IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abahoze ku rugamba basabwa kwitunganiriza imigambi ya kazoza

Abahoze ku rugamba basabwa kwitunganiriza imigambi ya kazoza

jeudi 13 Munyonyo 2014

Mu gihe havugwa vyinshi, ku bahoze ku rugamba, inyigisho z’iminsi ibiri, nizo zatunganijwe mu ntumbere yo guhanahana ivyiyumviro kugira amabi yose ntiyame aribo yagirizwa.

Mu kiganiro uwurongoye RADACODIBU (Réseau d’Action Paisible des Anciens Combattants pour le Developpement Integré de tous au Burundi) yahaye ikinyamakuru IGIHE, Ficard Ndayimirije yamenyesheje ko uruganda bagize rwari mu ntumbero yo kwambura ishusho mbi abahoze bari ku rugamba, mu gihe abo bahoze ku rugamba bakunze kwagirizwa amakosa yose akorwa, yaba kwagirizwa ko bari mu bamwe bagenda bambaye ibikoti, canke mu basuma biba imihana n’ibindi.

JPEG - 124.7 ko
Uwurongoye RADACODIBU (Réseau d’Action Paisible des Anciens Combattants pour le Developpement Integré de tous au Burundi) Ficard Ndayimirije

Urwo ruganda rero rukaba rwatumye abahoze ku rugmba bigishwa uko boba aba mbere mu gutsimbataza amahoro aho bari, na cane cane muri ibi bihe vy’amatora Uburundi bwimirije. Ficard Ndayimirije akaba asaba abasanzwe bafasha, guterera agacumu k’ubumwe kugira ibikorwa vy’urwo ruganda rwabaye, bize bishobore n’ugushika mu ntara zose.

Mukamenya ko inama nshingamateka yimirije kuzotora amategeko yofasha abahoze ku rugamba gushobora kubaho neza, co kimwe n’abamugariye ku rugamba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.