Muyinga : Umugabo yagirijwe gucuruza abantu yahanishijwe umunyororo w’imyaka cumi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 27 Mukakaro 2016 saa 09:37
Yasomwe : 14958
0 0

Sentare nkuru y’i Muyinga yahanishije umunyororo w’imyaka cumi umugabo yagiriwe n’icaha c’ugucuruza abantu. Umunyororo w’imyaka ibiri n’amezi atandatu nawo wahawe Adidja MINANI, umugore nyina w’umwana w’umwigeme yari yagurishijwe.
Uwo yagiriwe n’icaha c’ukugurisha abantu ni Rachid NDIKUMANA avuka muri komine Kabezi, intara ya Bujumbura. Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muyinga yagirije uwo mugabo ko mu kwezi gatandatu uwu mwaka yaguze umwana w’umwigeme w’imyaka 13 muri komine ya Muyinga. (...)

Sentare nkuru y’i Muyinga yahanishije umunyororo w’imyaka cumi umugabo yagiriwe n’icaha c’ugucuruza abantu. Umunyororo w’imyaka ibiri n’amezi atandatu nawo wahawe Adidja MINANI, umugore nyina w’umwana w’umwigeme yari yagurishijwe.

Uwo yagiriwe n’icaha c’ukugurisha abantu ni Rachid NDIKUMANA avuka muri komine Kabezi, intara ya Bujumbura. Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muyinga yagirije uwo mugabo ko mu kwezi gatandatu uwu mwaka yaguze umwana w’umwigeme w’imyaka 13 muri komine ya Muyinga. Mu kugura uwo mwana, yavuze ko agiye kumwigishigisha ururimi rw’ikorowani, ahandi naho akavuga ko agiye kwubakana nawe.

Uwo mwana w’umwigeme yari yaguzwe ibihumbi mirongo itatu vy’amarundi yahawe nyina amuvyara, akaba yafatiwe i Ngozi, mu gihe yariko ajanwa i Bujumbura n’uwo Rachid NDIKUMANA.

Mu matohoza y’umushikirizamanza, uwo yari yaguze uwo mwana yari yumvikanye na nyina ko azomuha ibihumbi iajana na mirongo itanu, ariko aba aramuha ivyo bihumbi mirongo itatu, kugira ayasigaye azoyazane hanyuma. Se w’umwana nawe yahawe ibihumbi cumi muri ivyo mirongo itatu, ariko akaba yasiguye ko atarazi umugambi nyina w’uwo mwana yateguye hamwe n’uwo yamuguze. Uwo se w’umwana akaba yambitswe izera.


Kumenyekanisha

1
Jean Bosco 27-07-2016 à 21:15

None Uwomwana Avuka Mwizone Iyi Umutumba Uwuhe? Se Nawe Bamwitangwiki

2
July 27-07-2016 à 14:58

Vyose birikobirava kukubera harabarundi barimubihugu vyohanze bagiyeyo maze bakaba bafasha imiryango yabo ivyorero bituma uwumvise kunwanawiwe agombagutwarwa hanze kwagiye kumera nkabo birirwa barafasha imiryangoyabo bibereye hanze .
Ico abarundi bakwiyekumenya nuko kujahanze bitemewe nareta canke kubaba arimpunzi bagafashwa na HCR ibitarivyo ubugiye kubona ishano. Hanyuma hariho nababikorera imiryango ariko nubundi harimpamuro zica muri reta kugirazemeze icuwomuntu agiye gukora hanzeyigihugu, gezaho kubesha nokubeshwa.

3
Muyahudi 27-07-2016 à 11:14

Ndinginze Reta Yuburundi Ihagurukire Kugwanya Iryobara Ryabobantu Bakora Urudandazwa Rwabantu! Emw Ndabona Turimubih Vyanyuma! Mana Tabara Inosiyaw Igezahanyerera.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha