IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Kurwanya igiturire bigeze kuntambwe iyihe mu Burundi?

Kurwanya igiturire bigeze kuntambwe iyihe mu Burundi?

mercredi 17 Nyakanga 2014

Mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo, PARCEM herekanywe icirwa cakozwe n’umuhinga mu bijanye n’amategeko Simon Nyanzira aho ico cirwa cerekana ivyakozwe n’inzego zijejwe kurwanya igiturire mu Burundi.

Inyuma y’imyaka 7 (2007-2013) iheze, hashizweho uburyo bwo kurwanya igiturire, vyari bikenewe gukubitiza amaso inyuma mu kuraba ivyahindutse n’intambwe Uburundi bugezeko mu kurwanya abarya ruswa. Arico catumye ishirahamwe PARCEM ritunganya iyo nama yabaye uno munsi, rigatumira umuhinga mu bijanye n’amategeko, Simon Nyanzira, akaba yasiguye ivyakozwe n’inzego zijejwe kurwanya igiturire nka brigade idasanzwe ijejwe kurwanya abanyonora amatungo ya Reta, Sentare nkuru ikukira sentare ijejwe kurwanya igiturire, Sentare ntahinyuzwa, sentare yubahiriza amatungo ya Reta, hamwe n’igisata c’igihugu kijejwe gukurikirana amatungo ya Reta, ingorane ivyo bisata vyose vyagiye birahura navyo.

Simon Nyanzira akavuga ko izo nzego zakoze uko zishoboye, kuko hakiri vyinshi vyo gukorwa na Reta y’Uburundi. Ingorane nyamukuru yashikirije akaba ari intambamyi zijanye n’amategeko agenga kurwanya igiturire, hamwe n’uburyo buke butangwa muri ico gisata co gutuza igiturire.

Akavuga ko Reta idatanze uburyo bukwiye muri Brigade idasanzwe ijejwe kurwanya igiturire, n’izindi nzego zisigaye zidashobora gukora neza, kuko iyo Brigade itegerezwa gukomera kugira haboneke intambwe ishemeye mur’ urwo rugamba biyemeje rwo kurwanya igiturire.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.