IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > OLUCOME yiyemeje gutanguza urugamba "Nutubwire iyo wakuye ubutunzi (...)

OLUCOME yiyemeje gutanguza urugamba "Nutubwire iyo wakuye ubutunzi bwawe"

mardi 8 Mukakaro 2014

Mw’ishirahamwe OLUCOME bamenyesha ko badashobora kubandanya bihanganira abategetsi bashira imbere inyungu zabo bonyene, bagatunga ibitagira insiguro kandi umunyagihugu arembejwe n’inzara. Muri iryo shirahamwe bakavuga ko bagiye gutanguza urugamba bise " Nutubwire iyo wakuye ubutunzi bwawe"

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel RUFYIRI, yamenyesheje ko naho Reta y’Uburundi yashizeho imigambi itari mike yo kurwanya ubukene, biboneka ko ata karusho vyazaniye abanyagihugu baguma mu bukene butagira izina, agatanga akarorero k’urugero rw’ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi rukiri ku bice 4,8 mu gihe mu bindi bihugu nk’Urwanda bageze ku bice indwi. Mu bituma ubukene buguma bwiyongera, Gabriel RUFYIRI avugamwo abategetsi bashira imbere inyungu zabo, bagatunga ibirengeye imishahara yabo. Mu ntumbero yo kurwanya iyo ngendo, mw’ishirahamwe OLUCOME baratanguje urugamba rwo kurwanya ubuzima buzimvye, ariko muri iryo shirahamwe bakavuga ko ahubwo aho kwikosora, abatwara baciye babafata nk’abansi b’igihugu, n’inzandiko barungitse ntizishurwe, bateguye amanama naho y’abanyagihugu, umukuru w’igisagara ca Bujumbura akababwira ko batagira uruhusha.

JPEG - 2.4 Mo
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ashikiriza ko badashobora kubandanya kwemera ko "umunyagihugu akenye ariwe yikorera abategetsi basanzwe bahaze", bakama mu bukene ariko abatwara baguma baduza amazu. Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, umukuru wa OLUCOME yamenyesheje ko kuri uwu wa gatatu azotanguza urugamba yise "Nutubwire aho wakuye ubutunzi bwawe" (D’où as-tu tiré ta richesse).

Gabriel RUFYIRI avuga ko yamaze gutororokanya amazina, amazu n’ayandi matunga yo mu buryo budasiguritse (enrichissement illicite) afiswe n’abategetsi, akaba azoshobora kuyashira ahabona mu ntumbero yo gusaba abo bategetsi ko bokwisigura mu nzego zibijejwe.

Urwo rugamba "Nutubwire aho wakuye ubutunzi bwawe" (D’où as-tu tiré ta richesse) ruzotanguzwa mu kiganiro kizohuza abanyagihugu, catunganijwe n’ishirahamwe OLUCOME kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 9 Mukakaro 2014, igihe c’isaha icenda kuri EGO HOTEL. Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME agatumira abanyagihugu bose bavyipfuza kuzokwishikira muri ico kiganiro, kugira bahanahane ivyiyumviro ingene borwanya ubuzima buzimvye mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • RUFYIRI ARABANZA AGURE IMPUZU ZO KWAMBARA!!!!!!! NONE AKENEYE ABO BIRONKEYE IFARANGA BAMYOTSE INGOHE KO ARIBO BAZOMUGURIRA IZO YAMBARA?????????? UBU AKURANWA UTWO DUPIRA BAKOREWE NABABAZUNGU BABASUKA NGO NIBAGARARIZE AMA LETA BAZOBAHA UBUHUNGIRO. NDASHIMYE KO AVUZE KO AGIYE GUTANGUZA URUGAMBA, ARIKO NTATUBWIYE INGENE AZORURANGIZA HAHAHAHAHAHA UWUZORUTANGUZA RUZOHERERA MUNZU IWE NO MUBIRO IWE!!!!!!!!!!! REKA TURINDIRE

  • None ga AMERIKE, aho ikintu kibi Rufyiri yavuze ni igiki gituma umuvuga nabi ukwo? Kurwanaya abanyuruza itunga rya Leta bakiyubakira amazu harimwo ikosa yavuze? Ivyiza n´uko boguma biba rero?

  • Uramanza nawe wiyita amerike wige kwandika izina ryawe hama ubone kunebagura abandi

  • Ahubwo amerike,banza utubwire abo wikeka ko boba badupfukamye munda twebwe abarundi!Yamara ndakuravye inkezi ikera ubwo bireha!

  • Wesha @amerike reka ndakubarire ndumvako uri umu DD akomeye mwishimira ingimvu igipolice etc ndakurahiye kuva 2015 ntimushobora kubandanya kudutwara mwebwe .uzoba umbarira nayo kwiba nimwibe ivyanyuma bizobagaburira muri mumpiba

  • AMERIKE ba witonda usuzume akanwa kawe!
    OLUCOME kumwe nayandi mashirahamwe mu rugamba rwo kurwanya ba kaboko!
    Ukuri kuzotsinda!

  • Nabe Ahimba Ahishe!Burya Ko Je Nafunguye Wombaza Aho Nayakuye Nohamenye?Mwomenya Ko Abo Bakuze Bagowe Mwokwemera Ko Badashaka Gusubizwa Hahandi Mu Buryo Bw’ibikogwa

  • UWIFUZA K IGIHUGU GITERA IMBERE WESE NARWANIRE KO ABIVYE DUKURIKIRANA AMA DOSSIERS YABO BIKAZOSUBIRA MU MINWE YA LETA AHANDI HO NTAHO TUZOCA NGO TURONKE AMAHERA YO GUKORERA IGIUGU NI DD YATEMBA..OLUCOME GUMYA AHADATA LES DOSSIERS TUZISHUZA ,,HARYA BIZOBA ISI NI NTO UBU...NTAHO BAZOHUNGIRA VYOSE NI VOLONTE POLITIQUE...

  • UWIFUZA K IGIHUGU GITERA IMBERE WESE NARWANIRE KO ABIVYE DUKURIKIRANA AMA DOSSIERS YABO BIKAZOSUBIRA MU MINWE YA LETA AHANDI HO NTAHO TUZOCA NGO TURONKE AMAHERA YO GUKORERA IGIUGU NI DD YATEMBA..OLUCOME GUMYA AHADATA LES DOSSIERS TUZISHUZA ,,HARYA BIZOBA ISI NI NTO UBU...NTAHO BAZOHUNGIRA VYOSE NI VOLONTE POLITIQUE...

  • Ahubwo wewe RUFYIRI nabo banwanyi bawe bagushigikiye ntimukomeye mumitwe yanyu,ubu rero muradutse,kubera intwaro rusangi urengeje kubaha ubwigenge bwukwishira nokwizana,none ugwo rugamba ko mutaruhera kuba porona konzi aribo bivye kera kuva uburundi bucikukira,wewe nyene rufyiri banza udusigurire FB abazungu baguha mwiryo shirahamwe ico wayaranguje??,kurya abazungu bayaguha nikwo nabandi urimwo gutunga agatoke bayahabwa,kuko mwese ngira ntihenze ikinofunofu mubwira abo bazungu ntaco ubasumvya.tekereza rero,reka kwimena umutwe,uwugusumvya kubona kure agusumvya nibintu,iyo ngero wahawe nabo bazungu hamwe nabo bakeba ba ADC ikibi, ntabwo uzoyica,izokubera nkimwe yambonimpa p c.amase yakera ntagihoma urutaro gwakino gihe tugezemwo.

  • Niyaba atari kubigirankana reka ngire icondabafashije mwebwe ba OLUCOME nabomusangije ivyiyumviro kubijanye nimpamvu ubutunzi bwomu Burundi buri kukigero ca 4.8 ngomu Rwanda burikuri 7 birenzehogato. Munkurikiraneneza kugira mumenye impamvu dukenye turimusi yurworwanda rwanyu, Icamberecoco mwomenya nuko mubakoresha umutungo wigihugu nabi urwanda rusumvya uburundi ariko uyusumwanya wokwifatira mugahanga urwanda rekambandaye mvuge inkomuko yatimye tuguma turinyuma yurwanda: 1 Intambara zokuva 1993 kugera 2004 2 ibihano vyafatiwe uburundi namakunguyose mumwaka 1996 biryabihano bamwenabandi nubwo twibaza ko vyakomesheje reta yakiriyagihe ariko muvyukuri ububabare vyateye igihugu nunomusi buracadushegeshe mutigute? nimwabikurikirananeza abavyungukiyemwo nibihugu bibanyi nacanecane urwo Rwanda mwavuze koruteyimbere gusumvya uburundi kandinivyo, impamvu urwanda arirwo rwavyungukiyemwocane kiriyagihe rwiyereka abarundi ko arincuti yokumutima gusumvya ibindibihugu bibanyi, ivyorero vyaratumye u Rwanda rudusinga ntimwiyibagise nigihe Mumputu atsindiwe ko haheze igihekitarigito urwanda rukotrora Congo ijoro numutanga rushomba ubutunzi bwa Congo ijoro numutaga ukorwishakiye, nomubindibihe hagiye habaho imirwi yabarwanyi yagenda yifatira igihekirekire ibicebimwe birimwo ubutunzi kamere wa Congo ugasanga bafitaniye ama cotract nurwanda yogushomberamwo uwomungo kamere wa Congo imbere yokuwushora mubihugu bikungahaye kwisi nobibutsako harihigihe urwanda rwigeze kubamubihugu bishora amabuye yagaciro vyyambere. Burirusangi ibihano bihawe igihugu bigirinharuka zigihekirekire kugikugu, icogutangaza wosanga ababaserukira OLUCOME birebera afigusa ntibiteho gucukumbura ngobameye why uburundi bukenye bakagumagusa bivugirango abantubarubatse amazu ngobariko barayaharura ngobeneyo bazokwisigure ivyonavyo ndavyibuka kera muzamirongo 72 ahowasanga umuntu yirondereye uduhera hiryanohino maze akubaka akazukeza hariho abacabandika izinaryiwe nahaba noneho bagatwara izinaryiwe kubajejwe kuzomuhamagaza noneho bakamuremeka ikintucaricahibwe citwa ngo Numumenja uwo adahunze yabafuye bamwe nabamubona bariko barahunguka bazabasabiriza bambaye inkofera utomenya imbereninyuma hazo uburire bwusuye mumaso barya iyobatadenderezwa ntibaba bameze nkuko mubabona uyumusi baba bafise abuzukuru babazungurukana mumamodoka mezameza nkakurya kwabazungubashaje baribifise, biriyarero vyoguturatuza nokwica bamwe mubaribafise ubutunzi ingarukazavyo nububukene, mbemwarimuzi ko naharya prezida Bagaza yahunga akamara imyaka hanze yigihugu ciwe konavyo birimuribi tubona vyubukene think about nkuyumusi abobose OLUCOME ivuga koyanditse ngobubatse amazumezameza bofatwa bakicwa, bagafungwa, abandi bagahunga, mwibazakuburundi bwocabukira bukava mubukene? Ikindikikidushegeshaka uyumusi nabarundi bakomakomeye bagiye batinya abantubafise umuzuno nkuyu waba OLUKOME bigatumabitinya gukora ikintukiboneka ngaha iwacu Burundi, nunomusi mugihe hazoguma iryoterabwoba ngo vuga ahowakuye amahera yokugura iyobodokanziza yitwa Hummer navyo bizokwega ubukene budasanzwe kukomperukakwumva ko hariho nabakura ubutunzi mukusimu!!!! none ivyonibabibabwira twebwe abemera tuzovyemera? arikobazobabisiguye. Ndangijemvugako umugambiwa reta wumuntuwese agiyegushingwamabanga abanze asigure ubutunzi afise ukobungana ariko atagusubirinyuma ngwabazwe ngoyabukuyehe? mugihe abarundi baribamaze imwaka mwishibabika amahera mumyeko badashobora nogusabwa statement yokuma kank banki babitsako amafranga yabo, Mbemuraziko Ayomazina OLUKOME yandika ngoyabafise amazumezameza kowosangamwo abarundi babaye abategetsi batwaye kuva Nkurunziza aramukijwe u Burundi!? jewe rero ntabwondikondashaka ko bujuragiza abarundi kubutunzi bifitiye yaba abatwaye mbere yankurunziza mubahamahoro bose ubutunzi bwumwenegihugu uwariwewese nibwobutunzi bwigihugu. Ibintunkibi mumwaka yavuba ya 1989 umuzehe umwe yaraguze imodoka mumahera yakuye muburimyi bamubaza iyoyakuye amahera yokugura imodoka yarasiguye ntibamwemereye yirirwa yagiye gutonda kurisentare iherezosinarimenye ariko sinasubiye kubona imodoka yariyaguze, Mwitondere abantu baphakuvuga iterembere wareba ivyobavuga ugasanga vyuzuyemwo amajanyuma ashingiye kumuzono umuzunonawo kera wavyara kwica abifitiye ubutunzi.

  • Abasuma bakaruhariwe,basumvya ububi na shetani,nabo batutsi bishikirije amatongo na mazu,nayandi matungo, yabahutu babita ngo nabamenja.rero Mushingantahe RUFYIRI ndagusavye uhere aho nyene,kuko yoyo ntanyegezwa canke ngo (v)yimuke,tabaranya uherahonyene,kuko muburundi tuvuganye ukuri hahunze abahutu,nibo biswe abamenja,ntamututsi yahunze,canke ngo yitwe ico gitutsi.(umumenja).kandico nobabwira bidasubijwe benevyo ntakazoshoboka mwiki gihugu cacu ndabarahiye,tuzohigana mpaka gushika no KURICONIKI.

  • @MAMA IBYO UVUZE BIRATANGAJE UBANZA UTARAGEZE MWISHURI CANKE WARIZE KWANDIKA IKIRUNDU GUSA NONE IBYO UVUZE KU RWANDA UFITE GIHAMYA (ICYABONA) CYANGWA AHO TWASHAKIRA (REFERENCE) UBWO BUSHAKASHATSI WAKOZE UKUNTU URWANDA RWAMAZE IGIHE RUTWARA UMUTUNGO WA CONGO?? BURYA NGO UMWANZI WA AFRICA NITWE UBWACU ABANYAFRICA KOKO!!

  • Jewe numvirije gusa ivyovyosi mugira canke muvuga umango imana mwarayibagiye.

  • @?rutovu wesha!!??ncuga umunwa wawe kuko wibaza ngo niwewe ufise inzingo wenyene$.umuhutu wumu DD yanyiciye abaje ’none ubu naho agomba kubarira ko ndamuha iki gogwe kuguvu?.rutovu wabivuze neza reka tuze duhigane gushika kuwanyuma ’mugabo ntiwibagire ko intambara uko ugira beshi ariko uhomba vyishi gusumba umututsi kuko arize agwana aba yasesemwe ?badanya mukoza agati mu nzuki ???Buyoya ntazogaruka kubatabara haaaahiihuuuu iyomana yoduha kuva 65,69,72,87,93,mwigira abera yaaaaaaaaaaaaa

  • KUGIRA TWEMERE IVYO RUFYIRI AVUGA CANKE ADUHAMAGARIRAMWO ARIVYO, NABANZE ATUBWIRE IVYAMBERE ICO VYAGEZEKO!!!!!!!!! IVYONAVYO NIBIMWE YACAFUZA UMUHUZA, KO YASAHUYE IKIGEGA CARETA AKAJA KUNYEGEZA IVYO YASAHUYE MU BUBILIGI !!!!!!!!!!! YARADUTSE KUMARADIYO YOSE YABA AYO MUGIHUGU CANKE AYO HANZE, ARIKO NUBU TURARINDIRIYE NTACO TURAMENYA !!!!!!!! NONE UBUNAHO ADUHAMAGARIYE NGO TUJE KUMUFASHA GUFATA INZU ZA CNDD-FDD, ATAZI INGENE ZUBATSWE?????????? WEWE NTAJE NABA 72 BABANJE KUBOMORA, KUBITA ABAMENJA CANKE BARABICA KUGIRA BIHE INZU ZABO HIHIHIHIHII!!!!!!!!! NDAMUTEYE INTEGE NAGENDE ABANZE AHERE GUFATA IMWE YATUBWIRA YO MUGASEKEBUYE IFISE AGACIRO KA 800.000.000F HAHAHAHAHAHAA

  • Abo ba rufyiri nabo bafadikanije, iyo infashanyo batariko bazironka neza; baca barondera ikintu bohimba gisa nigikomeye ngo bagira bagikorereko, bereke bashebuja abazungu bari hanze bababwire ko ubu bariko barakora amadosiye yagacamutwe, none ko bakeneye infashanyo yo kugomorera abanyagihugu mwibarabara kuko indoto zabo bifuza ngo revolution canke leta nfata kibanza!!!!!!!!!!!! uwuzogwanya amatora azofatwa nkumumenja wa 1972.

  • RUFYIRI JEWE NIBAZA KO ABOBIRIRWA BARUBAKA, KOBABITERWA NUKO MWANSE KUBASUBIZA AMAZU YABO YA 1961, 1963, 1965 na 1972!!!!!!!!!! RABE MUBASUBIZE AYOMAZU YABASE NA BASEKURU NABO BAHAGARIKE KWIRIHA!!!!!!!!! NICIYUMVIRO.

  • kugwanya ibiturire wari umugambi wa leta ariko abatware (biba)nibo bawurwanya nibasahure ariko ntituzobibahambana turi mugihe ciherezo kandi vyarabuwe muri bible kw’ariko vyogenze ni ivy’igihe gito rero.ico tugiye gukora ntituzosubira kubatora naw Rufyiri komera turi inyuma yawe tugwany abo basuma.

  • Bon après midi mwese muzosoma ce petit message. Imbere yuko ngira ico mvuze manje gushimira mwebwe mwese mutanga ivy’iyumviro vyanyu ariko turabasavye cane gufata nkama ikintu twita "Communictaion non-violente". Gushikiriza iciyumviro ni vyiza cane kuko ni mu bintu bigize inkingi za Démocratie, ariko kugishikiriza mu rupfasoni naho bigira akamaro gusumba Merci. Monsieur le Président de l’OLUCOME uwoba adatahura ko igiturire ari umwansi w’iterambere, adatahura ko mugira akigoro kadasanzwe mukugerageza kurwanya igiturire, emwe vyoba ari bimwe bavuga bati "la perception est séléctive" Nico gituma abagize ishirahamwe ACOPEC umugambi wo kurwanya igiturire n’ayandi mabi bijanye twawufashe nkama. Bavukanyi bene Burundi ntayo twoba turiko turaja mu gihe les rapports zitangwa ku Burundi zerekana ko Uburundi turi mu bambere bakenye ariko tukaba aba mbere mukurya ibiturire! Muri ACOPEC tuzifatanya nuwo wese yumva twoba mu gihugu kidatwara "le drapeau" mukurya ibiturire abanyagihugu nabo bariko bicwa na kigoyi. Muri make ACOPEC tuvuga duti: " Pour une Génération Nouvelle Non Corrompue." Merci..

  • Wewe wiiyita Nyoko nako Mama!! Iyi msg ni iyawe:
    Turagusavye ubanze usubire kwiga kwandika neza Ikirundi, kandi wandike ibintu bike vyiza. Ntamuntu afise ubwenge ashobora gutakaza umwanya asoma ubusa. Please uru rubuga si urw’abantu umengo barahahamutse bavuga ubusa bakandika des pages et des pages. Nimba ariko kazi baguhaye, ba wandikana ubwenge, wandike iciyumviro cawe neza. Urakoze Nyoko!!

  • Mugenzi NKUNDUBURUNDI, wihangane ndumva ivyonanditse vyakujegenyuye nintuguta/ icuya kirabira! kandinanje nkabantiteguye guhagahengwe abantubameze nkawe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.