IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rw’abanywanyi ba MSD rwasubiye guhabwa irindi sango

Urubanza rw’abanywanyi ba MSD rwasubiye guhabwa irindi sango

lundi 29 Kigarama 2014

Urwaruka rw’umugambwe MSD rwasubiye kurenguka muri sentare isubiramwo imanza y’i Bujumbura. Ugwo rubanza rukaba rwasubiye gusasa ku ncuro igira kane mw’ibohero rikuru rya mpimba.

Urubanza rw’urwaruka rwa MSD rwafatiwe ibihano, inyuma y’imishamirano yabaye hagati y’urwo rwaruka n’abaporisi, kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, gwasubiye kuburanishwa mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 29 Kigarama 2014.

Urwo rubanza rukaba rutamaze umwanya munini kuko ababuranira urwo rwaruka rwo muri MSD bibukije ko hari abashingwa manza ndetse nababuriranira urwo rwaruka batarerekwa ama dossiye, bongera bibutsa ko hari n’abasangiye urubanza nabo bari mu Mpimba ariko batigeze bamenyeshwa urubanza. Ugwo rubanza rukaba rwahawe irindi sango.

Tubibutse ko ababuranira ugwo rwaruka rwo muri MSD bari basavye mu ntahe y’icese yaheruka ko uwurongoye iyo ntahe yohindugwa, ivyo navyo bikaba vyashobotse kuko bazanye uwundi arongora iyo ntahe y’icese, uwo nawe aka yitwa Habimana Jean Claude.

Ariko mukamenya ko naho yari intahe y’icese, nta muntu numwe mubari baje gukurikirana urwo rubanza yemerewe kwinjira mw’ibohero rikuru rya mpimba kiretse abari mu mashirahamwe y’igenga, abamenyeshamakuru nabasanzwe baserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi.


Alida SABITEKA

Messages

  • Ninababanze bawunywe bibere isomo nabandi Ko kizirakikaziririzwa gufata umu polisi wigihugu arimumyambaro yigihugu afise nikoho yigihugu ukamufata ukamwambura umwambaro wigihugu ukamwicarika mwivu ntavyabaye ahobaribashatse gushirigihugu baciye kuba polisi nibobahagiye kukobaribashatse polisi bayishavuze mazenoneho ibarasemwo urufaya rwamasasu maze bice abantu majana namajana noneho igi polisi cigihugu ekambere nigihugu bivurwe mumakungu Ko vyakoze umuziro, ariko murabonye Ko urucira mukaso rugatwaranyoko, uwomugambwe numukuruwawo ntituzopfatubibagiwe! Ndasavye kandi aba polisi bigihugu cacu mugihe bazoza barisarisa nkakokagene muzoze murabakina nkukomwabikoze kwuryamusi ndazikomufise amayeri 47 arikontimuzoze muribagirwa ryayeri ryokubarasa kurituryatuboko bababamanitse kukobacabicara abandibarihafi bakazakumukikuza abarikure bagatangura kwiruka bavuganyo baratumaze batwica! Kumbe ntanumwe yafuye. Mboneyeho nogukomezanshimira Alexs Sinduhije yeretse urworwaruka kobatiganye kugezanunomusi ntibazi inzirayaciyemwo kugira yigire Bulaya gukurimiranirayo ivyurworwaruka rurimugihome! Rwaruka muritondera abobantu bashaka kubakoresha kugirabashikire ahobashaka! Kukokugezuba babonayuko mufisinvumvu arikomutagirubwenge kukobabahenda ngoja.wibarabara mikemera kubwinyunguzabo!.

  • Nimwihagane hasigaye amazi 5 mwitahire muhira twongere,tubabike umudari wokutahemukira igihugu nonkwanka akareganyo numugayo komeraaaaaa

  • Imana ira babona ntimu tinye ubugabo burihabwa. muzotaha na Mandela yarabayeyo imwaka 27 years hama arataha. kandi icoyaharanira cari cabonetse. Uwufunze siwa afungura.

  • Bazobahane,kirazira gusuzugura inzego z’igihugu.

  • ariko uburundi hazogerah ubutungane bwigenga?iyumvir kwanka urundi rwaruka ruja gushigikira urundi kand ataho vyandits mur costitutio yuburundi cnk mumategeko agenga umwuga wubucamanza ntaho vyanditse ko atamunt yimirirwa kuja kushigikira uwundi .twihweje ubury bwakoreshejw kugipolis mama bazibira abant baje gushigikira urwo rwaruka ararenze umus umwe intahe izofata ijambo kahis kaziyishuriza .

  • je icombona nibarindire amatora aher sndd itsinze bazovay kuko ibi biva,kubwoba kugira ntihagir uwuzaravuga kahamw itotogwa bazokugwayo nabandi

  • wewe Nuwera uwogucishayo nawe ukumviriza aho wifuriza abandi wibaza wew kutaru mu rundi uvamaraso nkabandi sha vuga make wwe uri zeze nyokwanyu

  • Ababishoboye bohanura Sinduhije Alexis kuko araruhishije urwaruka kweli. Abo aheruka kwigishiriza mu buganda ivyo kugumuka baramurya ingodo birabire hirya! Abari mu mpimba ariko abafasha iki ko yabataye mu kaga? Urya tuzi yotwara igihugu? Nazeruke!

  • Igitangaje! Abarundi benshi bazogwara estomac canke bapfe kare kuko bishinga kugira imitwaro abandi aho kuraba icobatunga. Barara badasinziriye aho kwiyumvira iyo bakura igitunga imiryango yabo biyumvira hafi bose politique. Nabatize basigaye babica bigacika. None yoba ari inzara ibajana kwiyahurira muri ba bikovongo bazi neza territoire yose yuburundi, bazi kugwana cane namakungu yemera? Nibara nukuri. Ivyo bavuga ntanuwobisubiramwo. Mama wanje ngo itogwa rya Petero NKURUNZIZA, e mama ngwibi na biriya....Abarundi sibo bitorera ubwa mbere uwuzobarongora, nuguhezagira gusa uwo Imana iba yashimye ko arongora abandi! Imana ni yamugomwa ga yemwe ninde azoyivuguruza? Tuzokoma amashi abatayemera bakoreshwa na gwuba gwa bigata babandanye batera igere ariko nta na kimwe bazoshikako abarundi baraciye ubwenge. Sociétés civiles zimwezimwe, amaradiyo amwamwe, ....nibaze baravuga ibihumuriza abarundi aho kuguma babaca intege bibereye ku kivi. Nsavye umuhutu naho atavyemera ababizi turabizi yitwa Pacifique Nininahazwe ko rirya jwi ryiwe rirongorotse(ico ndacemera ko ijwi ryiwe ari bien kweli) aho kurikoresha mu kugumura abarundi, mu guturira igihugu camwibarutse yorikoresha mu kwubaka igihugu. Emwe, abarundi boryumva ningoga kuko ubu bareka kuryumva kuko ricira umuriro, riteranya abonse rimwe. Amahera wararonse ntakuguma usega amakungu mu gutoba igihugu cakwibarutse Pacifique. Nukuri ndagukunda kandi iyo nimpanuro nguhaye kuko uzokura igitosi kiri mu maso ya barya wirigwa uracafuza ubanje kwitosora sinon nukuri wewe ntiwera kandi nta rubanza nguciriye ndagukurikira cane iryucisha ku maradiyo. Rondera ubwami bwijuru bigishoboka! Urya mwanya umarira kuvyisi wumarire kuri bible sha uze wirabire impera yawe. Barya uvuga barasenga si abapagani nkawe nukuri sorry kubikubwira. Iyuriko urtyoza umukuru wigihugu agutwara urantangaza! Pole sana aracagutwara nta kundi urigumya sinon wosara! Urya ko yasizwe amavuta kandi yatowe n’Imana ga mwana wa mama! Je unkundiye nzoguha mon numero undondere nkubwire kuko wewe turazinanyi bien kiretse ko ntari un politicien comme toi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.