Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemereye Petero Nkurunziza kwitoza (...)
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemereye Petero Nkurunziza kwitoza ubwa 3
mardi 5 Rusama 2015
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ko Petero Nkurunzizia yitoza ubugira gatatu.

Nk’uko vyanditswe na Evelyne Butoyi, umwe mu bakomiseri b’umugambwe CNDD FDD, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yisunze amategeko, yasanze Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza rimwe gusa, akitorerwa n’abanyagihugu bitanyuranye n’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w’2005, ku wa 18 Ntwarante.
- Evelyne Butoyi, membre de l’équipe de communication du parti Cndd-Fdd, sur son compte facebook

Mwomenya ko icegera c’umukuru w’iyo sentare yamaze guhungira mu gihugu c’Urwanda, avuga ko yatewe ubwoba co kimwe n’abandi batatu ko bategerezwa kwemeza ko, Petero Nkurunziza yitoje ubwa gatatu atazoba ahonyanze ibwirizwa nshingiro, atari aho naho, Sylvere Nimpagaritse akavuga ko yashobora guca yicwa.
Imyiyerekano yiyamiriza ico kiringo ca gatatu, ikaba ikomeye mu gisagara ca Bujumbura, aho abantu bamaze kwitaba Imana, abandi benshi bakaba bari mu mabohero atandukanye, ariko abagira iyo myiyerekano bo, bakaba badahagarika.







Aristide Nizigire
Messages
5 Rusama 2015, 11:31, par therence
ICIYUMVIRO IMPANURO NAREKE KWITOZA,UBUGIRA GATATU.KUKO ABARIKO BAPFA AZOBIHARURWAKO!IMANA NTAGIRE NGO IRAHOZE! /ZABURI50:25.
5 Rusama 2015, 11:33, par ok
ntagishasha twari turindiriye
5 Rusama 2015, 11:34, par Mélchiade
Komeraaaaa Abafise Amakenga N,ahere Twese Abanyagihugu Iri Rimwe Turarimwemerera Kuko Jewe Namutoye Rimwe Gusa Rero Nohanura Abari Mu Myiyerekano Kwitabira Amatora Meeeza Cane Burakeye Tuvyereke Abagabo VUGANEZA Woturotorera Iki Ndarindiriye Iciyumviro Cawe Ico Nagira Mvuge Ndaguhaye Ijambo
5 Rusama 2015, 11:55, par Aaron
Pierre Nkurunziza is killing his own people because of his greed.
5 Rusama 2015, 11:56, par Nkunduburundi
Nakomere Nyenicubahiro NKURUNZIZA kuko twaramukunze kuko iyo tutamukunda ntiyari kumara Imyaka 10 adutwara.
Ariko mfise amakenga ko:
1. atazohava atsinda nka yayandi Muhamed Morsi yatsinda ejo bundi muri Egypt.
2. Ndiko ndibaza umuntu yoshobora gutwara Igihugu icarico cose nbetse Uburundi ashigikwe na Iran, Russie na Chine gusa.
3. USA,EU, EAC, AU, Belgique, England, France, etc.... murabona abarundi dushobora kubarahuruza ko nzi muraba za France24, Al Jazeera, VOA, CNN, etc....??
4. Jewe ndacibaza ico Ministre wa Relations Exterieures yari amze imyaka akora kuba atigeze aja kwigisha abo bantu mvuze hejuru.
Uwubishoboye anyishure, amare amakenga.
Vive Burundi vive Burundi Vive Burundi!!!!!
5 Rusama 2015, 12:01, par ndumiwe
nawe naje nagwo ngo sentare yamwemeje. ewe Blaise compaore sentare yari yamwemeje. erega iyo sentare yiwe ni denise Wiwe. Ewe juju urawunywa tu. Nayo porpsper ngo fyo arawunwa nawe nyene. Rindira gato turaje rero ubu ama adresse yabo baduhemukiye twese twari tuyazi rindira inkono igira ishe.
5 Rusama 2015, 12:08, par NDAVUGASIMVURA
inkinamico niko bavyita basha bashake bemeze 100% nuko adashobora gusubira gutwara igihugu muma fati.
5 Rusama 2015, 12:31, par nahayo
Rest in peace Petero nkukunda
5 Rusama 2015, 12:47, par Hamisi boase
uwomuntu yahawamahera nabatutsi murwanda niho hari ubuhungiro? abanyakibi bahunga ata wubirukanye.
5 Rusama 2015, 12:54, par César Ndayihi
Mbega mwari bwabone uwivye ariwe yitwara? Ntawovyemera noneho urumvako abacamanza batewe ubwoba ngo badakoze ivyo babategetse barabica!
5 Rusama 2015, 13:41, par MANIRAKIZA
Wewe wiyita nkunduburundi,ntubukunda ahubwo urabwanka.nibaza ko uri mubariko bararasa abari mumyiyerekano hamw nabaguma bica abantu ataco bazira.intabwirwa ibwirwa nuko amaso atukuye.
5 Rusama 2015, 13:42, par Sindumuja
Ntaco umuntu akironka avuga kuko umuntu umubwiye uti udakoze icondagutegetse ndakwica ,abanza gukiza igufa ryiwe hanyuma akabisigura ko yabikoze kwiterabwoba rero jewe nibaza yuko atamuntu atwara aba t’amushaka
5 Rusama 2015, 13:42, par ndugu
nta wuribwa ninkoma ngo yitware kusato ntivyo shoboka nagato
5 Rusama 2015, 13:50, par Sindumuja
Janyuma ico Nokwongerako nuko ivy ´ubuhutu n ´ubututsi vyaheze mugihugu c’uburundi rero mureke gucanishamwo abarundi
5 Rusama 2015, 13:52, par RAMBO
MBEGA SENTARE IMANA IBAHARIRE KUKO BAGIZE IVYOBATAZI IZISHURA NIBARINDIRE BARAHENZE NIVYOBIMANA VYIBUJUMBURA
5 Rusama 2015, 14:22, par Mandat
Ntakindi Twari Tuyitezeko Atarico Biciye Bigaragara Ko Ubucamanza Butigenga Nabuhoro Buhoro.Yamara Abarundi Bumutima Twarahagurutse Kandi Tuzoruhuka Twisubije Agateka.
5 Rusama 2015, 14:54, par Twane
Iconogira inama abarundi basanzwe bafise uburenganzira bwoguhindura ibwirizwashingiro nkuko namanabivuze banyarutse bitarenze iyimyaka itanu twimirije bakozore ibwirizwashingiro ryigihugucacu, kuko turikoturarenganya ababajejwe kuryubahiriza ngobakoze amakosha kwerekanako barevye ukwibwirizwashingiro ryanditse kwatacobabona cobuza Nkurunziza twitoza. Iribwirizwanshingiro ukoriri unomusi urisomye uraheba ugatwenga menga abaritunganije baribaborewe! Nicogituma ndabasaba kurikosora nyabune; uyumusi ni Nkurunziza ejo nuyundi kuko ejo Nkurunziza atsinze azotwara imyaka itanugusa ariko uburunti bozokenera abazokomeza kubutwara umwaka nimyaniko, mboneyeho nogukebura abobose batanezerejwe nuko Nkurunziza agifise ubureganzira bwokwitoza bokwihangana hakodukomeza kwiyahura dupfira mumabarabara twofuma twemera tugatwanabi imyakitanu ariko tukiberaho mumahoro.
5 Rusama 2015, 15:25, par BARASARA
IGIKURU NUKO MWOREKA GUTUKANA,KUKO KOMANDAWACU NI YESU,NTAKUGANZANAKUMWE KUTAVA KUMANA,UWAHAYIKIBANZACANBERE MUMUTIMIWE IMANA AZOTURONGORA TWESE,NIMUBURE KWANBARAMAGUNIRA,MWISONZESHE NKABANYISIRAYERI MUSENGIMANA.
5 Rusama 2015, 15:38, par burundi
Mukinda mugaramye, turamwongera mutama irindi rimwe kuko turamukunda! Abadashaka namwe ayo majwi yanyu murayaha Pacifique na Vital canke Imbono Charisma. Hihihih hih hih hi
5 Rusama 2015, 16:02, par Mpangaje
Mana habwa icubahiro!Akarenganyo karaheze.
Hama Mana tabara wugurure amaso abarundi bige kusoma kw interpreta un texte
kw evalua une situation..Nababajwe nabakomeretse ou bapfiriye mumyiyerekano ataco yarimaze.Mbabajwe nabamaze plus de 10 jours batashobora gukora lorsque banque itazobagirira imbabazi.En dernier lieu twohora dukora nkaba peuples des pays developpes ou umuntu wese araba akongera agakora ivyo ajejwe ivyo ahambije .S improviser dans toute chose ni ibara rirwa gusa.Vive la justice Burundaise
5 Rusama 2015, 16:03, par Mussolini NIYORUGIRA.
bari baratavye kutwerek ukur,ahasigay nuko abo bar mwibarabar nabo bova mugacerer bakerekan ingingo sentar yubahiriz iawirizw nshingir yarenz.amaraso ntabandany gusesek.
5 Rusama 2015, 16:49, par Lead
Un grand merci a Igihe d,avoir mis en ligne ce document. Mais, il manque le feuillet numero 5, qui doit etre crucial. Pourriez-vous svp nous le poster?
5 Rusama 2015, 17:02, par rurihose
mbega ubucamanza bucira inkonda!!!!!!!! dushirire amafoto y"abo bantu badutaye mu haga ahabona kugira tuze turabavuma aho tubabonye hose
5 Rusama 2015, 17:31, par claude
ARABATEYE IGITSINDO CUMUTWE BASHA,AREREKANYE KO ATAWAMUTERA UBWOBA NGO BISHOBOKE, AHESHEJE ITEKA AFRICA YOSE,UBUNDI YAGENDERAGA KUMABWIRIZA AVA MUMAKUNGU.
5 Rusama 2015, 17:35, par Nuwera
Umukuru wigihugu Nkurunziza arabonakurekabisa! Yariyarabonye kohariho abazokindagira mugihugu nohanzeyaco muntumbero yokwongera kugarukana intambara bagakindabagaramwe kugira intambara ibeho none ivyoyavuze nivyoturikoturabona. Iconanje nobabwirarero nuko kujamumabarabara muribake canke muribeshi ntaco bihindira kukuzokwitoza kwa Nkurunziza wacu mwicabantu mwabareka ningombwa azokwitoze, mwahungakubwishi canke kubuke ntakibuza aritoza, mwagenda mukabwira ibihuguvyibihangange ayamuhe ntacobihindura aritoza, badufatiribihano canke ntibabifate ntakibuza aritoza, ibwirizwashigiro ryigihugucacu rirabimwemerera. Nimwatwica mukatumara murazovyura amazuru ukomwishakiye arikotukiriho oya. Kubijanye nibihano abarundi turabimenyereye mwibuke mubihevyaheze kuri Buyoya barabidufatiye ariko nubu abarundi turacariho ntitwafuye, abandibarundi icogihe barimwishamba barisha nkimpene atamfashanyo yayomakungu babasanza kurugambabarimwo rwakanyeshamba ariko abeshi nunomusi bariho . Petero Nkurunziza urakaramba akaringo kanyuma buraca tukaguhe kandi ucutagura gutegura uwuzogusubirira muri 2020 nayo iyimyaka itanu urayutwa nubwo abantu barikobarakindisha agakomokomo bagaramye.
5 Rusama 2015, 17:43, par NTIBASHIRAKANDI Henry
Ntawotangazwa n’ibikorwa vyibonekeza ko birongowe n’abadayimoni.
5 Rusama 2015, 18:01, par Agnes
erega uyu yavuye mukibira ntiwamukangisha gutwika imipine kereka utagira ubwenge n’indege zaramurashe amasase minshi n’ama bomba atavanako ashoboka aranana nkanswe bariya badafise n’ibirato byokwambara. abari mwibarabara atabwenge mufise burya!!
5 Rusama 2015, 18:13, par CIZA Jean
uwo yahunze yabonye atoronka aho asubira guca kuko mu rutovu ntijayo ku musaga ntiyojayo eka nabiwabo bomutera amabuye.
5 Rusama 2015, 18:18, par asuma
UBU IGISIGAYE NI MUKAZU K’ITORA! mambo kwisha...
5 Rusama 2015, 19:50, par Mbe Uwo Yahunze Yiyagirije Iki? Muraraba Neza Kuko Naho Yari Muriyo Sentare (...)
Nd.E
5 Rusama 2015, 20:45, par Bizimana Thade
Yatwara atatwara tugomba turabe abazotwara abaribo sentare mpuzamakungu iriho tuzogunguruza iyo sentare ya Nkurumbi toka katika jina la Yesu
5 Rusama 2015, 22:47, par ABN
Hongera sana mzee wetu .umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo. Yaaani nakupongeza sanabmengine ni uko mbeleni!!!!!
6 Rusama 2015, 00:40, par Farce
Mais attend, ce document n’a aucune valeur, il n’a pas été signé mais s’est marqué seulement Sé ce qui est différent d’une signature
6 Rusama 2015, 09:13
jewe kuvyo mbona yitoje ntabwirizwashingiro azoba aho nyanze kuko twebwe abanyagihugu twamutoye rimwe gusa mu2010,bishakirwa tumwongere rimwe,bishobotse tumwongere kubera ivyo yakoze ntamuperezida numwe yabikoze, ngaha mugihugu cacu, akarorere. je nfise abana batatu bose bavutse kubuntu ,iyaba ndiha amahera imba narishe ayangana gute? murwize namwe mwunve nkurunziza imana imuhe imigisha yuzure uburundi bwiwe murakoze.
6 Rusama 2015, 16:05, par Ndayishimiye, Reverian
(Narekekujahejuruyamategeko) Ntahompagaze Mumigambwe,yokwisi Umugambwe Wanje,ni Yesu,Kuki Nkurunziza Ashaka Kuryo Hegwa Nugutwara,!Kubukene Bwishabanyagihuguariwarikoatwara,abafashiki?Abobavugango bavyarakubuntu nibacubwenge babone ikibicinyegeje,muciza Hagwirabana,ntihagwirivyokubagaburira,hagwiramashure ,ariko Ubukenebwabavyeyibabobanabazoyigamwo Bukiyongerakumusi, Mbere uravyeneza usanganibiyubaka bivamuribo!Ubuzimabwabantu Batobatobwarabiwekure Ndetse ntibwitaweho !Nonengagombagusubiragutwara Kunguvu! Mugihemusezeranye,nuwundikintu,ukakirengako Witwa Umuhemutsi Ntibiheza,ngobinezere Uhemukiwe Iyo,adamu
6 Rusama 2015, 21:56, par nwari
harabantu muriko murantweza mwibaza ko mwatsize ibitsido haaaaaaa hinge babaze bamukore munyo niho azo bimenya??? arabaza bagobo <<<??ingene bakura isutiye umugore we bakora ku kakoma umugore wiwe araba haaaaahiiiiii rindira akataraza karinyuma ndabahaye imisi mikeya mwebwe mwandika ngaha sizosububira kubona amazina yanyu muzoba mwahiduye bayiiiiiiiiiiiiii nkuru Mbi
6 Rusama 2015, 22:33, par Sylvain
Petero Nkurunziza Azokwitoza Ubwa 3 Kwigenekerezo Ryakangahe? Murakoze