Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Rekura Bob Rugurika, Hagarika abicanyi mureke abamenyeshamakuru..."
"Rekura Bob Rugurika, Hagarika abicanyi mureke abamenyeshamakuru..."
mardi 10 Ruhuhuma 2015
Abamenyeshamakuru n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike barabandanya gusaba ukuri ku rupfu rw’ababikira b’abatariyanokazi batatu, eka n’irekurwa rya Bob Rugurika umuyobozi wa RPA ijwi ry’Abanyagihugu.

Mu rugendo rwagizwe n’abo bamenyeshamakuru yaba abigenga, abakorera ibinyamakuru vya Reta, abanyamahanga n’abandi bantu batandukanye, bazungurutse inyubakwa ikoreramwo ubutungane bw’Uburundi, bafise inzandiko ziriko amasanamu y’umuyobozi wa RPA Ijwi ry’Abanyagihugu, amasanamu y’ababikira Olga, Lucia na Bernadette, hamwe n’inzandiko zivuga ziti : ’’Rekura Bob Rugurika, Hagarika abicanyi mureke abamenyeshamakuru, Dusaba ukuri ku rupfu rw’ababikira bo mu Kamenge’’.
Petero Karaveri Mbonimpa umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH yari muri urwo rugendo, avuga ko hari umurwi w’igiporisi wakoze amatohoza kuri urwo rupfu rw’abo babikira batatu Olga, Lucia na Bernadetta, ariko icegeranyo c’ivyo bashitseko kikakaba kitarashirwa ahabona. Uwo mukuru w’iryo shirahamwe akavuga ko amatohoza atokwirirwa arahera kure, ko bohera no ku vyo iradiyo RPA yavuze, mbere n’abo nyene bakaba biteguye kuzotanga intererano hamwe vyokenerwa, kugira abicanyi bahagarikwe, abera barekurwe.
Mukamenya ko mu matohoza yari yakozwe na RPA Ijwi ry’Abanyagihugu yavuga ko bamwe mu bakozi b’igendereza nka Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwo rwego, Kazungu n’umuporisi yitwa Ayubu hamwe n’umunyagihugu azwi kw’izina rya Guillaume Harushimana vyavuzwe ko bari mu bateguye ubwo bwicanyi mbere barafasha mu kubushira mu ngiro.







Aristide Nizigire
Messages
11 Ruhuhuma 2015, 11:06, par RUKUNDO
Nukuri iyintwaro iraruhisha mumutwe vrmt!!ariko ntiyo rinda rugabo ikarengukisha abobantu bigize utumana m’Uburundi.bakarekura bob akibandaniriz’umwuga wiwe!!nkubu haraho yarikuba amaze gutohoza n’izindi nkuru!!
11 Ruhuhuma 2015, 21:17, par kinyamaguru juvenal
ndashigikiye ko Bob rugurika arekurwa kuko ararenganwa. baramujaniranije. la justice s’est precipité. umusi ababikira bicwa ikinyamakuru bujumbura be ca ciramunda caranditse kiremanga ko bishwe nabanyarwanda bari mu gisagara ca bujumbura. kubera iki ico co ubutungane butogikorerako? gusa amakenga mfise nkubu vyoshika abo bagirizwa na Rugurika ko bshe ababikira hamwe bigaragaye ko babeshewe ho bazokurwako iceyi nande? kuko murazi ko le mensonge tue plus que l’epee. nibashiteho umuhwi ataho wegamiye urimwo aba police, abacamanza nabo muri societe civile bagikorere hamwe amatohoza à un degré près
11 Ruhuhuma 2015, 21:27, par Bucumi severin
dusavye eglise catholique igire uruhara muri iyi dossier kuko irimwo paramettre nyinshi. bofasha kugira bob rugurika arekurwe mugabo nawe yemere collaboration avec la justice. kugira ivyo azi afise bikoregweko . ikndi hariho abantu batanezerezwa nimigenderanire yari hagati ya vatican na pouvaoir de Buja.kuko aha dushoboye gsanga hariho une main invisible muri ibi bintu vyiyicwa yabihebeye imana. imana ifashe uburundi