Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Sentare yumvirije abagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru (...)
Rumonge : Sentare yumvirije abagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu
mardi 28 Ruheshi 2016, par
Sentare y’intara ya Rumonge yumvirije kuri uwu wa kabiri abanyeshure umunani bo kw’ishure ryisumbuye rya Komine Bugarama bagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Ubutungane bukaba bwabumvirije, bivanye n’imyaka yabo.
Abashingwamanza bafasha abo banyeshure kuburana bakaba basavye ko nk’uko amategeko abitegekanya, inyuma y’ukubumviriza, abafise imyaka iri munsi ya 15 borekurwa.
Iyo sentare nyene yari yumvirije kuri uwu wa mbere abandi banyeshure 18 bo kw’ishure ryisumbuye rya Rumonge, nabo nyene bakurikiranwa ku caha c’ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu, ariko batandatu muribo badashikana imyaka 15 bakaba baciye barekurwa.
Abasigaye bagera 12 baciye bungururizwa mw’ibohero rikuru rya Rumonge, bikaba bitegekanijwe ko kuri uwu wa gatatu ariho sentare izoshikiriza ingingo yafashwe y’uko borekurwa bakaburana bidegemvya, canke bakagumizwa mu munyororo.
IGIHE
Messages
28 Ruheshi 2016, 20:17, par MUYAHUDI
NIMUBAH IMBABAZI ABO NIBITAZI BAHENDWA NABANYE POLITIK BABI
28 Ruheshi 2016, 21:07, par ntavyishi
Kumushirimpandeyumwami Kanditzikahisekiwe Birababajekweri
28 Ruheshi 2016, 21:08, par ntavyishi
Kumushirimpandeyumwami Kanditzikahisekiwe Birababajekweri
29 Ruheshi 2016, 09:52, par samvura
Oyanibara kuko haracariho Intumva zamazatutse papaburundi nkurunzizA.bakamutuka ngo ninkurumbi kamdituziko ari nkurunziza yemwe abajejwe ubucamanza ,nimukuruguture izontumva nakarengo ugutwi kwimpene kwumva kwokejwe. Nihobazogira icobatinya.
29 Ruheshi 2016, 21:49, par NZISABIRA JEAN PIÉRR. BATAZIRA.MWAKE MWAKE. MUYINGA BUTIHINDA (...)
NIBAGUME MWIBOHERO. BABANZEBAKOME. PITA SITOBANGIRO NIBABIMENYE, TURINYUMAYIWE
30 Ruheshi 2016, 10:28, par Egide Yabukata Nduwimana
Ubutungane Nibukor Butaravye Nkunji Mbega Ko Abanyeshure Dukunda Guhisha Imyaka Mbega Murabo Batashe Ntabarimwo ? Mbega Ibitabu Ko Vyigiramwo Abana Beshi Ntabaguye Mumporero
16 Mukakaro 2016, 21:19, par mzoyihera intagoheka
Nibamuteshe agateka niwe yakikuyeko, umutware ariribwa kuvyo yakoze. none abe muguhemukura abarundi, bamukomere amshi ? oya biragatsidwa ntagukomera amashi umwicanyi, ivyo bitabo baravyononye nta foto yiwe yarikweye kubamwo oooo.
19 Mukakaro 2016, 13:54, par Christophe Hatungimana
Mbega Ko Sentare Ya Rumo Yumvirije Abo Banyeshure Bagirizwa Gusibangany Ifoto Y’umukuru W’igihugu Tweho Abanya Ruyigi Twafashwe Ngo Ku Mvo Z’amatohoza Mu Bitero Vyabaye Mw’ikomine Yacu Ya Gisuru Bamwe Muribo Tukaba Tutanegereye Ku Mutumba Vyabereye Ko Sentare Ya Ruyigi Ntiyotwumviriza Hanyuma Tukarekurwa?