Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Pacifique Nininahazwe yerekana aho uguserukirwa kw’amako kwotangurira
Pacifique Nininahazwe yerekana aho uguserukirwa kw’amako kwotangurira
lundi 9 Ruhuhuma 2015, par
Pacifique Nininahazwe yibutsa umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko imbere y’ukuvuga ko amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yiziziwe n’ubwoko bumwe, yari kubanza akibuka ko nawe mu bantu agena bamwegereye, nka bose baba bagizwe n’ubwoko bumwe.
Kuva mu ntango z’umwaka w’2015 twaraye dutanguye, haribonekeza imvugo y’amoko ikoreshwa n’abegereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Kw’igenekerezo rya 28 Nzero, igihe amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’ay’abamenyeshamakuru yagira urugendo rw’ugushigikira Bob Ruguruka apfunzwe azira amatohoza yakoze, Nicaise NDIBADIBE, umwe mu bahanuzi b’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yanditse ku muhora wa facebook yiwe ati : "Aba bantu mubona bose ni ubwoko bumwe. Abarundi n’amakungu twogaba, ntibadusubize mu ndyane zifatiye kubwoko. Cane cane abo mubisagara bokwirikiranira hafi utwo turwi twiremarema, ugasanga ari ubwoko bumwe."
- Nicaise NDIBADIBE, umwe mu bahanuzi b’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza
Kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2014, umunsi Uburundi bwariko buhimbaza imyaka 24 abarundi bamaze bameje amasezerano y’ubumwe, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko bibabaje kubona hacibonekeza imvugo n’ingendo zerekana ko hakiri abakigendera amacakubiri mu buryo butandukanye, nko mu gutera akaguma, mu gukumirana mu mashirahamwe, mu gushuhura canke mu gushigikirana mu makosa hishimikijwe gusangira ubwoko, intara, idini canke umugambwe.
- Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mw’ihimbazwa ry’imyaka 24 iheze hemejwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi
"Abahutu baracinyizwa ku ntwaro y’abahutu nyene"
Pacifique Nininahazwe, umwe mubari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amenyesha ko amasezerano y’ i Arusha ata na hamwe avuga ingene amoko aserukirwa mu mashirahamwe yigenga, canke amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Pacifique Nininahazwe asigura ko gushinga n’ukuja mw’ishirahamwe bikorwa umuntu wese avyishakiye, kandi ko ata muntu n’umwe yotegekwa kwiyunga canke kuja mw’ishirahamwe runaka. Kubw’uwo arongoye ishirahamwe FOCODE abasangiye ubwoko barashobora kuja hamwe iyo bafise ivyo baharanira bimwe.
Nk’uko Pacifique Nininahazwe abandanya abisigura, ubwoko ntibwari bukwiye kuba bugitera ingorane, kuko n’ubu hatwara abahutu, hatabuze abandi bahutu bahohoterwa ku ntwaro y’abahutu nyene, aho agatanga akarorera ka Ernest Manirumva yahora ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yagandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryo kuwa 8 rishira uwa 9 Ndamukiza 2009, azira amatohoza yariko arakora ku nkoho zagurwa ariko ntizishike mu bubiko bw’igihugu, bikavugwa ko zoba zarungikirwa aba FDLR muri Congo. Abandi bavugwa ni Juvenal Rududura wo muri sendika y’abacamanza yapfunzwe mu nyuma akurwa mu kazi, hamwe na Faustin Ndikumana arongoye PARCEM, nawe nyene yapfunzwe, bompi bagirizwa kuba bashize ahabona ibiturire vyatangwa mu gutanga akazi ku bacamanza. Pacifique Nininahazwe aragaruka kandi kuri Petero Karaveri Mbonimpa wa APRODH yapfunzwe azira amakuru yatanze ku rwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD zajanwa mu myimenyerezo ya gisirikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Mu kiganiro "Uterera iki" co kuri uwu w’Imana, Pacifique Nininahazwe yibukije ko amasezerano y’i Arusha yategekanije ivy’uguserukirwa kw’amoko yose mu bisata vyegukira Reta, nk’inzego z’umutekano, inama nshingamateka, ubutungane n’intwaro. Ivyo bisata akaba arivyo vyakunda gukoreshwa imbere y’uko ayo masezerano aboneka, mu gukumira n’uguhohotera abari mu bwoko butandukanye n’ubutwara.
- Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE
"Uguserukirwa kw’amako yose vyari guhera mu bafasha umukuru w’igihugu gufata ingingo"
Kubwa Pacifique Nininahazwe, hari ibisata vy’inzego z’igihugu uriko urabiraba womenga birigenga, ariko mu vy’ukuri ugasanga nivyo bifasha umukuru w’igihugu gufata ingingo, kandi bikaba bigizwe n’ubwoko bumwe.
Pacifique Nininahazwe atanga akarorero k’intwazangabo zitandatu (ubu akaba ari zine) zo kw’ipete rya Général, inama y’inararibonye z’umugambwe CNDD FDD, hamwe n’abarongoye urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD ku rwego rw’intara na komine kenshi usanga bagizwe n’ubwoko bumwe.
Nk’uko abandanya abishikiriza, uguserukirwa kw’amako yose kwobaye kandi mu bayobozi bishikira batatu (Chefs de cabinets) mu biro vy’umukuru w’igihugu, hamwe n’abavugizi babiri b’umukuru w’igihugu hamwe n’umuhanuzi mwishikira w’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru, bose bagizwe n’ubwoko bumwe.
Pacifique Nininahazwe akabona ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike atariyo yari guhabwa icigwa c’uguserukirwa kw’amako, kuko asanzwe agarukira kubaba bahohotewe n’ubutegetsi, bo mu bwoko bwose, kandi abayitura bakaba bataravuga ko hitabwaho ubwoko bumwe, ubundi bukirengagizwa.
Egide Nduwimana
Messages
9 Ruhuhuma 2015, 17:23, par Michel
Oya Pacifique ntutubeshe. Amashirahamwe yanyu yisunga amacakubiri. Nimuvyemere nivyo !!!
9 Ruhuhuma 2015, 19:14, par Muragabe
Nakamaramaza mbe tuva he tukaja he....icomwomenya ayakariye ntigata abo bagabo muuuuuuuuuuuubona ba ba dd akanyeshamba ntikazopfa kabavuyemwo genda mu cabaret.......genda ahantu ahariho hose hitwa ko hakoraniye nka babiri canke plus usanga amajambo bayagaa arayamacakubiri gusaaaaaaa rero twame tugavye buuuuuuuca haduka intambara yamoko kandi yamumpekure........muga barahumba none ko ayo macakubiri yahereye iwabo...hhhhhhh mamashaho Nkurunziza uhejeje nabi kweriiiii genda worore amavocat karakubanye .......jewe na sport yawe sindayemera abayirimwo bose nabahutu ba ba DD NA MUHUTU AVA MUWUNDI MUGANBWE WEMERA .......mURAGABE
9 Ruhuhuma 2015, 23:23, par Stanny
Ewe Ndibadibe eka uvuga uko usa mbe wewe ntigahera akanyeshamba? Nakubonye urenganye kare ndasesemwa kandi ndakunva uriko uratumwa siwewe
10 Ruhuhuma 2015, 08:13, par karadiridimba
akagaye kakuzuyemwo kararenze basi!!ubu rero karaciye ingani wirirwe uraterana amajambo na Président?tweb tugusaba ikintu kimwe:uritoza kugiti cawe cnke userukira Societe civile turabe amajwi uronka?bakoze ahubabara kandi bakubwije ukuri!!ivyanyu vyarahinyutse kandi muzoguma mubona DD ibatwara na mpaka!!abahutu bane nibo wigovyoza?murabatutsi bangaye murayo mashirahamwe!abo ninka ba ngeze ba kera!teshwa mute ivyari imagera vyarageruye!!!tuzobatwara na mpaka
10 Ruhuhuma 2015, 08:29, par Bucumi severin
iyi ntwaro je mbona hatwara incange nukuvuga aba hutsi nibo benshi,abo usanga se na nyina badasangiye ubwoko .kandi nibo tubona batwarira bose. aruko ho intwaro yabahutu ntiraza pacifique!
pacifique kwemeza ko amashirahamwe yubwoko bumwe ashoboka bivanye nivyo ashaka gushikako aho yimenye amaso, aremanze ko amacakubiri ayagendera.
ako gafungu woshaka ukakagabanya
10 Ruhuhuma 2015, 08:49, par simbikangwa
sha pacifi muja mwarahinyutse,ubwo bwoko bwanyu mwitwaza ntaho buzobashikana,ayo mashirahamwe yanyu agizwe n’abatitsi gusa.Akarorero raba muri UCAR, hari umuhutu akorayo? mbe mwibazako ivyo mugira tutabibona? sibimwe vyakera mwatwita ABAMENJA,hitana abo witako userukira uje mu matora turabe amajwi uronka.
10 Ruhuhuma 2015, 08:52, par Haringingo
Jeewe nibaza ko kooko ryavuze abakurambere "uwo binaniye agira ati ibirago biranyerera". Jeewe ndi ico abavyeeyi baambwiiye ariko ntaco ndaronka canke mbure kubera ico ndi. Ndabona ko abaruundi beenshi bugarijwe n’ubukene, ubwiicanyi, ugucinyizwa, uguturubikwa, iteerabwooba, ugufungwa ataco bazira, ... Ngerageje kwiihweeza neeza na neeza, simbona ko abaruundi boba kooko bariko barazira ubwoko bwaabo. Baruundi beenewaacu, jeewe mfise abageenzi beenshi mu bahutu, abatutsi n’abatwa mbere no mu baganwa nta mwansi ndahafise. Umwaansi waanje ni uwushaaka gusubiza Uburuundi mu magume twaahitiyemwo ataawipfuuza gusubiramwo. Sinibaza ko guterana amajaambo aba ayavugwa n’abatuutsi canke abahutu, abari ku butegetsi canke abatari ku butegetsi hari aho bizogeza ubu burundi bwacu. Ewe demokarasi watuuzaniye vyiinshi!!! Kubera iki umuruundi atacubaha "IJAMBO" ryamye riranga ba sookuru? Ariko ntimwuumva ko turiko turaraanduka koko? Aho umuntu yivuguruza ku mugaragaro kandi umurundi azi neza (kuko yavyonse mw’ibere) ko "Umugabo yiihiindukiza mu kirago atiihiindukiza mw’iijaambo"! None turihe? Ubu turi baande? Turiko duteguurira akaahe kazooza abaana baacu? Ivyiitwaazo biriko biraduherana hasigare ubunyamaswa gusa. Ejo hari ubwooko, intaara, mpiinga yaanje, ubu naho mubona hari iki? Wewe uriko urasoma aka kabaruwa niwiibaze haanyuma wiihe inyishu. Turiko tugerageza kuroondera ingoorane aho zitari. Abaruundi dukwiiye kwiiga gukuunda igihugu caatwiibarutse (kigire izina mu makungu), gukuunda ico turi (turi abarundi kandi dufise ico turusha abandi), akaranga kacu (gafise akanoveera wasaba indaaro aho ugeze ubuzima ni katihaabwa), tugire ico twuubaha kandi twubahane (twese turi bene mugabo umwe). Ntidutakare ngo ni kubera abandi bazimiye, dukeburane ataabwooba ariko tutaandagazanya dushaake tubizire tuzooba dupfuuye nk’abagabo hako tureka uburuundi bukagwa muu maanga hariho intaahe n’abagabo. Kubite ibweru twibuke ubweenge, aba banyamahaanga dutaka ntibazootwuubaka bazodusaambuura kuko ni baruundi! Ariko iyo vyaanse mu muryaango ntaa kuundi ibaanga riraheza rikareenga impiinga! Ariko niibaza ko atawufise inyungu igihugu kidatekanye kuko n’izubatswe zirasaambuka, n’iziri mu magi zirahwera twese tugasigara twifumbereje, uba umuhutu, umututsi, umutwa canke umuganwa, agahinda ni kamwe ko kubona abaawe n’iivyaawe biriko biraguca mu myaanya y’intoke ataco uri bugire!!!! Dukuunde igihugu caacu, dukundane nk’abarundi twooye kwiiha ameenyo y’abatweenzi, benewacu! Mbaaye ndagarukiriza ngaaho, uwuumva niyuumve!
10 Ruhuhuma 2015, 09:50, par Iyumenya
Birakwiye ko tuba imvuga kuri ninaho uburundi buzogorora,jewe ndi umurundi w’umuhutu nawe uri umurundi w’umututsi,ikibabaje iyaba waruvuze ko murayo mashirahamwe yanyu arongowe n’abatutsi n’abahutu n’abatwa nari kugutahura none ko wivugiye ko ivy’amoko bitari muvyagomba gushigwa mu mashirahamwe aivokoregwa muri politike,iyonza kuba narimfise ububasha nari kubanza kugushira muri MPIMBA ukamarayo nibura umwaka umwe kugira ngo utore indero.
Pacifique iyuvuga uti muri FOCODE President ni Pacifique umututsi,V/President ni KMPLNC umuhutu,Umunyamabanga ntayegayezwa ni QTYSG umutwa nari kukwita imvuga kuri none uri umuhimbiri w’umututsi w’amacakubiri.Ubu rero ndabonye ko mu Burundi hari abategetsi b’INTAMA Z’IMANA ndagusubiriremwo Pacifique iyonza kuba mfise ububasha nari kukubika muri MPIMBA.Nsabe wewe usomye ibi ukaba uzi Pacifique Nininahazwe umubarire asome iyi nkuru.
10 Ruhuhuma 2015, 10:00, par john
Jewe uko ndabibona hari abantu baciyumvamo ko basuvya abandi ubwenge,nka bimwe vya kera birirwa basuzugura abahutu, baratera umukuru wi igihugu amazirantoki, nimuteshwe ivyo mwakoreye Abarundi twarabibonye none nawe Pacifique uratanguye guterana amajambo n’ umukuru w igihugu, ako ni kagasuzuguro mwamanye kuva kera.
10 Ruhuhuma 2015, 10:02
Mbe burya mu Burundi, eka mbere mu biyaga bigari ivy’amoko ntaco bimaze. Abantu twaridukwiye kumenya ko Shetani mubudyo bwiwe bwo gutwara isi( 1 Yohani 5: 15) akoresha amoko, amabara y’uruhu, politike, igitsina gore, ubudandaji burangwa n’umwina( avidité),..kugira isi yame mukaduruvayo. Abantu bose bakoresha kimwe murivyo biri aho haruguru canke vyose, bamenye neza ko bakorera Shetani.Abantu bavuga ururimi rumwe, babanye ibinjana birenga 4, basabiranira mu duhugu dutoya nk’Uburundi n’Urwanda, wombwira gute ko amoko akiriho atari ukwibesha!!!. Nimba mushaka gushirimbere ivyamoko kora rusansumo muteko mubishire k’undangamuntu, kuko ntacaha co kuba Umuhutu, Umututsi, canke Umutwa.
10 Ruhuhuma 2015, 10:26, par jeannekiza@yahoo.fr
Merci Me ou Madame Haringingo uravuze ukuri koko,mbega mw, abarundi iyo wabuze ration canke abana babuze minerval uca ukoma amashi ngo ntaco nakazima hatwara ubwoko bwanje ntiwiyambaza ku nshuti n, abagenzi bo mu bwoko bwose,mbega ntimworaba ibindi bihugu bibanyi iyo bigeze mw, iterambere namwe haregereje amatora ubu bagira babiyegereze ngo bwoko bwanje igihugu kigeze ahatemba ahubwo ubu n, importe quelle couleur de la main qui vous tire du gouffre est la meilleure,mbega ubujuju!
10 Ruhuhuma 2015, 10:54, par mazinajohn@yahoo.fr
Huuuwe mbega basha muhenda nde?aho nturuka baheruka gukubita amaso abategetsi igihe baza kubasaba amajwi ntibarasubira kuhahonyoza ikirenge aho badusize niho tukiri !ubu lero ngo ubwoko ,ubwoko,ubwoko, huuuuuwe umuvyiyi wanje avuga ngo ubwoko bwanje n, umubanyi wanje kuko ahishije ugwagwa arampamagara tugasangira,ndamusavye kunfasha kuduza ikivi akanyitaba, none ubu harageze kwitwaza ubwoko ngo tubahe amajwi mutazanye imigambi yo kudukura mu bukene tuzobatera amabuye .
10 Ruhuhuma 2015, 11:14, par Ntaconemanga!
Ivyo paci uvuga nivyo!kuko ayomashirahamwe agizwe namwe kuko hariho inyungu kera mwarimwisangije,none ubu turazisangiye twese! kuberako umuhutu abona ko harintambwe yateye,niho ubona batagwiriye aho iwanyu!namwe kubera ko harico mwatakaje,mucamurondera ukuntu mwokigarurira hamwe n’icabobahutu bataratera intambwe(fnl,...,)
10 Ruhuhuma 2015, 11:24, par KIRARA
NIMUMBWIRE UYUMUHUNGU PACIFIQUE ARANWA IBIYOVYABWENGE!!!!!!!!!!!! KO AMASOYIWE YAMA AHISHIYE??????????????? NUKURABA NEZA KUKO NOMUGIHE AVUGA ASA NUWUBA YABANJE KWIKAZA AKAMOGI CANGE FAYILO HIHIHIHI NTAMUNTU YARONSE INDERO YOJA KWIRADIYO AKABWIRA UMUKURU WIGIHUGU NGO ARAMUGABISHIJE!!!!!!!!!!!!! NTIBIBAHO IYI DEMOKARASI YO MU BURUNDI NIKIRENGA. JEWE NDAMUBWIYE KO NIMBA YIFUZA KUZOJA KUBA MWISHAMBA AKAMARAYO IGIHE ABAHUTU BARIMAZOMWO ARISINYA, ICO ASHAKA NICO KIZOBA.
10 Ruhuhuma 2015, 11:29, par mayukarenova
abahutu guhera ku mukuru wigihug nibakwij mu mutwe sinzi ico mushaka ubutegetsi ni bwa bahutu none mushaka iki
10 Ruhuhuma 2015, 13:18, par yobu
Umviriza , pacifique ni shirahamwe ryabo kuko si gwiwe ni mu mureke, kuko ibintu birateba bikarenga urugero, wewe uzi nicubahiro c’umukuru wigihugu, ingene abantu bose bamwubaha, hanyuma ukaza wumva ngo "utamba ugaramye!!!!!!!!! ngo wubama?????? iyo ni imvugo yumuntu yarezwe mbanze ndeke kizigenza??????????????? PACIFIQUE rero Imana imuhe umugisha mureke avuge kandi siwe wenyene hariho benshi basavye nuko yotanga imihoho ataratsindwa. kuva na kera na rindi iyo wigize igitebo bakuyoza amase, ivu ni bindi.
10 Ruhuhuma 2015, 15:00, par manzi
Abahutu ntabwenge mugira mwamihimbirimwe mwabonye ba
bambitse ipantaro kera mutari muzi uko risa mwirirwa muravumbara mwibutura mugurisa amakara mwabonye batij, igihungu none mutanguye kuvimvya amagara agateka
ahokamye Pacifique oyeeeeeeeeeeee!!!!!!!
10 Ruhuhuma 2015, 16:10, par Nwari bobo
Nkurunziza yaratoye umuti wizara abahutu ko arigeshi ama avoka azobahaza namana nasi!!!!!!!!!rero nibaza ko atokwirigwa arata umwanya abahutu bahazwa nama voka bazomutora,abahutu bashaka guhazwa nibiharage,inyama,umuceri,imboga,isamagi,etc nabo bazotora abandi bajehamwe nabatutsi nabatwa ??ntiyirigwe ariyamamaza abAhutu baraciye ubwege ??kandi siwe muhutu,wenyene??
10 Ruhuhuma 2015, 17:32, par ########
Uwo gutora umuti w’aba dd arinumira. Aya majambo yose mabi ubona yanditse ngaha ku bahutu nibo bayandika kudira abahutu bace bagira ngo abatutsi bariko baradutuka. Bareke bavuge ubwo bwoko ndazi ko benshi babahinyuye.
10 Ruhuhuma 2015, 18:00, par john
WA kijuju Ngo ni manzi ninde wewe wambitse ipantalo,abo bahutu utuka ivyo vyose kugira babigereho baratanze amaraso yabo muri make barabirondeye ntawe wabibahaye.
10 Ruhuhuma 2015, 18:24, par Reseau
Umuririmvyi umwe wumurundi niweyigeze kuririnba indirimbo ivugango: Ntukajane nyabahururu, ubunanje nihonkibonako najanye nyabahururu! Umva ukovyangende mazekubona Ko DD iriko iratwaranabi kandirimwo amokoyose nanje nubwondumuhutu naritabira akamo twabadutewe nuyu Pacifique nubsarumututsi kuko imbere sinasbiraho kurebangobivuzwe nuwomubwoko runaka narebagusa uwoduhuje kwiyamiriza ububutegetsi bwa Nkurunziza, Nyabahururu nababwiye konajanyenayo nuyu Pacifique namanitavye akamo aduteye kumbe numwe womubwoko bwabatutsi butanezerejwe nintwaro zivanzemwo amoko yose agize abarundi!!! Sinocamvugango nabatutsibose ariko wewe ndamubonye ntambonye azosubire ambone mubazoterakamo!. Naruriye ikimodoka ntaziyo cerekeza mukuru.
10 Ruhuhuma 2015, 18:26, par NIBIGIRA JEAN BERCHMAS
Mwiriwe neza!
Ndipfuza kubaza kandi munyishure,
ndabinginze!
jewe Data n’umuhutu Mawe n’umututsi kazi,
mvuka mu Burundi,muncamake ndumurundi,
Munyishure ndabinginze:
jewe ndi mubuhe bwoko?
Umukuru w’igihugu n’umuhutu wo mubwoko bwa Data,
uko umukuru w’igihugu yavuze bisigura ko Societe civile ar’abatutsi bo mubwoko bwa Mawe
Murabo bose uko ari babiri uwabatandukanije yombwira aho negamiye?
jewe sind’Umutwa,Umututsi,Umuhutu nd’umurundi
Mwoturangira abatagira ubwoko,bisigura abatagira abaduserukira uwuzodutunganiriza canke akatuvugira nitwagira ingorane?
Bwoko nimuterere hasi,
kuko jewe abahutu baranyiciye abi wabo na Maman barabamara n’abatutsi barishe abiwabo na Data 1988 ntega Marangara barabamara
ubu ndi nyamwigendako,
murabo bose ninde afise ijambo imbere yanje????
Abo bose biyitirira ubwoko bonshira mubuhe bwoko kandi baranyiciye?
Nibareke uwuzi kwar’umurundi abeho atunganirizwe nayo amoko ntagaciro agifise,
Banyamacakubiri reka kudukora munkovu.
kuko nkubu abahutu abatutsi mwese ndabazi nk’abicanyi kubera ubuhemu mwankoreye. Abahutu ntibishe abi wabo na Mawe bazi neza ko mawe ar’umututsi kazi,ubu iwabo na Mama nihe? Nyishura?
Abatutsi ntimwishe abiwabo na Data muzi ko maman ar’umututsi kazi?kwa Data nih?
Reka abarundi bamwe twaraturubuye kubwamoko.
Rero mutureke twitwe abarundi, ubututsi n’ubuhutu mubuhambane benevyo>
Murakoze abo dusangiye umuryango wabitwa Abarundi.
Gira amahoro,umunezero,iteka n’itekane iwacu n’iwanyu!
10 Ruhuhuma 2015, 20:41, par Nuwera
Harihikintu nskakubwira ababose barikobaratera ivyatsi ikigikorwa Pasifike yahizemwo, Nashakoko nubwo Pasifike abivuze koyishakira gukomeza kwitereza imbere ivyamacakubiri nubwabivuze arumututsi arikontivyanezereje abatutsibose iyotwandika tumuterivyatsi ntabwarivyizako duterera ivyatsi abatutsibose nabarundi ntahotwobadutaniye nawe kandi harihabatutsi twobaturenganije kandi dupoperNirijehamwe abatutsibose ntitaobaturiko turashigikira umugambi wumukuru wigihugu wokwiyamiriza amacakubiri.
11 Ruhuhuma 2015, 07:58, par Ntahombaye
None Nkuru ko.avugira abshutu.burya ni umuhutu ,none ko.intwaro.yiwe atamututsi.imora ko,abo.yirirwa arahonya si abahutu gusa simbona nigituma abatutsi.bskoma induru kandi.atawiriko arabica,harura abahitanywe nawa mugambi.mubisha safisha.si.abahutu.gusa,,abavunzwe bagirazwa ko ari aba fnl sibahutu gusa,,abaciwe mu gatumba harimwo.ababtutsi bangahe,abiciwe i Muyinga batabwa muri.Ruvubu si abahutu gusa,,uwogira amakenga azoharure abahutu intwaro ya nkuru imaze kwica nabatutsi.imaze kwica ni mutasabga abshutu.ari ibihumbi.ntimukangwe nabo.biyandikisha ngaho,abo nimbonerakure nkuru.yahaye uburermngazira bwo.gusahura abanyagihugu barohew nutwo.bibi.niho.bavuga ayamuhe.mbega ko nkuru agamba gukura bourse muri kaminuza abana bataziga saba abahutu.b banyarucari murarabe neza uwo.mugabo mukamwongera ,mubonye aronse isoko.yihutamwababutu mwe atabagurishije ,muraba muzi ko abatutsi.bo.bakingiwe na ONU Nkuru atabakira ko ikibwirwa n icumva icerekwa n ikibona
11 Ruhuhuma 2015, 12:45, par NIBIGIRA JEAN BERCHMAS
ko atawunyishur?
11 Ruhuhuma 2015, 14:46, par Trust Jmck
Mbanje kubaramutsa mwese bavukanyi banje
Nashaka nanje ngire ico nterereye kurico camoko
muriko muravugako
Ubundi hari abarundi nabarundikazi aho bageze ubu twarushe nokwumva inkuru za moko kuko ubwiwacu ntanumwe azi ingene ayo moko yaje mugihugu kandi Ubundi nubwo twoba tuhazi mbega ko umubanyi awe ashobora kuba arumututsi hanyuma nawe ukaba uri umuhutu mbega umubanyi wawe yogira ikibazo uhari hanyuma ukananirwa nukumutabara ngo nuko mudasangiye ubwo??? Umubanyi niwe muryango, Ntukiyumvire cane kubijanye namoko kuko ntaho turiko turaja kandi ntaho turiko turava. Bagenzi abeshi mubatutsi ubabwiye ivyamoko nukugutwenga baragutwenga kandi nabo aribo ndetse nabahutu nukwo nyene
Turavye kuvyabaye 1993 ndazi ko imiryango myinshi yabuze ababo bivanye namoko ivyo muriyi myaka 10 iheze ivyamoko vyariko birava mubanyagihugu
uretse ivyimigambwe navyo nivyo twogerageza tugasaba Imana kugirango ivyo navyo bive mubanyagihugu nkuko mubona imigambwe myinshi ihurikiyemwo amoko yose Abahutu nabatutsi na batwa bose ugasanga bahurikiye mumugambwe umwe.Ncuti z’uburundi amoko nimigambwe ntaco bimaze haranira amahoro mugihugu cacu, ibisigaye navyo Muvyihoze Kumakazi ,kumasengero,Mubikorwa vyamisiyose umuntu yirukamwo kugirango ateze imbere imiryango yacu nigihugu cacu .
Dusabe Imana ibidufashemwo kuko ntamvura idahita.Ndabipfurije amahoro umutekano iterambere kwitaho mwene so mudasangiye ubwoko nimigambwe.
11 Ruhuhuma 2015, 17:30, par Nuwera
Nibigira Jean Berchimas, kukeishura biroroshe mbese ntanubwo arukukwishura ndabonarinko kwungurana ivyiyumviro. Ivyakubayeko birasa nivyambayeko, ariko gufa ukavugango mu Burundi ndufute ivyogusubira kuvuga kohari ABAHUTU,ABATUTSI, NABATWA, iryoruobarikosha, rekandakubwire mugenzi nabonye kutari Burundi umva ahuri ukwobirokwose barakomeza kukubwirako urumurundi bivuziki? Abantubose bavuyemuburundi babamwicogihugu murubudibwoko bwitwa abarundi, ariko kubera abataribake bomubindibihugu bazi komuburindi harihamoko kandi kubaharihamoko atarikontukibi uzozurabona abantu nyumayokumenya kurumurundi bakubaza kowoba uri HUTU canke TUTSI, ndaziko bamwe bamezenkawe bakunze kundambikanya mukuvugabaryiminwa ngontibazi ikibabza bokwishiramwo ngokubera abavyeyi babobadahuje ubwoko ariko birazwikuvakera barundi umwana afatumuruango wasewiwe, ikindi kintu witeguye kuzobinangahuri canke ushibora kubawarakibonye igihe uzishimako baguha ubwenegihugu mwico gihuhu urupapuro bazoguha rwerekana kubaye umwenegihugu urazorurebaneza uziguma usabgako bwabokonakubwira bwuburundi, jewenanje mama avyara yarumututsikazi data akaba yarumuhitu jewe rero ndumuhutu nabarundi barabizi nokw’Imana ntacaha. Impamvu zituma umuntu ashobora kuvuga ngontashima kwumva havurwa amoko ngwahubwo havugweko harubwoko bwabarundi gusa nukuberiki? Impamvu nizimwe zuyumuvukanyiyavuze zuko umuryango wiwe wigezekwicwa uzira ubwoko bwawo ivyorero vyamuteye kwibazako iyoyaba muburundi harubwoko bumwegusa bwabarundi Ko umuryangowiwe utabawarishwe ariko nashaka kumubwirako abandugupfa bazira ubwoko bwabo iyo Satani yamaze kuvengwa ntibibura kuba, mbentuzi kohariho ubwoko bwabatunzi bumazekwicwa buzirako arabatunzi? Nonbicwa bosebataziko arabarundi nkabandi? Umuti wivyovyose abarundi bawutoreye muri Arusha ahobavugango abarundi turagiye kwibanda mukubana murivuose duhereye kunzego za reta nizumutekano nuho usigaye ubona umututsi canke umuhutu yemera akabonabona aharanirako uryarunaka nubwobadasangije ubwoko ntarengane, iconico umukuruwigihugu aharanira nubwo abashaka bwaburwibwa bwamoko bwatuma abarundi bihekura ngobwongere bugaruke. Hariho uwambwiyeko muri Amerika umuntu agiye gusabakazi aravuga uwuriwe imwirabure, umuzungu, canke umwarabu nibindi ngwariko babikora kubwineza , natwerero sivyizako tuzimanganya amokoyavu nukuhavuga ariko atarimuntumbero yokubangamiranira ahubwo arimuntumbero yokugiriraniraneza nkubu iyobavuze bati turashaka abasirikare bigihugu cu Burundi 100 babahutu canke babatutsi mbese nabatwa urumvako barikobarabarondera kubwineza.
11 Ruhuhuma 2015, 18:54, par Twaje
Buryamwarimuziko atankoziyikibi isumba uwuvugako hobaho imirwi ishingiye kumoko? Kuvuga amoko nivyiza, ariko duhurire murivyose, mwisengero, mumasbirahamwe, ahotuba kumabarabara, mukazi, mbemuraziko haje nkisengero rivugako rizosengerwamwo na bahutu canke abatutsi gusa kovyogorana kuryemerera gukora mubihugu bitaribike! Abobigira ntiborinda kuvuga kwarisengero ryubwokobumwe bobihisha nkakurya Pacifique atavuzeko ishirahamwe Focode kwariryabatutsi ariko muriwe arabizi kwarishirahamwe ryabatutsi.
12 Ruhuhuma 2015, 10:05, par zuzu
ariko p.c aragayana mbe umuryango wawe wose uraba murikumwe aho i bj nayahandi utaravye neza woyitanguza wo kwisanga usigaye wenyine kuko yotangirira iwawe
13 Ruhuhuma 2015, 20:39, par abacos@gmail.com
Uburundi buracagowe wumvirije ivyiyumviro na debat trop bas ya classe politique toute ethnie confondue,abanyagihugu bagatambira abantu bakabavugiriza ingoma ngo barafise incabwenge,turateye isoni abandi baharira imigambi yorangurirwa abanyagihugu natwe turacaharira iv`abahutu nabatutsi atanumwe azi iyo vyazananye atanuwushobora guhindira,c`est triste et c`est domage.
14 Ruhuhuma 2015, 18:13, par beninka
Ukuvuga menshi siko kuyamara.
mbabajwe nuko Pacifique adahava asoma ino commentaire yanje, mugabo ivuye kure. Pacifique twahora tumwemera iciyumviro emwe hamwe n’ ijambo ashikirije,kuko twmva ritumbereye. ritumbereye. Mugabo twaraye tumuhnyuye.
1.YIHISHA INYUMA YAMA ASSOCIATIONS ASHIKA AMAJANA ATATU , TITWA KW’ASERUKIRA HANYUMA AKAVUGA KO IVYO ACCORD D’ARUSHA ITADOMYE KO URUTOKE KU BUMWE BW’ABARUNDI KO ATAVYO YOKUBAHIRIZA.
NGO AHUBWO NGO NKURUNZIZA NI ABE ARIWE ATANGURA AGIRE ISUKU IRUHANDE RWIWE NGO YUBAHIRIZE UBUMWE BW’ABARUNDI . AHO HANTU HATUMYE UTA ICIZERE WARI UFISE MURI EAST AFRICA , MON FRERE!
HARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU KOSE, UBUMWE BW’ABARUNDI BWOSE MURI VYOSE NA HOSE . MEME SI LES AUTRES , NKURUNZIZA INCLU LES VIOLENT, TU SERA UN HEROS. AHO NIHO UTEREYE IBIRATO !!! TU VIENS DE PERDRE TOUTE TA CREDIBILITe
. BIZOKUGORA GUSUBIRA GUSERUKIRA AYO MA ASSOCIATIONA 300 , NTA HANDI PACIFIQUE TWARI TUMUZI ATARI MU GUHARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU N’UBUMWE BWA TWESE , NONE KO UHINDUTSE? UGIYE MURI POLUTIQUE, GUHARANIRA IVYICARO.
2.IRYA DECLARATIION, ITEYE ISONI YAGUKURIYE AGAHUZU KU MUGONGO, KUKO TU VIENS DE METTRE A NU TOUTES TES INTENTIONS QUI CONTREDIESNT TA VOCATIONSMPREMIERE D;ACTIVISTE DE LA SOCIETE CIVILE., TU NE VEUX RIEN D’AUTRE QUE LE POUVOIR, TU N’EST PLUS NEUTRE. WARI KWITONDA NKA lEACH WALESSA WO MURI YOUGOSLOAVIE, ABANYAGIHUGI BONYENE BO USERUKIRA NOBO BOKUDUGIJE KU NTEBE. NONE ????