IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > PARCEM irabaza abanyeporitike inyishu z’ibibazo vy’abanyagihugu

PARCEM irabaza abanyeporitike inyishu z’ibibazo vy’abanyagihugu

lundi 12 Nzero 2015

Mw’ishirahamwe PARCEM basaba abanyeporitike kugira ico basezeraniye abanyagihugu bakerekana ico bazokora kugira ingorane zugarije igihugu zitorerwe inyishu, bakareka kwama mu mpari zidahera canke kuvugira ibintu muri rusangi ko bazogwanya ibi na biriya.

Kubwa Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l ’Evolution des Mentalités), imigambi y’abanyeporitike ntiba ikwiye kumenyekana mu gihe c’amatora gusa, ahubwo intumbero z’ivyo bazokora mu gihe bashitse ku butegetsi, biba bikwiye kumenyekana imbere bagitangura imigambwe, nk’uko biba no mu bindi bihugu.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa 12 Nzero, mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ko batumva ingene abanyeporitike bo mu Burundi muri rusangi bama bafise impari zidahera, kandi igihugu cugarijwe n’ingorane nyinshi, Faustin Ndikumana, akadondagura igiturire, ubukene bwugarije abanyagihugu, ibiciro biguma biduga, ubutungane butigenga, ibice binini vy’abana basinzikajwe n’ugufungura nabi, ubushomeri, amatagisi asabwa y’umurengera, ingorane mu badandaza, ubusumbasumbane bw’imishahara, urwaruka rukoreshwa n’abanyeporitike, hamwe n’ibindi. Kubw’umukuru wa PARCEM, vyari bwikiye ko abo banyeporitike bava mu gacerere bakerekana intumbero yabo y’ivyo bokora kugira ibintu bihinduke kuri izo ngorane zose.

Faustin Ndikumana abaza abanyeporitike ivyo bariko baharirako muri kino gihe twimirije amatora, ishirahamwe PARCEM arongoye rigasaba ko abanyeporitike bohindura ingendo kugira ivyo bibazo bitorerwa inyishu. Reta nayo yari ikwiye kureka kwama yihutira kwiyamiriza iyo bariko barayikebura, ahubwo iba ikwiye gufata ingingo zibereye mu bisata bitandukanye. Abanyagihugu nabo, PARCEM ibasaba kwirinda abanyeporitike babagira ibikoresho vyabo, na cane cane urwaruka.

Tubamenyeshe ko mw’ishirahamwe PARCEM bagiye gutanguza uruganda rwo guhimiriza abanyeporitike kugira bahindure ingendo. Muri iryo sekeza bazosaba abo banyeporitike kwerekana ivyo bazokora ku kibazo cose cugarije abanyagihugu, kugira hashobore kuba uburongozi bwiza. Uruganda rwa mbere ruzoba kuwa 15 Nzero 2015.


Floxella Karire

Messages

  • Foustin imana iguhagaze mubawe nomuvyo ukora . Ncuti yanje naho uvugira ?amatwi yarazivye yabo??wewe umuntu ashobora kuba mumyaka itANU afise 2milliard atana 0 cent yarafise wuva yokuviza ngute !!cuti mpfa kugetageza usobanurire abanyagohugu turabe ko 2020 hoshika bazi basi icarico amahera reta ikoresha iyo,aba yavuye

  • Mushingantahe Faustin, ivyo uvuze ni ukuri kuzima! Noone aba "leaders politiques" bari heehe? Abo bipfuza gusubirira abari ku utegetsi ariko batabone neeza ingorane abarundi dufise kugira bazamuure igihugu abanyagihugu tuhatorere akoyoko! Iciyumviiro naama nterera uwo weese yuumva yipfuuza kuroongoora uburuundi yoorondera ubwa mbere abahinga bazobeereye muri ibi canke biriya mu bisata bigize ubuzima bw’igihugu bagaheza bakabereka neeza uko ibintu bimeze n’uuko vyooshobora guhiinduka. Igihe coose tutazooba turahiindura ingeendo ngo dushire imbere ubuhiinga n’ubumenyi, hazoohiinduka amasuura y’abari ku butegetsi ariko ingorane zizoguma ari zaa zindi nyene; tugume haahaandi duteze amashi amakuungu. "L’essentiel n’est pas de tout savoir mais de savoir où tout se trouve". Murakoze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.