IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Moise Bucumi ariteguriye kwumvirizwa ku rupfu rwa Agnes Dury

Moise Bucumi ariteguriye kwumvirizwa ku rupfu rwa Agnes Dury

vendredi 27 Ruhuhuma 2015

Umushingamateka Moise Bucumi yahoze arongoye intara ya Ruyigi, ariteguriye kwumvirizwa n’umurwi uzova mu gihugu c’Ubufaransa, kw’igandagurwa rya Agnes Dury nk’uko bivugwa n’umushingwamanza wiwe.

Umushingamateka Moise Bucumi yahoze arongoye intara ya Ruyigi

Umushingwamanza Rodrigue Majambere avuga ko uwo asanzwe aburanira kuri urwo rubanza rwa Agnes Dury yiteguriye kwumvirizwa n’uwo murwi, ariko agasaba ko ukwo mu kwumvirizwa kw’uwo aburanira, n’umupfasoni Margarita Barankitse yoba ariho ari, kuko nawe amwagiriza ko ariwe yoba yakwiragije mu gihugu c’Ubufaransa ko Moise Bucumi azi integuro yo kugandagura uwo mufaransakazi. Uwo asanzwe aburanira uwo mushingamateka, akavuga ariko ko kugeza ubu atavyemezo bafise ko ari uwo mupfasoni yabivuze mu Bufaransa, ariko ko bavyikeka.

Naho biri uko, umushingamateka Moise Bucumi, abicishije k’uwumwunganira, bakaba barandikiye ubuserukizi bw’Ubufaransa i Bujumbura, basaba ako bohuzwa n’umupfasoni Barankitse Margarita asanzwe arongoye ikigo Shalom co mu Ruyigi, kugira bagirizanye. Umushingwamanza Majambere, akemeza ko uwo aburanira ari umwere, ko yiteguye ko kwumvirizwa kugira ivyo yikekwa bimuveko.

Umupfasoni Barankitse Margarita arongoye ikigo Shalom

Mwokwibukako uwo mufaransakazi yiciwe ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi mw’ijoro ry’uwa 31 Kigarama umwaka w’2007. Igihe yicwa, umushingamateka Moise Bucumi, akaba yari buramatari w’iyo ntara. Umuryango wa Agnes Dury ukababazwa n’uko kugeza ubu, atashaka riboneka mu kurondera abishe uwabo, yakora mw’ishirahamwe ryitaho abagendana umugera wa SIDA.


Aristide Nizigire

Messages

  • ewe burundi bwacuugeze aho umwansi ashaka ko maggy yasutenye rugurika ubu niwe agezweho ewe cndd.fdd ugeze habi nukuri urateye isoni jewe nibazako ata muntu numwe muri mwebwe afise ubwenge bukwiye kuko iyoba mufise ubwenge muba murondera ingene mwihora nayo ahandi nta nubwenge nkubwinkoko mufise murateye isoni , mbega ninde yobemera atarabo munganya ubwenge basha murabeshe mwarahinyutse ipuuuu jewe nibaza ko mwibaza ko muzokwamaho kubutegetsi basha murabesha ivyo mwakoze muzoteba muvyishura isi irazunguruka bhahhhaa

  • None arumwere, niyumvirizwe bihere. Uwo mupfasoni nawe, ko muvuga ko ata vyemezo mufise ko ariwe yavuze mu bufarasa ko Bucumi Moise ko ariwe azi integuro y’urwo rupfu, mwumva mutariko muramurenganya? Umushingamateka muzima arondera gukorera ku mwikeko. Ntamushingwamanza akorera ku makuru adafitiye ivyemezo.

  • Uwomukenyezu kuvahomboneye nawe yahinduriye bureau yiwe mumabaraba naba Pasifike yateye amakenga cane! kukontabwonarinziko amezegurtyo!?.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.