Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruhororo: Bamwe mu bateshejwe izabo babandanya gufatwa
Ruhororo: Bamwe mu bateshejwe izabo babandanya gufatwa
mercredi 4 Kigarama 2013
Abakozi ba Reta basanzwe baba mw’ikambi y’abateshejwe izabo yo ku Ruhororo mu ntara ya Ngozi, bamaze iminsi barara ntibuca mu gihe hari amakuru bavuga ko bafise yo guta mu mvuto bamwe muri bo.
Ivyo rero bikaba bije mu gihe uwujejwe ivyirwa kw’ ishure ryisumbuye rya komine ya Ruhororo, yafashwe aca ajana gupfungirwa mu giporisi, ndetse akaba abaye uw’icenda afashwe, inyuma y’abandi bari bafashwe baca bajana gupfungirwa i Ngozi, inyuma yaho habereye uruhagarara hagati y’abo bateshejwe izabo n’igiporisi. Uyo ajejwe ivyirwa aho kuri iryo shure, akaba azira ko yoba afise uruhara mu ntureka zabaye mu ndwi iheze aho mu Ruhororo.
Amakuru ava aho muri iyo kambi y’abateshejwe izabo, akaba avuga ko n’ejo ku munsi wa kabiri, hari abana b’imiyabaga boba barabajijwe na sentare yaho ku Ruhororo mw’ibanga, bakabazwa uruhara bagize muri nya kajagari kari kadutse, eka hakaba n’abandi atari bake bitavye imitahe kuri uyo munsi nyene aho muri sentare y’intango, ariko bakaba baragize Imana barataha mu mihana iwabo.
Abo bateshejwe izabo aho muri site ya Ruhororo, bakavuga ko hari urutonde rw’abantu barenga kuri 20 boba baranditswe na rumwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, uwuvurwa cane muri abo batanga urwo rutonde, akaba ari uwitwa Rivuzimana Barutazaro, aba mu micungararo y’iyo site. Ababa muri iyo site, bakaba batangazwa n’iryo hagarikwa ry’agasakisaki, mu gihe hari n’abafashwe, kandi kuri uyo munsi batari aho ivyo vyabereye. Ikindi kibatangaza, akaba ari ukurenga kw’ijambo ryari ryashikirijwe na buramatari w’intara ya Ngozi Claude Nahayo, aho yari yamenyesheje ko atawundi muntu azosubira gufatwa, ngo ajane gupfungwa.

Bumwe mu buzi bukaba buriko bukorwa aho muri iyo komine, mu gihe hari bamwe badatonda ku mirimo yabo, mu gutinya ko bashobora gufatwa bakajanwa gupfungwa. Abo bateshejwe izabo rero, bakaba n’ubu barahira bakarengwa ko badashobora gusubira mu mitumba baje bavako, mu gihe umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira utarajaho. Ivyo navyo bikaba bitumvwa na Reta y’i Bujumbura eka n’umurwi ujejwe ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo, kuko basaba abo bateshejwe izabo, kuva muri iryo tongo rigasubizwa banyeryo, nabo, bakaja iyo baje bava, kubana n’abasigaye ku mitumba.
Aristide Nizigire
Messages
4 Kigarama 2013, 23:15, par bruno
cndd ifise imikenyuro myinshi n`uwo ntibhabuze ico bariko barategura!!!
9 Kigarama 2013, 11:38, par matabaro
nizereko ubutegetsi bubi bufise nkunzi bazi aho bwatugejeje ndetse naho bwatumye abadutwara ubu baja ntarubanza nciye ariko ico bateguraco kirahari mugabo bibukeko ugupfa kumuntu haba hageze. Ahandiho Hitler abayahudi yaraziko yabahejeje