IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi : Umucamanza yasabiwe umunyororo w’imyaka itanu

Ngozi : Umucamanza yasabiwe umunyororo w’imyaka itanu

jeudi 7 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu rubanza rw’ikibiriraho rwumvirijwe kuri uwu wa gatatu, umucamanza Ildephonse NDIKUMWAMI wo kuri sentare nkuru ya Kirundo yasabiwe umunyororo w’imyaka itanu hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi. Ingingo izoba yafashwe na sentare izomenyekana mu minsi icumi.

Uwo mucamanza yafashwe mu ndwi iheze, akaba yategerewe ariko arataha. Amakuru dukura aho mu ntara ya Kirundo avuga ko uwo mucamanza yafatanwe inzandiko zidateyeko umukono (tracts) zanditseko amajambo y’ugutuka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ayo makuru nyene akavuga ko hari n’izindi nzandiko yoba yari yamaze gukwiragiza mu mihingo itandukanye igize umurwa mukuru w’intara ya Kirundo, ariko akaba yamirira kure ivyo yagirizwa.

Agifatwa yaciye ajanwa gupfungirwa mu gasho ka parake y’intara ya Kirundo, mu nyuma akaba yaciye yungururizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, aho apfungiwe yagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.