IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > OLUCOME : "Petero Karaveri Mbonimpa umuvyeyi w’abacinyizwa"

OLUCOME : "Petero Karaveri Mbonimpa umuvyeyi w’abacinyizwa"

jeudi 22 Rusama 2014

Mw’ishirahamwe OLUCOME bariyamiriza ifungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, aho bemeza ko naho hazohera imyaka ijana ubutegetsi n’ubutungane bw’Uburundi butazigera buronka ivyemezo ku vyo Petero Mbonimpa yagirizwa.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uno wa kane igenekerezo rya 22 Rusama, ryitiriwe ‘’Petero Karaveri Mbonimpa umuvyeyi w’abacinyizwa’’, mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko Petero Karaveri Mbonimpa afunzwe hadakwirikije amategeko, bakibutsa ivyo Petero Mbonimpa yashize ahabona muri kahise. Aha muri iryo tangazo, bavuga ubwicanyi bwahitanya abantu barenga 30 i Muyinga mu mwaka w’2006, muri uwo mwaka nyene yaradomyeko urotoke ku bwicanyi bwakorewe abanyororo bari mu gasho ka komine Kinama i Bujumbura ubwicanyi bwemejwe n’ubutungane nk’uko Gabriel Rufyiri abandanya abimenyesha.

Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Gabriel Rufyiri avuga ko Petero Karaveri Mbonimpa yama ariko afasha mu bintu bitandukanye, avuga kandi ko n’igihe abategetsi batwara igihugu bari mw’ishamba babafungira mu bibanza bitazwi, yarakora ibishoboka vyose abasanga mu busho butarekuwe n’amategeko, abavugira, abarwanira ariko impembo bamuhaye niyo kumucinyiza, kumusuzuguza, ibintu bitanakorerwa n’abakoze ivyaha vyo mu ntambara canke ivyaha vy’ihonyabwoko, nk’uko Gabriel Rufyiri abandanya abimenyesha.

Mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko naho ubutungane bw’Uburundi bwohabwa imyaka ijana butazoronka ivyemezo vy’ivyo bumwagiriza, kuko ata na rimwe uwo mutama w’imyaka 66 y’amavuko yigeze agira intumbero yo kugira nabi. Uwo mutama kandi yarwanira ineza ya benshi, ndetse n’umwami w’Ububiligi mu mwaka uheze w’ 2013, yashize Mbonimpa mu gitabu c’abantu Ububiligi bwateye iteka.

Mw’ishiarahamwe OLUCOME basaba abategetsi n’ubutungane bw’igihugu c’Uburundi kurekura Petero Karaveri Mbonimpa, basaba abanyagihugu b’abarundi nabo guhaguruka nk’umuntu umwe bakavugira Petero Karaveri Mbonimpa mu kwiyamiriza ifungwa ryiwe.


Floxella Karire

Messages

  • Wewe Rufyiri vuga make nimba utazii ivyabaye canke nawe umusangeyo!! Nta soni ugira mu gushigikira amakosa umugabo w’ubwanwa nkawe!!!

  • Jewe reka mbaze nkumutama wimyaka nkiriya baramufunga.ewe abafunga base baragowe gusa nawe rupfikiri ntuhamagarire abantu mumyigaragavyo nimwitonde buriya bizosobanuka.ivye

  • Aho naje sinumva ico ariko aravuga. None rero boca bamureka ko afise iyo myaka 66 ? None boca namureka kubera ko yapfunguje abantu ? Mbega yakorera ubusa ntuyahembwa ? Umuntu yariko aragumura igihugu namakungu aho nyene urazi ko bomureka nyene. Mbega wibwira ko birya yabigize sans planification wibwira ko kwabaye ukwihenda ? wibwira ko birya mweho iyo migambi yiwe ko mutari muyizi nimbere y’uko anabishikiriza. Mwibwira ko ari umutwe wiwe gusa ? Aho mwabukaranga twari musi y’urujo.

  • Mbe iryoshano rya g,agahutu kakajuku umuntu atamenya ubwoko bwako je uwokanshikiriza twokwikoranira.mbe irya sato yumutama isara ishaje twe yari kutuvura ibiki?sha je nibaza kwadasumvya BUYOYA gutera ikibi ariko nawenye yarabonye ko DD atariyo guta mundasa.gusa mbabazwa niryo shano ryagahutu kishinga kurangaza ubwobuzu katazi ayo twobo mwico kibira nzirikana kakivuka irunde.kabuze ivyo kayagura kaca karangaza ubwo buzuru ngo irya sema yumutama ngo barayirenganya.umuntu amaze gukuri foto kuri internet akayijana kuko irementanya bica bigaragara kwivyo yavuze vyose ari irementanza.ahohoho naje nibaze ndabahama foto ndiko nkoresha ninkoho nini pana zirya kv bari bafise

  • NONEE BATOBATO BAFUNZWE BOBO KO MUTABAVUGIRA?MUVUGIRA ABABONEKA BANYARUCARI KO BABINJIZA IMPIMBA KO MUTAJA KUMA@RADIO NGO MWIYAMAMAZE?

  • jeho nahuruka rufyiri ari muvyubutunzi sinarinzi KO ari nomuvya politique gérée uraremye urumuntu wantakigenda! ntasoni???

  • Uburundi tugiy kuba aband umutama yatuboney izuba akagira uruhara runini mukudukura mubusho nihohoterwa ritazwi ngonaje muburoko cank banka koharabandi bashika aho bagejejw dusabir uwiyumvira ko igihugu yakigiz iciw ahumuk abon kwatarivyo imvuga kuri ninyishi ntizikwirayo

  • None muri iyi dossier d’arrestation de Pierre Claver Mbonimpa de l’APRODH, la police na armee du pays Mr. Gabriel Rufyiri avuga-ashaka ko ces generaux bakora iki? Bagumuke hama haduke za villes mortes n’ama coup-d’Etat? Usangwa P. C. Mbonimpa hari akamucorotse, ni uko yovyemanga akanabisabira ikigongwe hama n’abakunzi bakamushigikira . Nayo ahandi, mbona R. Gabriel asa n’uwicura ikintu. Mu mvugo yiwe, asa n’uriko yiteza utunyoni akanibagiza ko ubutungane buhana bwisunze icaha umuntu yakoze. No muri Bibiliya, bavuga ko Moussa/Moise atageze mu gihugu c’isezerano(Canaan) bitumwe n’akamuciyemwo ndetse abo bahurubir’amaronko mu kunezereza bakavantara. Mu gihe rero mu masanamu Pierre Claver Mbonimpa yatanze hari ibinyoma, ni ngombwa abihanirwe. Ni ukumenya ko inkuru zagiye zivurwa ku Burundi ari agacamutwe. Turetse ko zica imitim’abantu batari bake, ziratesharubwa igihugu. Mpimba irimwo abantu batari bake bakoze vyinshi kandi vyiza ku gihugu na beneco. Iyi demokarasi tuja turirimba ijoro n’umurango, tuyikesha bo n’abo bategetsi twayobewe gushigikira, n’imiburiburi, guterera mu ngata canke guhanura mu rupfasoni. Mu guheraheza, ngira nti: "Wirerera ko umwana atagutuka akaguturira".

  • Abo bene Gahini baza kutwirenza!! Mbe yemwe aho mwanywereye amaraso, mubonye ko aya PC Mbonimpa ariyo azohava abasubizamwo inguvu zo gusubira guta aba FNL mu nzuzi. Muranguha ivyanyu birazwi. Ntawufise iyikoroka!

  • Jewe narababwiye ko Pierre Claver Mbonimpa atariwe yifashije rirya rementanya, rekandababwire abafashanyije na Mbonimpa abambere naryamashirahamwe aherutse kuvugango’ barasavye Mbonimpa afungurwe atanakimwe gisabwe, abandi banezerejwe narirya rementanya ni bamwe mu bashingwamanza bi Bujumbura, hakabaho nabandi riryarementanya ryanezereje arinabobaba, ni abahurikiye muri ADC Ikibiri akaba arinabo Claver Mbonimpa yasanuwushaka kunezereza kubera barakunda kumuzororera udu primusi ngokugira akomeze kubafasha kuzaravuga nogutegura ivyamarementanya mubarundi ekandetse nomumakungu yinyegeje inyuma yishusho yokwiyita uwuharanira agateke kamuntu, ariko habatimbaya ibibintuvyakweze iyindinshusho mubanywanyi baribasanzwe mumigambwe ihurikiye muri ADC Ikibiri, akarorero nabantu bakomeje kwigira mumigambwe itigeze ijamuri ADC imigambwe bariko barajamwo yabasavye banume ntibagire icobavuga ubu ngompaka mugihe cokwiyamamaza kigeze imigambwe ikomeje kuronka abayijamwo kubwishi ninka UPRONA ya Consillie iriko irakira abanywanyibeshi bavuye muriyo migambwe yomuri ADC arikusanga nka batatu (3) kuri (5) nabava muni MSD.na CNDD FDD irakira abataribake, Hanyuma kuba Pierre Claver Mbonimpa yarakozeneza twese turabizi koyakozeneza, ariko utanguye neza ugahezanabi barakubohantakibuza mberejewe novugati hagutanguraneza ugaheza nabi wopfuma uvurwako watanguye nabi ariko wahejeje neza, Sawuri dusoma muri bibiliya yatanguye nabi ariko aheza neza.Amen. Ananiya numugore wiwe Safila batanguye neza baheza nabi ngiramuribuka ukw’Imana yababwiye ngo’ Nikicatumye Satani abahenda!? Pierre Claver Mbonimpa natwe nkabarundi twaridusanzwe tumwemera twaridukwiye kumubwira ngo: nikicatumwe satani aguhendagurtyo!?

  • Coldman,Bosco,Aaron,Claude na Philber nimukomerekumajambo yanyu be nivyiyumviro vyanyu kimwe gusa umusi ubwo butungane buzobahindukirira ntimuze muryogore unomusi mwigira ngo murabavugizi biyoreta ariko ahotwari mwishamba nimwe mwaduhiga none unomusi mwabaye abagenzi asha muri buvyina buhiye.Mbe komwabonye ko PC Mbonimpaakwiy gufungwa komudafunga abarigwa bicabantu??colonel Bangirinama,ko miseri gikashi,na bandi benshi muzi komutabashira mumpimba???

  • twaraba gunduye basha: ahorero mwaramuhenze mwishakira kirya kibanza none nimwishirireho uwo mushaka none ngo abanyagihugu .genda mukoranye karya kagwi kanyu turabe kokamukurayo

  • mbega izo shti zibitenge wambara nizo zirimwo igiheko cawe??

  • MUSHINGANTAHE RUFYIRI, NANJE NOKUMBWIRA NTI IMYAKA IJANA IZORINDA IHERA, WEWE NA OLUCOME, PACIFIC NA FOCODE, VITAL NA FORSC, SINDUHIJE NA RPA, MBONIMPA NA APRODH ATANUMWE ABAYE UMUKURU WIGIHUGU,CANKE ABE N’ ICEGERA CIWE. MUZOKWAMA MUTERA IMIGERE IBIHUNDA CANKE MUSURA MUMUYAGA NGOMURIKO MURAVUGA!!!!!!! HAHAHAHAHAHAAA. JEWE DUHORA DUHURIRI MURI MINEVAM KUMBE UBA UGIYE KUGIRA IPEREREZA!!!!!!! KUKO NUMIWE WUBAHUTSE KUVUGAKO MBONIMPA ATACAHA YAGIRIZWA!!!!!!!! 1. IFOTO ZA BACONGOMANI NA BANYAMULENGE BO MURI M23 2. KUVUGA AMAZINA YABAFUYE BARIHO. KWAMBIKA ICEYI IGIHUGU NABAKIBAMWO. NAWE NGO ARERA BARAKUBESHE SHA,UKURI TURAKUZI KANDI IBIBA TURABIBONA NIVYO MWIFUZA TURABIZI. NIMUGUMIZE IMITIMA YANYU MUNDA.

  • MUSHINGANTAHE RUFYIRI, NANJE NOKUMBWIRA NTI IMYAKA IJANA IZORINDA IHERA, WEWE NA OLUCOME, PACIFIC NA FOCODE, VITAL NA FORSC, SINDUHIJE NA RPA, MBONIMPA NA APRODH ATANUMWE ABAYE UMUKURU WIGIHUGU,CANKE ABE N’ ICEGERA CIWE. MUZOKWAMA MUTERA IMIGERE IBIHUNDA CANKE MUSURA MUMUYAGA NGOMURIKO MURAVUGA!!!!!!! HAHAHAHAHAHAAA. JEWE DUHORA DUHURIRI MURI MINEVAM KUMBE UBA UGIYE KUGIRA IPEREREZA!!!!!!! KUKO NUMIWE WUBAHUTSE KUVUGAKO MBONIMPA ATACAHA YAGIRIZWA!!!!!!!! 1. IFOTO ZA BACONGOMANI NA BANYAMULENGE BO MURI M23 2. KUVUGA AMAZINA YABAFUYE BARIHO. KWAMBIKA ICEYI IGIHUGU NABAKIBAMWO. NAWE NGO ARERA BARAKUBESHE SHA,UKURI TURAKUZI KANDI IBIBA TURABIBONA NIVYO MWIFUZA TURABIZI. NIMUGUMIZE IMITIMA YANYU MUNDA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.