Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abahoze ku rugamba basabwa kwitunganiriza imigambi ya kazoza
Abahoze ku rugamba basabwa kwitunganiriza imigambi ya kazoza
jeudi 13 Munyonyo 2014
Mu gihe havugwa vyinshi, ku bahoze ku rugamba, inyigisho z’iminsi ibiri, nizo zatunganijwe mu ntumbere yo guhanahana ivyiyumviro kugira amabi yose ntiyame aribo yagirizwa.
Mu kiganiro uwurongoye RADACODIBU (Réseau d’Action Paisible des Anciens Combattants pour le Developpement Integré de tous au Burundi) yahaye ikinyamakuru IGIHE, Ficard Ndayimirije yamenyesheje ko uruganda bagize rwari mu ntumbero yo kwambura ishusho mbi abahoze bari ku rugamba, mu gihe abo bahoze ku rugamba bakunze kwagirizwa amakosa yose akorwa, yaba kwagirizwa ko bari mu bamwe bagenda bambaye ibikoti, canke mu basuma biba imihana n’ibindi.
- Uwurongoye RADACODIBU (Réseau d’Action Paisible des Anciens Combattants pour le Developpement Integré de tous au Burundi) Ficard Ndayimirije
Urwo ruganda rero rukaba rwatumye abahoze ku rugmba bigishwa uko boba aba mbere mu gutsimbataza amahoro aho bari, na cane cane muri ibi bihe vy’amatora Uburundi bwimirije. Ficard Ndayimirije akaba asaba abasanzwe bafasha, guterera agacumu k’ubumwe kugira ibikorwa vy’urwo ruganda rwabaye, bize bishobore n’ugushika mu ntara zose.
Mukamenya ko inama nshingamateka yimirije kuzotora amategeko yofasha abahoze ku rugamba gushobora kubaho neza, co kimwe n’abamugariye ku rugamba.
Aristide Nizigire