Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Rumonge : Ibikorwa vyo ku kivuko vyahungabanijwe n’itagisi abadandaza (...)
Rumonge : Ibikorwa vyo ku kivuko vyahungabanijwe n’itagisi abadandaza batazi
mercredi 13 Myandagaro 2014
Ku kivuko co mu Rumonge, itagisi rishasha ritazwi n’abadandaza n’abaguzi ryateye uruhagarara, n’ibikorwa vyo kuri ico kivuko bikaba bitariko biragenda neza kuva kuri uwu wa mbere.
Haheze iminsi ibiri itagisi rishasha rizanye ukutumvikana hagati y’abadandaza, abaguzi, abakorera kuri ico kivuko co mu Rumonge, hamwe n’abatoza amakori n’amatagisi ya Reta bo mu kigo OBR bakorera aho ku kivuko co mu Rumonge. Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abakozi begukira ico kivuko co mu Rumonge barabujijwe kwinjira, gushika kuri uwu wa kabiri, bivuye ku gashavu k’itegeko nimero AMPF/DG/001/2014, ry’ugutoza itagisi abadandaza n’abaguzi bavuga ko ritazwi, ryashizweho na Nahimana Melchior, umuyobozi w’ico kivuko, kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2014.

Iryo tegeko rigenga iryo tagisi rishasha rivuga amafaranga atangishwa ku bintu vyinjiye, canke bisohotse biciye kuri ico kivuko ca Rumonge, gushika no kw’ibido imwe igaragara yinjiye kuri ico kivuko irihishwa amafaranga cumi, n’imodoka (camion) ihinjiye irihishwa ibihumbi bitanu. Abadandaza n’abaguzi bakorera kuri ico kivuko bariyamiriza iryo tagisi, bakamenyesha ko ataho ritaniye n’ubusuma bukorwa izuba ryaka, ari naco gituma banse ko ibikorwa bibandanya kuri ico kivuko ico kibazo kidatorewe inyishu.
Ntiturashobora kuronka igisata kibijejwe mu kigo OBR kugira bashobore gutanga insiguro kuri iryo tagisi abadandaza n’abaguzi bavuga ko ritazwi, rikaba ririko riratangishwa ku kivuko ca Rumonge.
IGIHE
Messages
13 Myandagaro 2014, 15:58, par Ntahombaye
Sahura,bompora ,kubita boh fomora n iyiri mu nda CND FDD oyeeeee.
14 Myandagaro 2014, 07:26, par niyondiko
Uragowe Burundi bwacu dukunda abo wibarutse barakwanka bakakubona yamara IMANA yakuremye irakubona.
14 Myandagaro 2014, 09:01, par NKUNDUBURUNDI Ndayihypolite
Rumonge , commune ishobora kuba iri mju zambere mukurya igiturire. Ni iwacu ndahazi bihagije. Niko hamye. Ibaze kugeza aho n’umu Agent wa Police ahageze aba asezeye Mutation. Hari abo nzi bahamaze imyaka irenga 15.
Hari aho muzi Police ikora ukwo? Burundi, Rumonge waragowe!!!!