IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa yasubijwe mu biro vy’igendereza

Petero Karaveri Mbonimpa yasubijwe mu biro vy’igendereza

mardi 28 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Petero karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akabafungwa, ntiyumvirijwe nk’uko vyari bitegekanijwe kuri uno wa kabiri. Petero karaveri Mbonimpa yoba yasubijwe mu biro vy’iperereza nk’uko amakuru adushikira abimenyesha.

Petero Karaveri Mbonimpa yafashwe ku munsi w’ejo igenekerezo rya 27 Ndamukiza, ari mu kigo c’abamenyeshamakuru ‘’ Maison de la presse, akaba yagiye atwawe nabi nabo mw’igendereza, hakaba haciye umwanya munini ata wuramenya aho yoba yajanywe. Mu gihe co ku muhingamo niho vyamenyekana ko arikubarizwa mu biro vy’iperereza ahava yungururizwa mu giporisi c’inyamiramabi kw’i Jabe.

Petero Karaveri Mbonimpa akaba ari muri rwa rugamba rwishinzwe kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Mbonimpa ari kumwe n’ayandi mashirahamwe arenga amajana atatu, akaba ari no mu bahamagariye abanyagihugu kuja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza. Hakaba hari amakuru avuga ko yoba agomba kujanwa mw’ibohero rya Ruyigi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.