IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mu runani FORSC basaba ko Mamert Sabushimike yorekurwa

Mu runani FORSC basaba ko Mamert Sabushimike yorekurwa

mercredi 22 Nzero 2014

Umukuru w’ishirahamwe ry’abiyemeje gukingira ibidukikije "Les Amis de la Nature" yarahagaritswe ku munsi wa mbere, mu gihe yari aho asanzwe akorera ku murwa mukuru wa komine Vyanda, intara ya Bururi. Mamert Sabushimike yafashwe n’uwurongoye igiporisi muri komine Vyanda, aca ajanwa gupfungwa.

Ku mutahe wo kumuhagarika, hari handitse ko yagirizwa ukugumuka. Uwo ajejwe igiporisi muri komine Vyanda yaciye amurungika ku mukuru w’igiporisi ku rwego rw’intara na buramatari w’intara ya Bururi, ari nabo bari bategetse ko yohagarikwa. Sabushimike Mamert hamwe n’umuryango wiwe bamenyesha ko yafashwe bidaciye mu mategeko, kuko umutahe bakoresheje mu kumuhagarika (avis de recherche) bawurungikira abanse kwitaba ubutungane gusa (refus de comparaître après convocation). Bamenyesha kandi ko Sabushimike Mamert arongoye ishirahamwe "Les Amis de la Nature" yoba ariko ahorwa ko yajanye abamenyeshamakuru, ku munsi wa gatandatu w’indwi twaraye turangije, mw’ishamba cimeza rya Vyanda, kugira abereke ingene iryo shamba ririko riratituka, kandi ribangamiwe n’abarimamwo urumogi, hamwe n’ibiti biriko biracibwa. Amakuru atangwa kandi yemezwa n’umuryango wa Mamert Sabushimike, n’uko ukwo kwereka abo bamenyeshamakuru ibikorerwa mw’ishamba cimeza rya Vyanda arivyo Mamert Sabushimike ariko arazira, ivyo bakavyemeza bisunze ko n’umutahe wo kumuhagarika wasohotse uwo munsi nyene kuwa gatandatu.

JPEG - 39.1 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Mu runani FORSC ( Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bariyamiriza ihagarikwa n’ipfungwa rya Mamert Sabushimike. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC amenyesha ko icaha Mamert Sabushimike yagirizwa co kugumuka (rébellion) gifata umuntu wese yanse canke ahakanye ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’ubutungane, canke y’intwaro, Mamert Sabushimike nawe akaba ata tegeko canke ingingo n’imwe yagararije. Na Vital Nshimirimana arongoye FORSC amenyesha ko Mamert Sabushimike ahorwa kuba yarashize ahabona ibikorwa bitari vyiza biriko bikorerwa mw’ishamba cimeza rya Vyanda, agasaba ko yorekurwa, kandi ahabwe indishi y’akababaro y’iminsi amaze mw’ibohero ahorwa icaha kitagira ifatiro.


Egide Nduwimana

Messages

  • uyu nuko azwi nahubundi baba bamaze kumutera ibisu umubiri wose. twizereko batazavugango yatorotse ibohero aca aburirwa irengero.

  • Ese ubundi ko ibidukikije tubikeneye twese ni iyihe nyungu yo gupfunga uwusavye ko vyokingirwa? Kumupfunga jewe ndabifata kwari nkukudakunda ubuzima bwabo n’ubw’abandi. Barabe bikebuke bamurekure kuko arera.

  • Uyomushingahe Baramurenganya Nibamurekure Kuko Yakoze Igikorwa Gikomeye Cane Ahubwo Yarakwiye Agashimwe Ataruko Naho Catubonako Abategetsi Babifisemwo Uruhara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.