Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemereye Petero Nkurunziza kwitoza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemereye Petero Nkurunziza kwitoza (...)

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemereye Petero Nkurunziza kwitoza ubwa 3

mardi 5 Rusama 2015

Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ko Petero Nkurunzizia yitoza ubugira gatatu.

Petero Nkurunziza yemerewe guhiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu

Nk’uko vyanditswe na Evelyne Butoyi, umwe mu bakomiseri b’umugambwe CNDD FDD, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yisunze amategeko, yasanze Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza rimwe gusa, akitorerwa n’abanyagihugu bitanyuranye n’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w’2005, ku wa 18 Ntwarante.

PNG - 22.9 ko
Evelyne Butoyi, membre de l’équipe de communication du parti Cndd-Fdd, sur son compte facebook

Mwomenya ko icegera c’umukuru w’iyo sentare yamaze guhungira mu gihugu c’Urwanda, avuga ko yatewe ubwoba co kimwe n’abandi batatu ko bategerezwa kwemeza ko, Petero Nkurunziza yitoje ubwa gatatu atazoba ahonyanze ibwirizwa nshingiro, atari aho naho, Sylvere Nimpagaritse akavuga ko yashobora guca yicwa.

Imyiyerekano yiyamiriza ico kiringo ca gatatu, ikaba ikomeye mu gisagara ca Bujumbura, aho abantu bamaze kwitaba Imana, abandi benshi bakaba bari mu mabohero atandukanye, ariko abagira iyo myiyerekano bo, bakaba badahagarika.


Aristide Nizigire

Messages

  • ICIYUMVIRO IMPANURO NAREKE KWITOZA,UBUGIRA GATATU.KUKO ABARIKO BAPFA AZOBIHARURWAKO!IMANA NTAGIRE NGO IRAHOZE! /ZABURI50:25.

  • ntagishasha twari turindiriye

  • Komeraaaaa Abafise Amakenga N,ahere Twese Abanyagihugu Iri Rimwe Turarimwemerera Kuko Jewe Namutoye Rimwe Gusa Rero Nohanura Abari Mu Myiyerekano Kwitabira Amatora Meeeza Cane Burakeye Tuvyereke Abagabo VUGANEZA Woturotorera Iki Ndarindiriye Iciyumviro Cawe Ico Nagira Mvuge Ndaguhaye Ijambo

  • Pierre Nkurunziza is killing his own people because of his greed.

  • Nakomere Nyenicubahiro NKURUNZIZA kuko twaramukunze kuko iyo tutamukunda ntiyari kumara Imyaka 10 adutwara.
    Ariko mfise amakenga ko:
    1. atazohava atsinda nka yayandi Muhamed Morsi yatsinda ejo bundi muri Egypt.
    2. Ndiko ndibaza umuntu yoshobora gutwara Igihugu icarico cose nbetse Uburundi ashigikwe na Iran, Russie na Chine gusa.
    3. USA,EU, EAC, AU, Belgique, England, France, etc.... murabona abarundi dushobora kubarahuruza ko nzi muraba za France24, Al Jazeera, VOA, CNN, etc....??
    4. Jewe ndacibaza ico Ministre wa Relations Exterieures yari amze imyaka akora kuba atigeze aja kwigisha abo bantu mvuze hejuru.

    Uwubishoboye anyishure, amare amakenga.

    Vive Burundi vive Burundi Vive Burundi!!!!!

  • nawe naje nagwo ngo sentare yamwemeje. ewe Blaise compaore sentare yari yamwemeje. erega iyo sentare yiwe ni denise Wiwe. Ewe juju urawunywa tu. Nayo porpsper ngo fyo arawunwa nawe nyene. Rindira gato turaje rero ubu ama adresse yabo baduhemukiye twese twari tuyazi rindira inkono igira ishe.

  • inkinamico niko bavyita basha bashake bemeze 100% nuko adashobora gusubira gutwara igihugu muma fati.

  • Rest in peace Petero nkukunda

  • uwomuntu yahawamahera nabatutsi murwanda niho hari ubuhungiro? abanyakibi bahunga ata wubirukanye.

  • Mbega mwari bwabone uwivye ariwe yitwara? Ntawovyemera noneho urumvako abacamanza batewe ubwoba ngo badakoze ivyo babategetse barabica!

  • Wewe wiyita nkunduburundi,ntubukunda ahubwo urabwanka.nibaza ko uri mubariko bararasa abari mumyiyerekano hamw nabaguma bica abantu ataco bazira.intabwirwa ibwirwa nuko amaso atukuye.

  • Ntaco umuntu akironka avuga kuko umuntu umubwiye uti udakoze icondagutegetse ndakwica ,abanza gukiza igufa ryiwe hanyuma akabisigura ko yabikoze kwiterabwoba rero jewe nibaza yuko atamuntu atwara aba t’amushaka

  • nta wuribwa ninkoma ngo yitware kusato ntivyo shoboka nagato

  • Janyuma ico Nokwongerako nuko ivy ´ubuhutu n ´ubututsi vyaheze mugihugu c’uburundi rero mureke gucanishamwo abarundi

  • MBEGA SENTARE IMANA IBAHARIRE KUKO BAGIZE IVYOBATAZI IZISHURA NIBARINDIRE BARAHENZE NIVYOBIMANA VYIBUJUMBURA

  • Ntakindi Twari Tuyitezeko Atarico Biciye Bigaragara Ko Ubucamanza Butigenga Nabuhoro Buhoro.Yamara Abarundi Bumutima Twarahagurutse Kandi Tuzoruhuka Twisubije Agateka.

  • Iconogira inama abarundi basanzwe bafise uburenganzira bwoguhindura ibwirizwashingiro nkuko namanabivuze banyarutse bitarenze iyimyaka itanu twimirije bakozore ibwirizwashingiro ryigihugucacu, kuko turikoturarenganya ababajejwe kuryubahiriza ngobakoze amakosha kwerekanako barevye ukwibwirizwashingiro ryanditse kwatacobabona cobuza Nkurunziza twitoza. Iribwirizwanshingiro ukoriri unomusi urisomye uraheba ugatwenga menga abaritunganije baribaborewe! Nicogituma ndabasaba kurikosora nyabune; uyumusi ni Nkurunziza ejo nuyundi kuko ejo Nkurunziza atsinze azotwara imyaka itanugusa ariko uburunti bozokenera abazokomeza kubutwara umwaka nimyaniko, mboneyeho nogukebura abobose batanezerejwe nuko Nkurunziza agifise ubureganzira bwokwitoza bokwihangana hakodukomeza kwiyahura dupfira mumabarabara twofuma twemera tugatwanabi imyakitanu ariko tukiberaho mumahoro.

  • IGIKURU NUKO MWOREKA GUTUKANA,KUKO KOMANDAWACU NI YESU,NTAKUGANZANAKUMWE KUTAVA KUMANA,UWAHAYIKIBANZACANBERE MUMUTIMIWE IMANA AZOTURONGORA TWESE,NIMUBURE KWANBARAMAGUNIRA,MWISONZESHE NKABANYISIRAYERI MUSENGIMANA.

  • Mukinda mugaramye, turamwongera mutama irindi rimwe kuko turamukunda! Abadashaka namwe ayo majwi yanyu murayaha Pacifique na Vital canke Imbono Charisma. Hihihih hih hih hi

  • Mana habwa icubahiro!Akarenganyo karaheze.
    Hama Mana tabara wugurure amaso abarundi bige kusoma kw interpreta un texte
    kw evalua une situation..Nababajwe nabakomeretse ou bapfiriye mumyiyerekano ataco yarimaze.Mbabajwe nabamaze plus de 10 jours batashobora gukora lorsque banque itazobagirira imbabazi.En dernier lieu twohora dukora nkaba peuples des pays developpes ou umuntu wese araba akongera agakora ivyo ajejwe ivyo ahambije .S improviser dans toute chose ni ibara rirwa gusa.Vive la justice Burundaise

  • bari baratavye kutwerek ukur,ahasigay nuko abo bar mwibarabar nabo bova mugacerer bakerekan ingingo sentar yubahiriz iawirizw nshingir yarenz.amaraso ntabandany gusesek.

  • Un grand merci a Igihe d,avoir mis en ligne ce document. Mais, il manque le feuillet numero 5, qui doit etre crucial. Pourriez-vous svp nous le poster?

  • mbega ubucamanza bucira inkonda!!!!!!!! dushirire amafoto y"abo bantu badutaye mu haga ahabona kugira tuze turabavuma aho tubabonye hose

  • ARABATEYE IGITSINDO CUMUTWE BASHA,AREREKANYE KO ATAWAMUTERA UBWOBA NGO BISHOBOKE, AHESHEJE ITEKA AFRICA YOSE,UBUNDI YAGENDERAGA KUMABWIRIZA AVA MUMAKUNGU.

  • Umukuru wigihugu Nkurunziza arabonakurekabisa! Yariyarabonye kohariho abazokindagira mugihugu nohanzeyaco muntumbero yokwongera kugarukana intambara bagakindabagaramwe kugira intambara ibeho none ivyoyavuze nivyoturikoturabona. Iconanje nobabwirarero nuko kujamumabarabara muribake canke muribeshi ntaco bihindira kukuzokwitoza kwa Nkurunziza wacu mwicabantu mwabareka ningombwa azokwitoze, mwahungakubwishi canke kubuke ntakibuza aritoza, mwagenda mukabwira ibihuguvyibihangange ayamuhe ntacobihindura aritoza, badufatiribihano canke ntibabifate ntakibuza aritoza, ibwirizwashigiro ryigihugucacu rirabimwemerera. Nimwatwica mukatumara murazovyura amazuru ukomwishakiye arikotukiriho oya. Kubijanye nibihano abarundi turabimenyereye mwibuke mubihevyaheze kuri Buyoya barabidufatiye ariko nubu abarundi turacariho ntitwafuye, abandibarundi icogihe barimwishamba barisha nkimpene atamfashanyo yayomakungu babasanza kurugambabarimwo rwakanyeshamba ariko abeshi nunomusi bariho . Petero Nkurunziza urakaramba akaringo kanyuma buraca tukaguhe kandi ucutagura gutegura uwuzogusubirira muri 2020 nayo iyimyaka itanu urayutwa nubwo abantu barikobarakindisha agakomokomo bagaramye.

  • Ntawotangazwa n’ibikorwa vyibonekeza ko birongowe n’abadayimoni.

  • erega uyu yavuye mukibira ntiwamukangisha gutwika imipine kereka utagira ubwenge n’indege zaramurashe amasase minshi n’ama bomba atavanako ashoboka aranana nkanswe bariya badafise n’ibirato byokwambara. abari mwibarabara atabwenge mufise burya!!

  • uwo yahunze yabonye atoronka aho asubira guca kuko mu rutovu ntijayo ku musaga ntiyojayo eka nabiwabo bomutera amabuye.

  • UBU IGISIGAYE NI MUKAZU K’ITORA! mambo kwisha...

  • Yatwara atatwara tugomba turabe abazotwara abaribo sentare mpuzamakungu iriho tuzogunguruza iyo sentare ya Nkurumbi toka katika jina la Yesu

  • Hongera sana mzee wetu .umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo. Yaaani nakupongeza sanabmengine ni uko mbeleni!!!!!

  • Mais attend, ce document n’a aucune valeur, il n’a pas été signé mais s’est marqué seulement Sé ce qui est différent d’une signature

  • jewe kuvyo mbona yitoje ntabwirizwashingiro azoba aho nyanze kuko twebwe abanyagihugu twamutoye rimwe gusa mu2010,bishakirwa tumwongere rimwe,bishobotse tumwongere kubera ivyo yakoze ntamuperezida numwe yabikoze, ngaha mugihugu cacu, akarorere. je nfise abana batatu bose bavutse kubuntu ,iyaba ndiha amahera imba narishe ayangana gute? murwize namwe mwunve nkurunziza imana imuhe imigisha yuzure uburundi bwiwe murakoze.

  • (Narekekujahejuruyamategeko) Ntahompagaze Mumigambwe,yokwisi Umugambwe Wanje,ni Yesu,Kuki Nkurunziza Ashaka Kuryo Hegwa Nugutwara,!Kubukene Bwishabanyagihuguariwarikoatwara,abafashiki?Abobavugango bavyarakubuntu nibacubwenge babone ikibicinyegeje,muciza Hagwirabana,ntihagwirivyokubagaburira,hagwiramashure ,ariko Ubukenebwabavyeyibabobanabazoyigamwo Bukiyongerakumusi, Mbere uravyeneza usanganibiyubaka bivamuribo!Ubuzimabwabantu Batobatobwarabiwekure Ndetse ntibwitaweho !Nonengagombagusubiragutwara Kunguvu! Mugihemusezeranye,nuwundikintu,ukakirengako Witwa Umuhemutsi Ntibiheza,ngobinezere Uhemukiwe Iyo,adamu

  • harabantu muriko murantweza mwibaza ko mwatsize ibitsido haaaaaaa hinge babaze bamukore munyo niho azo bimenya??? arabaza bagobo <<<??ingene bakura isutiye umugore we bakora ku kakoma umugore wiwe araba haaaaahiiiiii rindira akataraza karinyuma ndabahaye imisi mikeya mwebwe mwandika ngaha sizosububira kubona amazina yanyu muzoba mwahiduye bayiiiiiiiiiiiiii nkuru Mbi

  • Petero Nkurunziza Azokwitoza Ubwa 3 Kwigenekerezo Ryakangahe? Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.