IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Abanyeshure bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu bagumijwe mu (...)

Muramvya : Abanyeshure bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu bagumijwe mu munyororo

lundi 13 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare y’i Muramvya yafashe ingingo ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, yo kugumiza mu munyororo abanyeshure batanu bo kw’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Muramvya.

Abo banyeshure bose uko ari batanu bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu, bakaba bagiye kubandanya baburana bava mw’ibohero rya Muramvya aho bapfungiwe.

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yaheruka kumenyesha ko yatanguje dosiye y’amatohoza ku banyeshure bo ku mashure yisumbuye atatu yo mu ntara ya Muramvya, bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu. Batandatu bakiri abana (Mineurs) muri cumi n’umwe bagirizwa ico caha, barahawe umwidegemvyo w’agateganyo, hasigara hapfunzwe batanu bakwije imyaka y’ugukurikiranwa n’ubutungane (Majeurs).

Abo banyeshure bagirizwa ko aribo bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu vy’ishure shingiro abo banyeshure bigiramwo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.