Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa avuye mu bitaro azosubizwa mw’ibohero
Petero Karaveri Mbonimpa avuye mu bitaro azosubizwa mw’ibohero
lundi 15 Nyakanga 2014
Ubutungane bw’Uburundi bwafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH, asanzwe akitswe n’amagara mu bitaro BUMEREC.
Mu gihe vyari vyitezwe ko kuri uwu wa mbere ariho hamenyekana ingingo y’ubutungane bw’Uburundi, kw’irekurwa vy’agateganyo rya Petero Karaveri Mbonimpa, sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa, w’imyaka 65, asanzwe arwaye ingwara y’igisukare n’iy’umutima, akaba ubu amagara amukitse mu bitaro BUMEREC. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bari basavye ko yorekurwa akazoburana yidegemvya. Abashingwamanza ba Petero Karaveri Mbonimpa bibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, canke arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guhabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya.
- Petero Karaveri Mbonimpa niyatora mitende azoca asubizwa mw’ibohero
Umushingwamanza Antoine Nzobandora yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane. N’aho abo bashingwamanza batahengeshanije kumusabira umwidegemvyo w’agateganyo, Sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo, akazoburana ava mw’ibohero.
Petero Karaveri Mbonimpa yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.
Egide Nduwimana
Messages
15 Nyakanga 2014, 13:56, par KABISI Willy
HAHAHAHAHAHAHA UWUTARABURORWA AVUGA NGO YO BUNYA. UWIFUZA KUMENYA INKURU ARABAZA KADEGE NA DOMISIYANO NA RAJABU. UBUTUNGANE BWUBURUNDI BURIGENGA, KUKO BUDATWARWA NA ONU CANKE UE. UKUDAHANA KUGWIZA IMISEGA HIHIHIHIHIHI NIBAHASHE IKIBI NAKABI. REKA TURINDIRE BAMWE BIYITA NGO NI BABIHOME KO BAJA KUMUCUNGURA, ATARI UGUSURIRA AHOBICAYE.
15 Nyakanga 2014, 14:03, par GITERUZI
UWUZOWATSA SENTARE IZOWUMUZIMIRIZA KO. UWUZOTOBA AMATORA AZOBA ARI UMUMENJA, IGIHANO CAHABWA ABISWE ABAMENJA 1972 MURAKIZI. UWUZOTANGUZA INTAMBARA IZOHERA MUNZU IWE IHEREZE MUNZU IWE. INTAMBARA YAYITANGUJE IKIRIBA, IKOMEREZA KUMPIMBA, IBANDANIRIZA MURI BUMELIKI NONE IGIYE GUSOZERERWA MURI MPIMBA.
15 Nyakanga 2014, 14:09, par AMERIKE
TURIRIMBE: BUMEREKI REKURA IYOMBWEBWE YIGIRE KUMPIMBA JEAN AVUZE ATI REKURA IYO MBWEBWE YIRUKE KUMPIMBA;
15 Nyakanga 2014, 14:16, par KIBAMBA
MUHOZI, PACIFIC, VITAL TUBWIRE ICO MUGIYE GUKORA KUKO ONU, leta zunze ubumwe zamerika ni shirahamwe ryaburaya bananiwe nukurekuza mbonimpa. JEWE UBU MBONA MUKWIYE KWITURA PUTINE WUBURUSIYA NA PEREZIDA WUBUSHINWA NA PREZIDA WA IRANI BABAFASHE ATARUKO NAMWE MURAWUNWA NAHO URURA. UBU TURINDIRIYE KWUMVA CANKE KUBONA MWABAYE BABIHOME KOKO.
15 Nyakanga 2014, 17:01, par Gihimbare
Burya! muriko murandika sms be mushiramwo n’ubumenyi kandi mukamenya kwatamvura idahita, uno munsi ni mutama Mbonimpa ejo naho ni wewe canke uwundi muri famille yawe.
15 Nyakanga 2014, 17:52, par Jean Pierre
Mana Tabara Uburundi Kuko Bugeze Ahatemba!Uburundi Busigaye Ari Nkishamba Aho Igikoko Gisuba Ibindi Kibimira!
15 Nyakanga 2014, 19:02, par birahinduka
My friends mugomba kumenya n’amajambo mukoresha iyo mwandikamutanga ivyiyumviro vyanyu. Nkuyu yiyita ngo ni kibamba nagira ndamwibutse abana batutse umutama Elisa iyo n’inkuru yo muri Bible bamubwira ngo "Buhanza we dugumusozi". Ivyo bakabivuga bisubiriza.Yarabavumye intambwezirabarya bose hasigaye umwe rudende gwa nege wo kuvug’inkuru. Ico ntakekeranya co nuko uyu kibamba ari nk"umwuzukuru kuruyu mutama Mbonimpandavuga ugereranije imyaka yiki gifatanzoka ngo ni kibamba n’imyaka y’umutama Mbonimpa. Mbe sha aho uvuga utuka uyu mutama ngo "Rekura iyo mbwebweyigire kumpimba". Burya urafise umutima, igitigu n’amahahabikora neza? Yokuvumasha wobona amahano abana baraho babonye. Kimwe gusa womenya nuko abo uter’amashurwe uyu musi bataruta Mossini Mubarack muri Egiputa na Gbagbo muri Ivory cost. Behold, the time will tell.
15 Nyakanga 2014, 20:06, par PANCYKOS
TURASHIMIYE CAANE UBUTUNGANE KU NGINGO YO GUKINGIRA IYO SUTWA KUGIRA NGO EJO CANKE HIRYA YEJO ABAMUROSHE NTIBAHAVE BAMUHOHOSHA NGO NI LETA YABIGIZE.ABIFUZA KO AREKUGWA NIBARINDIRE HAGEZE KO UKURI KUJA AHABONA HANYUMA ABABIJEJWE BABIHINYANYURE NIYATSINDA YIDEGEMVYE VYANSE NAHO AWUNWE NTA KUNDI NIYIHANGANE KUKO NIKO BIGENDA IMISI YOSE BAGUHENZE UTAGAVYE URAHAGWA.IKINDI NACO N’UKO WOMENYA KO UBUTUNGANE BUGUKUNDA KUBONA BUGUMA BUGUKINGIRA SI NON HARIHO ABAVENZWE N’INTAMBARA HAMWE BOKUBONA URIKO URIYENZEREZA BAKAKWIYAHURIRAKO BARAVYE IMBERE INTUMBERE YIVYO MWASHAKA GUSHIKAKO VYOGUKWEGA INTAMBARA HAGATI YA RDC N’UBURUNDI.IKINDI NACO WEWE N’ABAGUHENZE, MWARASHAVUJWE NO KUBONA ABANTU BASIGAYE BIDEGEMVYA KW’IBARABARA BUJA-CIBITOKE HAMWE NO MURUKOKO?IKEBUKE.
16 Nyakanga 2014, 11:35, par @#
mwomenya kuyo mutama azovayo !.mwoshaka mworeka gukuga nkimikoma.
16 Nyakanga 2014, 12:30, par Joseph
Ewe Munyeshure Nta Kigongwe Ufise,ubu Urashingiye Intahe Abacamanza Ko Bomugumiza Mu Munyororo?Mbe Uwo Mutama Aziriki?Rindira Bizoshirwa Kumunzane Leta Nimba Ikoresha Ukuri Akayungiro Kazoteba Kaza.Kandi Imana Ntiyicaye Izoza Kuca Imanza
16 Nyakanga 2014, 12:53, par bosco
gabanya amajambo dukore none uwomutama nimumubwire akiwe kumunwa!!!ahohoho tugiye guhindira amakarangamuntu kugira dukoze amakosa ntidufungwe!!!hahahaha nibamufunge.
16 Nyakanga 2014, 15:07, par Ladislas
YAYA MUTAMA WANJE NIWIHANGANE UZOVAYO UKOMEYE NKA MANDELA BITEBE BITEBUKE UKURI KUZOJA HABONA.POLE SANA
16 Nyakanga 2014, 19:50, par philbert
None bari bibaza ko azovayo ataha? Aho hoho sentare yoba iriko irajebajeba!
16 Nyakanga 2014, 19:50, par philbert
None bari bibaza ko azovayo ataha? Aho hoho sentare yoba iriko irajebajeba!
17 Nyakanga 2014, 18:47, par ahmed
oooh! Nukuru berababaje kubone umutama nkuo gufurwa imisimwinshi.mumugirire impuhw atume afungirwa murungo iwe .naho yoba yarakoze icaha mugabo arakwiye impambazi.uwonumutama wigihugu.mugabo uwizeye imana ntimuheba ibuka yuko ahaturi arisi y’imana imana irakunda umuntu atanga impuhwe kuribenewabo iyog bakoze amahano.je narengana gusa ntamenshi navuga.mutama mboni^mpa usenge uwuhoraho azo gufasha atangorane.
18 Nyakanga 2014, 03:17, par handsomepapa@att.net
Ntakintu gifise agaciro nogufya uvurwa neza hose.ibiba mubundi uwariwe wese aravyumva kandi arabibona.Mbega ibikorwa muburundi bihaye bizana ishusho iyahe mumakungu?bahaye biduha ishusho iryahe hose?ubutungane ndobasaba ko mwokwicaramukiga ivyo mukora.muriko muradukurako icubahiro.
24 Nyakanga 2014, 17:55, par pigmé
yooo kumbe amakungu yabona ivyambonimpa!!!ngahooo murekure kazikanyu sindimwo!
25 Nyakanga 2014, 11:16, par Richard
Mbega mu Burundi tuzoshikira ubutungane nyakuri ryari?CNNDD-FDD igishika kubutegetsi twari tuzi ko tugiye kuronka ubutungane nyakuri ariko nasanze baricokimwe nababatutsi bahitiye kubutegetsi.Amerika niyaba nayone yahagurutse nuko yabonye ukuri muri Mbonimpa.Ariko ukuri kuzoja ahagaragara hama Leta izoje imbere y’ubutungane nyabwo, kuko burahari.