IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Nyakabiga : Ishavu riraniga ku badandaza

Nyakabiga : Ishavu riraniga ku badandaza

lundi 22 Ruheshi 2015

Agasoko ka Nyakabiga ntigakora neza bivanye n’uko atabantu bakwiriye baza kuhasumira, ariko abadandaza barafise icizere ko mu minsi kazosubira kurema nk’uko vyahora.

Kuva imyiyerekano itanguye mu gisagara ca Bujumbura yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, uretse ko n’izindi zimwe zimwe zo mu gisagara ca Bujumbura zitarema neza, iyo mu Nyakabiga nayo yarahuye n’ingorane zo kubura yaba abahashorera ibifungurwa bikwiye, ndetse n’abahasumira. Ako gasoko ka Nyakabiga gaherereye munsi ya kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga, abadandaza bo muriko baremeza ko hari ingorane nyinshi zituruka ku kubura abasumyi kuko benshi mu bahaba bimukiye ahadakunze kubera imyiyerekano, abandi barahungiye kure.

Domitien Ndabambarire n’umushonyi w’impuzu w’aho mu Nyakabiga, avuga ko abadandaza bake basigaye bagerageza kwanda ibidandazwa vyabo ariko ntabaguzi baronka. Domitien Ndabambarire avuga ko kugira isoko isubire ireme uko yahora, abanyeporitike bategerezwa kubanza bakumvikana, ingorane zihari zigatorerwa umuti.
Ariko naho biri uko, avuga ko abakozi ba komine bo, badasiba kuza gusaba ikori rya komine, abo nabo akavuga ko bisa naho baba baje kubakora mu nkovu. Cecile Nahimana nawe, ni umudandaza w’ibifungurwa, avuga ko amaze imisi itatu ataronka n’uwuza ku mubaza ibiciro vy’ivyo adandaza, ivyo bikaba bica intege abandandaza ndetse ibiciro vy’ivyo bidandazwa bikaba vyaranaduze.


Alain Kubwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.