Accueil > Amakuru > Ubudandaji > SOSUMO yatowe mu mashirahamwe yo muri Afrika afise uburongozi (...)
SOSUMO yatowe mu mashirahamwe yo muri Afrika afise uburongozi bw’akarorero
mercredi 18 Kigarama 2013
Umuyobozi mukuru wa SOSUMO (Societé Sucrière du Moso) yatowe kuba ariwe muyobozi w’akarorero muri Afrika mu mwaka w’2013. Audace Bukuru, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari amenyesha ko ari iteka ridasanzwe kw’shirahamwe arongoye, no ku gihugu muri rusangi.

Inyuma y’inama yahuje abakuru b’ibihugu vya Afrika n’Ubufaransa yabereye i Paris, harabaye iyindi nama iraba ivy’ubutunzi yaremeshejwe n’abayobozi bakuru b’amashirahamwe yo muri Afrika. Muri iyo nama, Audace Bukuru, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari yatowe kuba ari mu bayobozi b’akarorero muri Afrika mu mwaka w’2013. Kuri uwu wa gatatu, mu gihe Audace Bukuru yaramutse ashikiriza ako gashimye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yamenyesheje ko ari iteka kw’ishirahamwe SOSUMO n’igihugu c’Uburundi.
Ishirahamwe SOSUMO, imbere y’uko Audace Bukuru ashikira uburongozi bwaryo, ryari rigeze ahatemba, umwimbu wari uw’amatoni 14137. Muri uwu mwaka w’2013, umwimbu wa SOSUMO wariyongereye uva ku matoni 23050, uja ku matoni 25802, n’amadeni arenga imiriyaridi 18 ishirahamwe SOSUMO ryari riheranye arishurwa yose.

Audace Bukuru, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOSUMO arizeza abaguzi b’isukari ko ata bukene bwayo bugisubira kuboneka, kuko n’aho vyashitse ikabura yari abadandaza bikika mu kiza bakaduza ibiciro vy’isukari. Mu ntumbero yo kwiragiza iyo sukari mu gihugu cose, Audace Bukuru amenyesha ko bagiye kwongereza ibibanza isukari idandarizwamwo.
Egide Nduwimana
Messages
19 Kigarama 2013, 07:49, par Thierry
Agateka urakiha, utiyubashe ntawukwubaha. Uyo niwe muyobozi abereye. Benshi batwara baza kwiba, barondera kwuzuza imifuko yabo, ntaneza y’igihugu ibarimwo. Vyantangaza cane ingene SOSUMO ikomeye ariko ikibazo c’isukari cama kiraje ishinga Abarundi. L-Etat ikwiye gukurikirana abatwaye SOSUMO bose ubwa mbere babazwe iyo umwimbu wagenda, hanyuma bafungwe, atakuraba Umugambwe, harabwe ubutungane ni neza y’igihugu, murakoze.