IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare ntahinyuzwa yagumije mu munyororo Bamvuginyumvira

Sentare ntahinyuzwa yagumije mu munyororo Bamvuginyumvira

vendredi 24 Nzero 2014

Sentare ntahinyuzwa yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU. Ababuranira uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu bari bituye igisata ca gasamburamanza kugira basabe ko Bamvuginyumvira yoburana yidegemvya mu kurindira ko umunshingwamanza aheza gutohoza ivyo bamwagiriza.

Mu mugambwe Bamvuginyumvira akomokamwo ariwo SAHWANYA FRODEBU, hamwe n’umuryango wiwe bakiranye umubabaro iyo ngingo yo kumugumiza mu munyororo, bakamenyesha ko apfunzwe azira akarenganyo n’imvo za poritike.

Umushingwamanza Fabiyano Segatwa, asanzwe ari mu baburanira Ferederiko Bamvuginyumvira, igihe bitura sentare ntahinyuzwa, yari yamenyesheje ko ivyo sentare yafatiyeko kugira igumize Ferederiko Bamvuginyumvira mu munyororo bidafashe, ari naco gituma bituye igisata ca gasamburamanza kugira basabe ko Bamvuginyumvira yorekurwa. Muvyo batashoboye guhurizako, twobabwira nk’ikibanza Bamvuginyumvira yafatiwemwo aho abaserukira Reta mu rubanza bavuga ko yafatiwe mu Kajaga, mu gihe Bamvuginyumvira ubwiwe avuga ko yafatiwe mu Nyakabiga. Nk’uko bibandanya bivugwa n’umushingwamanza Fabiyano Segatwa, umushikirizamanza ntiyashoboye gutomora ku bubasha abamufashe bivugwa ko boba batari bafise, hamwe n’ivyo bamwagiriza ko yatanze igiturire c’amafaranga ibihumbi amajana abiri kandi icaha co kurenga ibigo baramaze kukimukurako.

Kubw’umushingwamanza Fabiyano Segatwa, abafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo basiguye ko ari kugira umushingwamanza abandanye kubitohoza neza, ariko agasaba ko mukurindira ayo matohoza akorwa n’umushikirizamanza, Ferederiko Bamvuginyumvira yoba ararekurwa akazoburana yidegemvya. Inyuma y’ivyashikirijwe n’abo bamuburanira muri sentare ntahinyuzwa mu gisata ca gasamburamanza, bari bahawe amasaha mirongo ine n’umunani, none ingingo yaraye ifashwe n’uko Bamvuginyumvira agumizwa mw’ibohero, akabandanya kwitaba ubutungane apfunzwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibamureke Uwomutama Baramuhohotera Tubiraba Barigutinya Koyobatsinda Mumatora Yimirije Nijo Gituma Baguma Bamugumije Mwibohero Ariko Reka Turindire Imana Iriho.

  • Burundi gihugu casogokuruza amarira yabana bawe azoshira ryari ko ibimwenyi "NTAMBABAZI" vyicaye kubikanu vy’abo wibarutse?Ntaco iri joro rizoca nirya Micombero ryaraciye!!

  • Ariko ga mana abo ba dd ntiworaba igihano bakwiye ko bahohotera abamtu atacamira Hama ng bamwe nAba pasteur barongoyeigihugu,kumbe naba pasteur BA illuminati.ntaco niwigumye ukuri kuzotinda kumenyekane

  • BAVUMA IHEZAGIRA NTABWO BAZI ICO BARIKO BIKORERA AHO NIHAMWE IGIKOBA CIKWEGERA AMAKARA NABO BARIKO BAMAGWA NA SIDA BATI REKA TUMARE ABA NABO

  • iyi ntwaro itevye kuvako ngo tugufungure mutama, harya upfunzwe n’umugambwe umwe rudende

  • Uyo mutama arimwo azira ubusa uyo mungabwe uri kubutegetse ukwiye kuhava kuko ntantwaro yawo kuko utwaza akarenganyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.