Accueil > Amakuru > Ubudandaji > OBR igiye kurwiza inyigisho ku kamaro ko gutanga ikori
OBR igiye kurwiza inyigisho ku kamaro ko gutanga ikori
samedi 22 Ruhuhuma 2014
Mu kigo OBR (Office Burundaises des Recettes) barashima ko kuva aho batanguriye gukoresha ubuhinga bwa none vyatumye amafaranga y’ikori yinjira agwizwa na gatatu kuva mu mwaka w’2009, ivyo bikaba vyavuye kandi ku bikorwa vyo kwigisha akamaro ko gutanga amakori, hamwe n’ingingo bafashe yo gutunganiriza ababitura mu buryo bunyaruka.

Ku munsi w’ejo kuwa gatanu, ikigo OBR carifatanije n’isi yose mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amakori. Muri ico kigo bamenyesha ko bahimbaje uwo munsi bamaze gutera intambwe mu bikorwa vyo kumenyekanisha ingene bakora, hamwe n’ukurwiza ibibanza bitangirwamwo amakori, kugira bapfunyirize urugendo abahora barinda gushika i Bujumbura. Nk’uko vyashikirijwe na Domitien Ndihokubwayo, icegera c’umuyobozi mukuru w’ikigo OBR, ugukoresha ubuhinga bwa none vyatumye abatanga amakori bamenya amakuru yose baba bakeneye umwanya uwariwo wose.
Mu ntumbero yo kurwanya abacisha ibidandazwa mu kinyegero batarishe amakori, mu kigo OBR bamenyesha ko bagiye kurwiza inyigisho ku badandaza, ku bijanye n’akamaro ko kuriha ikori risanzwe ariryo rifasha mw’iterambere ry’igihugu.

Egide Nduwimana
Messages
23 Ruhuhuma 2014, 09:36, par Ngangura
OBR n’ifutwe nt’akamaro imariye abanyagihugu bo ben’igihugu.Amahera atozwa ntitumenya iyaja.Gezaho gusahura
28 Ruhuhuma 2014, 22:03, par Kabizi
Imbere yo gukwiragiza izo nyigisho ni babanze bamenye ayo batoje iyo aja hanyuma babone kudusigurira ivyo bariko badedemba!