IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Reta y’Uburundi isabwa kwiga neza abagiye gushirwa mu murwi CVR

Reta y’Uburundi isabwa kwiga neza abagiye gushirwa mu murwi CVR

vendredi 27 Ruheshi 2014

Inyuma yaho umukuru w’igihugu c’Uburundi ashiriyeho umukono ku murwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yasavye Reta gushiraho umurwi uhurijweko na bose kandi uzomara igihe kirekire.

Mu nama irangiza ibikorwa vyo kwiga ikibazo c’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira, kuri uyu wa gatanu wa 27 Ruheshi, bimwe mu vyagiye biragaruka, n’ingene itegeko ry’umurwi CVR ryashizweho, ico amasezerano y’i Arusha abivuga n’ivyavuye mu banyagihugu kubijanye n’uwo murwi. Ku bijanye n’itegeko ry’umurwi CVR ryemejwe n’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, Ndemeye Claude, umwe mu batunganije iyo nama akaba n’umunywanyi w’ishirahamwe ACAT, avuga ko hakwiye kujaho umurwi wizigiwe na bose, uhurikiyemwo bose.

Umurwi uje kurondera vy’ukuri ukurekuriranira kw’abarundi, uzomara igihe kirekire hongere habe n’ingingo ihurijweko na bose. Ku bijanye n’ico amasezerano y’I Arusha abivugako, Claude Ndemeye umurwi CVR utegerezwa kuba uri umurwi uje gusubiza hamwe abarundi kandi, umurwi uhurikiyemwo bose hakaba kandi n’umurwi wo hanze woza gutohoza ugashiraho na sentare.

Naho ivyo abarundi bari bashikirije igihe babaza ingene inzego z’ubutungane bw’inyuma y’intambara bwoshirwaho, bari bashikirije cane cane ko zoba ari inzego zigenga, zoshirwamwo abarundi hamwe n’abanyamahanga kugira bashobore kwizera ibizovamwo. Bakaba basavye ko hatojamwo abanyamigambwe, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’abavuye mu mahanga.

Ndemeye Claude akaba yamenyesheje ko iyo nama yari yatunganijwe mu ntumbero yo kurabira hamwe ivyo Reta y’Uburundi yasabwe n’ibindi bihugu, ivyo arivyo mu murwi CVR, aho igejeje kubikora. Ivyo amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike asaba Reta kugira yisunge ivyo yasabwe ku bijanye no gushira mu ngiro inzego z’ubutungane bw’inyuma y’intambara.

Mwomenya ko mu vyo ayo mashirahamwe Reta ko harimwo gushiraho umurwi wizigiwe na bose, ko habaho ukwumvikana, abanyeporitike n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, bakumvikana umuntu yoja muri uwo murwi uko yoba ameze, mbere n’ingingo imwe muguhuriza ku mazina amwe.


Mariella Bukuru

Messages

  • Wewe NDEMEYE cloude ntaco twashimye kuvuga kuribi washikirije turibenshi,nkuko tugira ico dushikirije kubindi vyandikwa kururu rubuga rwa IGIHE,turavye ivyo washikirije,turabona wewe kukiri muto muvya politique,yongaha muburundi,ivyo vyose urimwo kuvuga twebwe abarundi twarabikuye munzira,twiteze gusa uwosubira gushaka guta igihugu mukaga,twebwe nyene abene gihugu duce tumwihanira atacamira,kuko twarakozweho nayo macakubiri yanyu,kandi twaraba babariye kuvyaha vyose baso na basowanyu badukoreye,murirusangi bakoreye abarundi,nawewe ndakwize neza,ufise icugomba gushikako,nsinzi kwari gushaka kwisabira akazi,ariko wewe ndakwitegereje neza nkumuhinga nanonosoye amajambo,ntubikwiye kuja mwuyo mugwi.kandi muvyabaye nkakarorero 1993 ntihabuze ukuri ubiziko,cane cane kwishure wigako,uramutse utanze iciyunviro cawe wiyuguruye mumutima atakariganga muhogo karimwo,ngira wokwizegwa.kari akagohe nkukubitiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.