IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rwasa Agathon yoba ariko arakurikiranwa n’ubutungane

Rwasa Agathon yoba ariko arakurikiranwa n’ubutungane

jeudi 22 Myandagaro 2013

Rwasa Agathon, yahoze ari umukuru w’umurwi w’abarwanyi ba FNL (Forces Nationales de Libération), aheruka kuja ahabona inyuma y’imyaka itatu atawuzi irengero ryiwe, yoba ariko arakurikiranwa n’ubutungane bwo mu Burundi. Yoba ariko akurikiranwa hamwe n’uwahora ari umuvugizi wiwe Pasteur Habimana. Bompi bakurikiranwa ku rubanza rw’ubwicanyi bw’abanyamulenge baguye mu bwicanyi bwabereye mu Gatumba mu mwaka w’2004, abanyamulenge 166 barahasiga ubuzima, abandi 116 barakomereka.

JPEG - 59.6 ko
Ku munsi w’amaziko y’abanyamulenge baguye mu bwicanyi bwo mu Gatumba

Amakuru dukesha RFI amenyesha ko abacitse kw’icumu muri ubwo bwicanyi boba bamwitwariye mw’ibanga ntangere ku genekerezo rya 13 Myandagaro (haraheze iminsi cumi). Iyo ngingo yo kwitura ubutungane bakaba bayifashe igihe bari mu birori vyo kwibuka imyaka icenda iheze ababo bagandaguwe bunyamaswa. Baranegura agacerere kakurikiye ubwo bwicanyi mu gihe kuri uno munsi ababwagirizwa, Rwasa Agathon na Pasteur Habimana bari mu gihugu.

Kubw’abaserukira abanyamulenge babuze ababo, ubutungane bw’Uburundi nta citwazo na kimwe bukwiye kugira mu kudacira urubanza abagirizwa ico caha c’ubwicanyi kuko ata n’amatohoza akenewe. Ivyo babivuga bisunzwe amajambo yavuzwe na Pasteur Habimana, yemanga ko aribo bakoze igitero ku banyamulenge mu Gatumba.

Ahamagawe na RFI, Pasteur Habimana arahakana ivyo yagirizwa, akamenyesha ko atigeze avugira kw’iradiyo, ahubwo ko ari uwundi muntu yiganye ijwi ryiwe. Ku ruhande rwa Rwasa Agathon, ivyo Habimana yavugiye kw’iradiyo bizobazwe we nyene. : « Aho yavugira kw’iradiyo, na jewe navyumvise nk’abandi bose. Yari muri Congo, nanje nkaba nari mu Burundi. Ivyabereye mu Gatumba nabimenye nteba ku muhingamo. Aho rero mwoca mutahura ko ivyahabereye n’ababiteguye atavyonzi. Abotanga umuco ni abakorera mu Gatumba muri urya mwaka kuko jewe sinabarizwa muri ako karere. »

GIF - 36.7 ko
Pasteur Habimana

Agathon Rwasa ntiyagarukirije aho, yaciye aboneraho n’akaryo ko kwibutsa ubutegetsi bwo mu Burundi yagiriza ko buri inyuma y’ivyo birego vyo mu Gatumba ko nk’uwahoze ari umurwanyi muri ico gihugu, agifise ikigongwe c’agateganyo ku vyaha vyose vyakozwe mu ngwano. Ku kibazo co kumenya ico ubutungane bugiye gukora, ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa Repubulika ntaco vyashimye kubivugako gushika ubu.

JPEG - 33.7 ko
Icibutso c’ahashinguwe abanyamulenge 166 baguye mu bwicanyi bwabereye mu Gatumba

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.