IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > REGIDESO : Bane bagirizwa ubunyonyezi birukanywe

REGIDESO : Bane bagirizwa ubunyonyezi birukanywe

vendredi 10 Gitugutu 2014

Abakozi bane bo mw’ishirahamwe REGIDESO birukanywe vy’agateganyo bazira ko boba bari inyuma y’itangwa nabi ry’amasoko.

Abo birukanywe akaba ari Madidi Desire, Burege Deogratias, Nimpaye Renovat, Kavyandari Deogratias bagirizwa n’umukuru w’ishirahamwe REGIDESO Liberat Mpfumukeko ko bari inyuma y’amasoko yagiye aratangwa nabi, gushika ndetse n’aho hari amafaranga agera ku miriyaridi 2 iryo shirahamwe ritarariha, kandi babona ko birimwo amanyanga.

Muri Syndicat y’abakozi ba REGIDESO barashima iryo yirukanwa, ndetse bakavuga ko hari n’abandi bakozi bo hejuru bakwiye gufatirwa ibihano kuko bari mu batuma iryo shirahamwe ribonwa ko ritunganije nabi, inyuma y’amatohoza yarigizweko. Ariko rero mukamenya ko icegera c’umukuru wa Syndicat y’abakozi ba REGIDESO co kimwe na bamwe mu bakozi bakaba bafashe ukundi iryo yirukanwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.