Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rumonge : Sentare yumvirije abagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Sentare yumvirije abagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru (...)

Rumonge : Sentare yumvirije abagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu

mardi 28 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare y’intara ya Rumonge yumvirije kuri uwu wa kabiri abanyeshure umunani bo kw’ishure ryisumbuye rya Komine Bugarama bagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Ubutungane bukaba bwabumvirije, bivanye n’imyaka yabo.

Abashingwamanza bafasha abo banyeshure kuburana bakaba basavye ko nk’uko amategeko abitegekanya, inyuma y’ukubumviriza, abafise imyaka iri munsi ya 15 borekurwa.

Iyo sentare nyene yari yumvirije kuri uwu wa mbere abandi banyeshure 18 bo kw’ishure ryisumbuye rya Rumonge, nabo nyene bakurikiranwa ku caha c’ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu, ariko batandatu muribo badashikana imyaka 15 bakaba baciye barekurwa.

Abasigaye bagera 12 baciye bungururizwa mw’ibohero rikuru rya Rumonge, bikaba bitegekanijwe ko kuri uwu wa gatatu ariho sentare izoshikiriza ingingo yafashwe y’uko borekurwa bakaburana bidegemvya, canke bakagumizwa mu munyororo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.