABWIRA BAGUFASHE WITWARIRE LETA I LAHE KO MBONA MURI EYASE VYAKWANKIYE!!!!!!!!!!!! EMAMA NGO AGIRA AKUBITE KUDETA BUYOYA, EMAMA NGO AGIRA ABURABUZE UBUTEGETSI BWABAHUTU MUBURUNDI. ISIDORE NIWIGUMYE KANDI WIBUKAKO AMASE YAKERA ATAGIHOMA URUTARO.

  • ISIDORE RUFYIKIRI UMUNYAMACAKUBIRI, ATAROTA ABONA ABAHUTU!!!!!!!! UBANKA UBAKUNDA, BAZOKWEMARIKA MPAKA GUSHIKAHO UWOMUTWE UZOHINDUKA URUYENZI.

  • rufyikiri umuyobozi mubari barongoye SOJEDEM ba fatanije numu avoka pacelli ndikumana. uwuja kumbwira ico sojedem yarijejwe ndamuhera!!!!!!!

  • Kuburundi hoho muravyura akanyarigabo, ariko kugeza nunomusi sindumva umuny’Africa yigeze yunganira perezida wa Tanzania kuvyoyar i agiriye inama mugenziwiwe arongoye igihugu cu Rwanda ko yoganira nabobatavuga rumwe. Abanyafrica mugihe mukimezegurtyo hariho ikikibura. Ikindi komutarigera muvuganir’abanyarwanda birirwa barabaririra ahobari kw’Isi yose batakamba kandibashira ahabona ingorane bafise iwabo? Ariko ngomwiyemeje gushigikira ivyoroshe.

  • ndababwire ikintu, kuri bagaza hari abantu bize bincabwenge bigeze kwikorora ( kwiyahura ) kuri birya biro vya finanse!!!!!! Nikondikombona abatutsi bamwe karuhariwe mumacakubiri, nuwo adasigaye inyuma baziyahura inyuma yamatora ya 2015. turindire igihe kizobitwereka!!!!!!

  • mutama rufyikiri gerageza kwisuka kurabo bagabo, ariko sinzi kuzererwa canke ngoworoherwe!!!!! ngirango nawe ntiwarusha manasse yakomye induru, anakora munama nshingamateka ya eac ariko biba ivyubusa, none ubu acuritse umutwe hamwe nimbwebwe zo mwishamba!!!!!!!!!! none wewe ufise inguvu nki????????? turaguteye intege gerageza!!!!!!!!

  • wewe wiyita mama mbe ubwo ntiwoba uri muriwa murwi w abarundi bakoze ihonyabwoko mu rwanda????? amungane yose wandika ntuhwema kuvugira interahamwe!!!!!!!!!!!! none inkuru ya Rfykiri uyizanamo gute ivyabanyarwanda?????? aho ntiwihaye inyishu kukibazo uherutse kubaza ngo umuntu amenya interahamwe gute munyandiko?????

  • Mbega ivyo vy’ubuhutu vyo muvyadukanye gute? emwe mubona hafi pe! Rufyikiri aburanira abahutu n’abatutsi kandi turamwemera uno musi n’ejo.mubishaka mutabishaka azosubizwa mumabanga yiwe ejo canke hirya yejo, kuko ce regime qui l’en empeche est voue a la disparution. Dieu aime tellement le Burundi qu’il ne peut plus permettre qu’il soit gouverne par ces corrompus et incompetents qui font tant mal aux burundais, hutu, tutsi et twa confondus

  • Mbeg’uwo mugabo yananiye BUYOYA yibaza ngw’azonanira bose ?akind’agaramye yubama,avug’ayamuhe azoja gushingw’izomanza hanze atari mu Gihugu cacu twabiriy’indugumba pendant 13ans tukakigobotora muvyara vy’abamenja na mpema zuzuye, namwe muguma mumutukanira atanabazi, murazomusubizaho nimwashika au pouvoir atar’aho ni mwimoshe n’urwembe new ,uwatashe asa n’uriya munyagihugu mwirirwa mukiranira kukomwabuz’ico mukora ok Caoooo .

  • @Kobako, kunyise interahamwe biciyebinyerekako bidashoboka ko umuntu amenya interahamwe biciye mugusoma ivyanditse, umva ubwambere jewe kumvambayeho sinzi interahamwe ukwisa. Hanyuma wavuze ngo ndimumurwi wabarundi bakoze ihonyabwoko mu Rwanda? Kugusengera ndibazako ariyonyishu ibereye kuko ntahutaniye nuwafashe amafoto yimivyimba yabafiriye muntamba za M23 canke CNPP ya Nkunda Congo akayagiriza abarundi! nonenawe ngo ubwicanyi bwabereye murwanda ngobwakozwe na barundi!!!!??? Hanyuma nazanyemwo ivyurwanda kubera biryabijanye na Rufyikiri bavuzemwo ishirahamwe ryabashingwamaza b’Africa bavuze rero Africa nurwanda rubarurimwo urumvarero kutarikwiye kumbarirako nashizemwo ibitarivyanditwe nuyumwanditsi, ntakuntu abobashingwamaza bomuri Africa boseruka gutabara umuntumwe womugihugu kimwe kandi mwibibihugu bigize Africa harimwo ahibara ryaguye gusumbabere nongahamuburundi ntibagire icobavuga ariko kubera rero ari Rufyikiri umunyamacakubiri ruharwa abariwe acatuma Africa yose isidukana niyonka!?

  • Rwose uyu Mama azikwishyura nyine ukumva koyishyuye atuje cyanke agatanga igitekerezo cye atuje! kandi njyendikwibwira ko arumunyetorero y’Imana, Mungu akumbaliki Mama.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.