IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kirundo : Umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI yumvirijwe mu (...)

Kirundo : Umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI yumvirijwe mu giporisi

samedi 3 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Faustin Kubwayo, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI mu ntara ya Kirundo yumvirijwe n’inyamiramabi yo muri iyo ntara kuri uwu wa gatanu. Uwo munyeporitike yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu.

Faustin Kubwayo asanzwe arongoye SAHWANYA FRODEBU NYAKURI ishami riyoboka Jean MINANI umukuru wa CNARED (Conseil National pour le Respect des Accords d’Arusha pour la paix et la Réconciliation au Burundi et de l’Etat de Droit) aheruka gukurwa mu burongozi bw’uwo mugambwe, agasubirizwa na Keffa NIBIZI.

JPEG - 56.3 ko
Faustin Kubwayo, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI mu ntara ya Kirundo

Umuryango wa Faustin Kubwayo ari mu munyororo umenyesha ko uwo mukuru w’umugambwe ahorwa ko yagumye ku ruhande rwa Jean MINANI arongoye CNARED, akaba mbere yaranse gukorana n’umugambwe uri ku butegetsi.

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI uheruka kwigabura mu mashami abiri, rimwe ryegereye ubutegetsi rirongowe na Keffa NIBIZI, hamwe n’irindi rirongowe na Jean MINANI, rikaba riri mu runani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


IGIHE

Messages

  • NTAKUNDI AREMERA APFIRIBANGA

  • Iryo nitoteza ririko rikorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi kuko ivyo bamwagiriza ntashingiro bifise kanatsinda umugambwe wacu nta ntambara y’inkoho urwana,turwanisha ivyiyumviro vyubaka,ababikora bamenyeko atamvura idahita kandi ukuri ni kumwe,Faustin niyihangane azorekurwa kuko ariko azira ivyiyumviro vyiwe vyubaka kandi akomere kuko iyo u rugamba rukomeye ruba rugiye kurangira,ikindi bapfunze Faustin ariko ntibapfunze ba Faustin kuko turi benshi,nihanishije kandi Mon collegue George .mukomere bariko batera igere ryanyuma.

  • UTAGIFU NTUCUNBA KANDI KIRAZIRA GUSHAKA AMATA UTAGIRINKA NABONEKURE AREKUBONA AHINBEREYIWE ABACU BAHERA RFODEBU IDAHARI NAMENYERERO ICATSINURURO

  • UTAGIFU NTUCUNBA KANDI KIRAZIRA GUSHAKA AMATA UTAGIRINKA NABONEKURE AREKUBONA AHINBEREYIWE ABACU BAHERA RFODEBU IDAHARI NAMENYERERO ICATSINURURO

  • Mwenewu Wihangane Imana Irakubona Nanje Ndengoye Nyakuru Mubwaragwe Mugabo Bihendera Ubusa Igiti Kirakurira Mubabaji

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.