IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Murembwe : Abanyororo 13 barekuwe

Murembwe : Abanyororo 13 barekuwe

samedi 1er Munyonyo 2014

Abanyororo 13 bahora bapfungiwe mw’ibohero ryo ku Murembwe mu Rumonge barekuwe n’ingingo y’umukuru w’igihugu yo kugabanya ibitigiri vy’umurengera vy’abanyororo bapfungiwe mu mabohero atandukanye. Abo barekuwe kuri wa gatandatu bagizwe na 10 barwaye ingwara zidakira, hamwe na batatu barwaye mu mutwe.

Amakuru dukura mw’ibohero ryo ku Murembwe mu Rumonge, kandi akemezwa n’umuyobozi w’iryo bohero, avuga ko hafashwe ingingo yo gutezurira abanyororo barwaye mu mutwe, n’abarwaye ingwara zidakira bahora bapfungiwe mw’ibohero rya Rumonge, aho bita ku Murembwe. Iyo ngingo yo kurekura abo banyororo yakoze ku bamaze guciribwa imanza batagikurikiranwa n’ubutungane, akaba ari mu ntumbero yo kugabanya ibitigiri vy’umurengera vy’abanyororo bapfungiwe mu mabohero atandukanye, nk’uko biri mu ngingo y’umukuru w’igihugu y’ikigongwe ku banyororo barwaye ingwara zidakira n’abageze muza bukuru.

Mu gihe bamwe muri abo banyororo barekuwe basanzwe bava mu ntara za kure, bakaba batagira ingene biyunguruza, umuyobozi w’ibohero rya Rumonge, Paul Mirerekano amenyesha ko ubushikiranganji bw’ubutungane budategekanya uburyo bwo kwunguruza abanyororo barekuwe, ahubwo agasaba abagira neza, nk’ishirahamwe APRODH ko boterera mu kwunguruza abo banyororo.

Ku kibazo c’ingene abo banyororo barekuwe barwaye mu mutwe bazoshika mu mihana iwabo, Paul Mirerekano, umuyobozi w’ibohero rya Rumonge yatumenyesheje ko badashobora kubarungika hatabonetse umuntu wo mu miryango y’abo abakira.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.