IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Sitasiyo 15 zidandaza igitoro zahagaritswe

Sitasiyo 15 zidandaza igitoro zahagaritswe

lundi 16 Rusama 2016, par egide

Ama Station 15 adandaza igitoro yahagaritswe n’ubushikiranganji bw’ubutare n’amasoko ntanganguvu kuva kuri uwu wa mbere. ubwo bushikiranganji bwamenyesheje ko yahagaritswe kubera utubahirije amasezerano yari yagiranye na Reta.

Come MANIRAKIZA umushikiranganji w’ubutare n’amasoko ntanganguvu yamenyesheje ko amasitasiyo yafatiwe ibihano ari ayamaze ikiringo c’amezi arenga atatu atadandaza ibitoro, amasitasiyo atashikiirje amakete yo kwiyemeza kubandanya igikorwa c’ukudandaza igitoro, hamwe n’ayatubahirije ingingo y’ugushiraho icandiko cerekana ko ariko arakora canke atariko arakora. Amasitasiyo yugawe ni :

Ayo mu gisagara ca Bujumbura

Burundi Petroleum Nyakabiga
Burundi Petroleum Chanic
Burundi Petroleum Ruvumera
Burundi Petroleum Asiatique
Interpetrol Kamenge
Burundi Petroleum Chaussee Prince Louis Rwagasore
Burundi Petroleum Boulevard du 1er Novembre
Burundi Petroleum Musee Vivant
Station Copel Bwiza
Burundi Petroleum en bas de chez Andre
Station Pont Muha
Burundi Petroleum Kigobe
Station Mogas Nyakabiga
Station Kibenga

Mu gihugu hagati

Station IMATCO Bururi

Umushikiranganji w’ubutare n’amasoko ntanganguvu avuga ko amasitasiyo yubahirije ingingo zari zafashwe yahawe ikiringo c’iminsi mirongo itatu kuva kuwa 15 Rusama 2016, kugira azobe yarondeye ibisabwa n’amategeko vyose mu bitanga uburenganzira bw’ukudandaza igitoro mu Burundi.

Amashirahamwe asanzwe arangurira ibitoro mu mahanga yahawe ikiringo c’iminsi mirongo icenda kuva kuwa 15 Rusama 2016 kugira abe yubahirije itegeko ku bijanye n’ugutegekanya igitoro c’integabizoza.

Tubibutse ko ubwo bushikiranganji bw’ubutare n’amasoko ntanganguvu bwaheruka gufata ingingo y’uguhagarika amwe mu mashirahamwe yahora yinjiza igitoro mu Burundi kivuye hanze. Ayo mashirahamwe yahagaritswe ni IMATCO, Burundi Petrolium, Melez Petrolium, hamwe na Jet Fuels GF.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.