Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ku myaka 56 ibohero rya Mpimba rimaze, ingorane ni nyinshi
Ku myaka 56 ibohero rya Mpimba rimaze, ingorane ni nyinshi
lundi 6 Nzero 2014
Ibohero rikuru rya Mpimba riri mu isagara ca Bujumbura ryubatswe mu mwaka w’1958, rikaba ryubatswe kugira rishobore kwakira abapfungwa batarenga amajana umunani, ariko muri iyi minsi, hakaba hapfungiwe abantu hafi y’2400 ni ukuvuga ibice 300 kw’ijana vy’abategerezwa kuhapfungirwa.
Nk’uko bishikirizwa n’umuyobozi w’iryo bohero Bruno Niyonzima, amenyesha ko kubona igitigiri cararenze cane, bituma haba ingorane zitari nke na cane cane ko inyubakwa ry’iryo bohero zishaje eka n’impome zirashaje. Ikindi akaba ari ingorane ziri mu nyubakwa y’abakenyezi, mu gihe hatagira amatara, iyindi ngorane ikaba ari mu gihe hari abantu benshi bamaze imyaka myinshi batarumvirizwa, akarorero, akaba ari ak’umutama wo mu ntara ya Muramvya, kuva mu mwaka w’1998 ari muri iryo bohero, kandi akaba atararenguka, nayo ibice hafi 75 kw’ijana vy’imanza zabo zoba zitarumvirizwa.

Ivy’abanyororo rero bamara imyaka myishi mw’ibohero batarumvirizwa, akaba aribo kenshi bama bashaka gutoroka bafashijwe n’abandi usanga baciriwe imanza zikomeye, nk’abagirizwa ubwicanyi, gufata abantu ku nguvu, guhungabanya umutekano, n’ibindi. Umukuru w’iryo bohero akaba asaba ko abantu bageze mu zabukuru bafise nk’imyaka igera kuri 70, canke abantu bafise indwara zidakira nka kanseri n’indwara y’igisukari ko botezurirwa bagataha.
Mu bindi bihugu rero biteye imbere nk’uko bishikirizwa na Bruno Niyonzima umufungwa amaze imyaka myinshi apfunzwe, akaba ataha afise ubumenyi butari buke, ariko mu Burundi akaba atariko bimeze. Muri kazoza rero, hakaba hariho umugambi wo gufasha abapfungwa kubigisha ibijanye n’ubuhinga ngurukana bumenyi, ariko bakaba bagikeneye ibintu vyinshi.
Ikindi kandi, abapfungwa naho baba bugaraniwe ahantu, barakeneye kumenya amakuru aba avugwa mu Burundi no mu makungu, bakaba barindiriye rero imboneshakure bemerewe n’umuhuza w’abarundi Muhamedi Rukara mu rugendo yagize muri iryo bohero. Abanyororo bakaba barima ibitoke, imboga, n’ibindi.

Aristide Nizigire
Messages
7 Nzero 2014, 18:13, par Rev.Jean Claude Nt
Vy’ukuri ibi bijanye n’amabohero mu gihugu cacu biteye agandakuko n’urukozasoni, Nibazako ahanini abahereye kera kugeza uyu musi baramutswa igihugu, ntibigera bicarira ikibazo c’amabohero nk’uko bikwiye! Kubwanje mere nka wawundi ngo;"Icongira Perezida" mbona amabohero y’arakwiye kwitabwaho, Imanza niba arizirementanya canke ar’ukuri zikabangutswa na canecaneko mbona abaramutswa basigaye ariho bafatira uturuhuko iyo basoje canke babogojwe ku mirimo, mbere n’abandi baba baragiriye akamaro igihugu. Jeho nciye ngira amakenga! Burya abo twagiye turabura irengero guhera 1962 ntiboba bakiiho? Ngirango kwa kuri twirirwa kuraririmbwa ko tugushaka, kunyegeje ha1iya. Mbega bigenda gute iyo umutegetsi asanzeyo uwo yahokerejeyo? Imana ihezagire Bruno n’abamufasha kuko atabariza igihugu ayoboye, abandi bisabira abaganzango;"Ganza sabwa, aho wanshize ni vyiza"!