IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Inyuma y’amasaha 48 barindiriye kwidegemvya canke kuguma mw’ibohero

Inyuma y’amasaha 48 barindiriye kwidegemvya canke kuguma mw’ibohero

lundi 9 Ruheshi 2014

Urwaruka rwa JRR rwagirizwa kuba arirwo rwateye grenade Gaston Sindimwo umunywanyi wa Uprona ishami rya Concilie Nibigira, rwarengutse muri sentare isubiramwo iminza mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko umushingwamanza King Hermes Kezimana yabibwiye ikinyamakuru IGIHE, amakenga yagiye aragaragara kuva abo baburanira bagifatwa, nivyo yabwiye sentare. Muri ivyo hakaba ari ukwivuguruza kuranga Gaston Sindimwo kubijanye n’abamuteye, aho ubwa mbere yavuze ko abamuteye atabo azi, hanyuma akavuga ko umwe yamumenye. Ikindi akaba ari irungikwa rya bamwe mu bacuditse na Gaston Sindimwo aho abo basore babiri bari bapfungiwe Lionel Ninteretse na Fabrice Shurweryimana kubafotora.

Tukabamenyesha ko uyu musi muri sentare isubiramwo imanza, bahevye baraburana, mu gihe iyo misore yari imaze kurenguka kabiri itaburana. Bakaba barindiriye amasaha 48 kugira sentare yemeze ko amatohoza agiye kuba bidegemvya canke kugumizwa mw’ibohero.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.