IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mpimba : Uwundi munyororo bivugwa ko yankiwe kuja kwivuza yitavye (...)

Mpimba : Uwundi munyororo bivugwa ko yankiwe kuja kwivuza yitavye Imana

mercredi 11 Ruheshi 2014

Alexis Nimubona, yahora apfungiwe mw’ibohero rikuru rya MPIMBA yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri mu bitaro Prince Regent Charles. Umuryango wiwe umenyesha ko wari wasavye kuva kare ko yohabwa uruhusha rwo kuja kwivuza baramwankira, ari navyo vyoba vyatumye asezera isi, kuko yashikanwe kwa muganga yamaze kuremba.

Uwo munyororo yahora apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho bita "quartier mineur" yatanguye kuremba ku munsi wa gatanu. Yafashwe ayorwa amaraso, amakuru dukura aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba akavuga ko yahora arwaye umushishito n’umutima. Abanyororo bapfungiwe hamwe bavuga ko bagerageje kumutabariza ko yojanwa kwa muganga, n’umuryango wiwe urabisaba, ariko akaba yagiye guhabwa urwo ruhusha ku munsi w’Imana, inyuma y’iminsi itatu. Ashikanwe ku bitaro vyitiriwe Prince Regent Charles, yashizwe aho bavurira indembe, abaganga baragerageza kumuvura naho ataco vyamaze. Mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri akaba ariho umupfungwa Alexis Nimubona yitaba Imana.

Abanyororo bagenzi we, hamwe n’umuryango wiwe baranegura ingene Alexis Nimubona yasabiwe uruhusha rwo kuja kwivuza kare barumuha yamaze kuremba. Uwo yitavye Imana abaye uwugira kabiri mu kiringo c’amaze atatu gusa, akaba akurikiye Bienvenu Busuguru, nawe nyene umuryango wiwe ukavuga ko yankiwe kuja kwivuza hakiri kare ingwara y’igituntu yanduriye mu Mpimba.

Kuri ivyo vyagirizwa ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Mpimba ko buteba gutanga uruhusha ku banyororo bashaka kuja kwivuza, OPC1 Bruno Niyonzima, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba yakuwe n’ikinyamakuru IGIHE yamenyesheje ko azogira ico abivuzeko hanyuma.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.