Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mpimba : Abakenyezi umunani bagiye kurekurwa
Mpimba : Abakenyezi umunani bagiye kurekurwa
mercredi 16 Ntwarante 2016, par
Umushikiranganji w’ubutungane abandanya agendera amabohero, akamenyesha ko ari mu ntumbero y’ugukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ikigongwe catanzwe n’umukuru w’igihugu ku banyororo bagera ku bihumbi bibiri.
Mu rugendo yagize kw’ibohero rikuru rya Mpimba kuri uwu wa kabiri, umushikiranganji Aimé Laurentine KANYANA yamenyesheje ko abagore umunani bo muri iryo bohero, hamwe n’abandi bagera kuri 60 bo mu yandi mabohero yo hagati mu gihugu aribo bagiye kurekurwa, muri iyo ngingo y’ikigongwe ku banyororo.

Iyo ngingo y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu ikaba iraba cane cane abanyororo barwaye ingwara zidakira canke bafise ubundi bumuga.
IGIHE
Messages
16 Ntwarante 2016, 13:26, par tari
Nimubarekure Bose atanumwe avuye kuko icobazira ntakindi ataruko biyamirije ikiringo3 c’umukuru wigihugu kitubahirije amategeko abandi nabo bapfunzwe bazira ko batari mukwaha kwaba dd nimubarekure atawo mutoranije kuko abakwiye kupfungwa murabazi genda mufate Abe aribo mushira mumunyororo
16 Ntwarante 2016, 17:27, par muheto
Urategetse nawe gebda ushire mungiro iryo tegeko utanze mbega ninde yabaroze.
16 Ntwarante 2016, 19:06, par nzitunga
Ntakigongwe ntaco atanze kuko iyagitanga yabarekura Bose,none abobarwaye wumva harahobaroye?Rwose nurupfu gusa.
16 Ntwarante 2016, 19:06, par nzitunga
Ntakigongwe ntaco atanze kuko iyagitanga yabarekura Bose,none abobarwaye wumva harahobaroye?Rwose nurupfu gusa.
16 Ntwarante 2016, 21:58, par eric ndayizeye
kuberiki muzorekura umunanigusa
17 Ntwarante 2016, 18:41, par Dumbuli
Mungu wangu mugabo Nkurunziza na Bucumi bagenda mu ishengero bagashima Imana baziko hari ibibondo by’inzirakarengane bihonera mu minyororo koko barangiza ngo Kagame aratugoye hoho ari twe twomaranye Imana idutabare
18 Ntwarante 2016, 14:30, par bwenge
Ariko burya natwe dutanga ivyiyumviro turebe neza aba bapfunzwe kuvyaha bakoze
mwe muvugako babarekura bose nuko atawakorewe icaha numwe muribo nuwishe ngo narekugwe,ukutiga biragatsindwa erega bararaba uburemere bwivyo bakoze.
18 Ntwarante 2016, 22:20, par Elias%
Ubarekuy,naceyinjira