Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Jacques Bigirimana asaba Reta n’imigambwe kudasubira kwemera Richard Sezibera mu biganiro
Yanditswe taliki ya 7-01-2016 - isaha 21:12' na IGIHE

Umukuru w’umugambwe FNL Jacques Bigirimana asaba Reta n’imigambwe yose yemewe n’amategeko kutemera ko umunyamabanga mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko Richard Sezibera asubira gutumirwa nk’umuhagarikizi w’ibiganiro.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 7 Nzero 2016,Jacques Bigirimana yavuze ko Richard Sezibera yamye yerekana aho ahengamiye mu matati y’abarundi. Yavuze ko ivyo vyabonetse kuva imbere y’amatora mu biganiro vyahuje abarundi.

Muri ico kiganiro Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL yavuze ko bafise amakuru ko imbere y’uko ibiganiro vyabereye i Entebbe bitangura,abari mu murwi utavuga rumwe na Reta bahamaze iminsi baganira na Sezibera,ibitarekuwe kuko ategerezwa kwakira impande zose kugira bavugane.

Umukuru w’umugambwe FNL amenyesha ko abarundi bakwiye kumenya ko hagati y’Uburundi n’Urwanda ibintu bitameze neza,kandi ko Sezibera nk’intumwa yatumwe n’Urwanda kuyihagararira muri EAC ari umwe mu barongozi bakomeye mu mugambwe uri ku butegetsi mu gihugu c’Urwanda FPR.
Jacques Bigirimana asaba umuhuza akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni kudasubira gutumira Richard Sezibera,agasaba kandi umukuru w’inama y’ibihugu vya EAC kudasubira kurungika umunyamabanga wayo Richard Sezibera ngo ayiserukire.

Ivyiyumviro vyanyu

Imana niy yonyen yogutabr twes duhaguruk dusenger igihug cac

13.02.2016 à 21:07
Havyarimana osias

sha mwabarundimwe murambabaje ubwo bwicanyi mukora muzabubazwa mbega abayobozi !!!!!!!!!! ntaho mutandukaniye na let yabatabazi.

19.01.2016 à 23:06
munyuza

vyiza ntitugikeneye amajambo atabihaye birahinduka mugihugu mbe tuzoheza kuganira ryari ni munyishure bantu bimana

SEZIBERA n,umwana ataramubona aramuzi.ntaco yofasha abarundi kuko nawe ari mubatagombako u Burundi bubaho neza.yatanguye kuva kera guhengama.nabandanye ahengamiye iyo yamye.naho yogenda amenyeko atantererano yiwe abarundi bakeneye.

11.01.2016 à 11:47
Niyokindi Noella

Mbegasha wewe wanditse mwizina ryanje ryitwa’ None ? Ntasoni bigutera kurikoresha mukwubahuka kuvuga ukowishakiye uyumunyacubahiro J Bigirimana ?

10.01.2016 à 18:50
None ?

Aho ngo yatoye ubwenge bwo gusigura igituma bataja mu biganiro. UN’umwana arazi yuko ari ukubera ubwoba, ukutagira ijambo imbere y’abashingantahe. Ubu rero ikibazo cabaye Urwanda na Sezibera ? Birababaje kubona abantu bafise ce niveau de raisonnement aribo bashikana amajwi kure.

10.01.2016 à 15:13
Jacaques

Ubundi ni he wabonye inka ikamigwa amata ku mbwa so sad

Cheers

10.01.2016 à 00:30
umugenzi

Mbega uyu Bigirimana ibi ariko aravuga yiy’ addressing kuri leta y’u Burundi ! None uburundi dufise Leta. Mbere yociye avuga ngo aba rebellion twese tuje mubiganiro aho nari kumwumva kuko Nkurunziza is not our president ni terrorist , we are like hostages , none ninde wamutoye kiriya kijuju ? Dr Richard arasobanutse cane gwose azovyitabe cane kdi agire nijambo rifatika ivyemezo nkuyobora East africa, kandi muvyemezo bazofata bazoshiremo nibihano kumakosa yakorewe ! Naho ivyo kugira experience mubuhunzi we don’t care, all we want is to live peaceful without CNDD , without imipanga yaba DD kandi niyo twoja kuri front line murabizi ko twabatsinze ibihe vyose ! Mbega ubundi mwategetse he handi ? Muje huhinga nivyo muzi
Sindumuja

Cheers

10.01.2016 à 00:25
umugenzi

naho nakagendeye kweli sindabona ubwenge kweli uri umuplombier nagira nu kugutyoza ko wize plomberi nivyo

9.01.2016 à 21:45
none ?

Mu kirindi bavuga bati Urupfu n impfane birajana
Mbega murumva ivyo Jacque Bigirimana avuga Jewe ndavyita IBITERASONI
Dr Sezibera niwe ahagarariye EAC ubu relo vyabanaye kutunganya ivy Igihugu canyu aribwo Burundi none mugira mugwane na EAC Uwo Jacque Bigirimana
arerekanye aho ubwenge bwiwe bugera ashaka kuta mu rudubi abarundi

9.01.2016 à 17:00
Rose Hakizimana

Uwo ntawokwirirwa arata umwanya wiwe avuga kuvyamateshwa yiwe ,murundi inda yara musumvye avugira uwumuhaye ico arya

9.01.2016 à 16:10
Iribuka

Uwo ntawokwirirwa arata umwanya wiwe avuga kuvyamateshwa yiwe ,murundi inda yara musumvye avugira uwumuhaye ico arya

9.01.2016 à 16:08
Iribuka

kutavuga abarundi bicwa mugihugu ni richard sezibera ariko arabica ?sha jacq bigirimana niwinywere akayika otb niko waharaniye kundayawe ntamurundi uharanira wewe turakuzi kwizarikwishe

9.01.2016 à 15:09
ntajambo ryawe

Cheers aratwengeje kweri ! ngo CNDD izemera ibiganiro bageze mu makambi y’impunzi ! Mana dusenga, uri umurundi canke umunyamahanga ? Nibaza ko utavuze CNDD-FDD ! Naho woba wavuze CNDD-FDD, nagira ndakumenyeshe ko ubuhungiro butadutera ubwoba, twabubayemwo kandi n’ibwo bwatugize ico turi. 1965, 1972, 1988, 1991, 1993, 1994, 1994 mwaratwishe abasigaye turahunga ; none vyoba bikidutera ubwoba ? Igihugu tuzokwigwanira tukigwemwo kuko twaragitashe. Ubu hageze namwe muhunga nimba hari ico mwiyagiriza !

9.01.2016 à 08:24
NKUNDURWANDA

Iyo Njavyi !Nkaho Kavuz Iki ?Ahbwo Mwibaz Ko Muzomar Imyaka Ijana Mutwar ?Muribesha !Nanone Wow Ushats Woreka Guta Akanwa !Ufuse Inteb Zingahe Mu Gouvernement ?

9.01.2016 à 05:42
Kabura

Ese Reta ko itagomba kuganira na CNRED mwombarira hari indi opposition ? canke igomba iganire na Jacques Bigirimana(opposant) ? Ayo mananiza yaba DD ntibihende ko amakungu atayabona, barayamaze ngo utazi ubwenge ashima ubwiwe.

8.01.2016 à 22:38
kad

mbe mwambwira uyu mugabo yarize ? erega Richard sezibera niwe kizigenza muri EAC. ngira ntimuzi ico arico, wewe wokwimira umugabo murwiwe ? muteye ikigongwebasha.

8.01.2016 à 22:20
kad

Komera Bwana Jacques Weho Urazi Ukuri

8.01.2016 à 21:25
Kanuraburakeye

Dr Richard Sezibera ni Secretaire General wa EAC, niba mutamushaka nimusezere muri EAC. Kuvuga ibintu nk’ibi biteye isoni n’agashavu !

8.01.2016 à 16:05
Kalisa

Ariko Imana yaremye Bigirimana yarataye umwanya basi. Mbega Crispus yaje mu nama za ca kintu mwashiraho ko ataco amuvugako ? Abo bantu bafise coefficient d’encephalisation iri munsi y’iy’ibikoko. Mbega aho yavuga ngo " Un chef doit manger et faire manger ses amis " harya niho yerekanye ubushingantahe. Uburundi mu kurwa mw’isanganya bwavutsemwo injavyi nka Jacques Bigirimana. Sezibera ni intwari n’igitutu ciwe kiraruta Jacques Bigirimana. Aciye ubwenge, avugisha ukuri. Ararungika abapolisi bamukubite bamubuze kwinjira munama. Mbega aho Museveni yababarira ko batitorera vyaciye mu gutwi bisohokera mu kundi canke vyasanze azibiye ntivyinjira ? Emwe uburundi buracahanzwe !

8.01.2016 à 15:03
Irango
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.