IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare mpuzamakungu yunguruje urubanza rwa Bosco Ntaganda

Sentare mpuzamakungu yunguruje urubanza rwa Bosco Ntaganda

samedi 4 Mukakaro 2015

Sentare mpuzamakungu yafashe in gingo yo kwunuruza urubanza rwa Bosco Ntaganda kw’igenekerezo rya 2 ukwezi kiw’icenda,mu gihe rwari rutegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 7 gushika kurya 9 Mukakaro.

Mw’itangazo iyo sentare yashize ahabona kuwa gatanu igenekerezo rya 3 Mukakaro,imenyesha ko icabona ca mbere mu rubanza rwa Bosco Ntaganda cokwitavye sentare kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro ariko azokwitaba kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro.

Iyo ngingo ya sentare mpuzamakungu yafashwe mu gihe,ababuranira Bosco Ntaganda,bari basavye sentare kwungururiza urwo rubanza ku yindi sango,mu ntumbero yo guca urubanza rubereye.

Mwomenya ko Bosco Ntaganda yahoze ari umwe mu barongoye umurwi warwanira mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.