IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Stephen Rapp agabisha abategetsi b’Uburundi ko bashobora gukurikiranwa

Stephen Rapp agabisha abategetsi b’Uburundi ko bashobora gukurikiranwa

jeudi 9 Mukakaro 2015

Ambassadeur wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe gukwirikirana ivyaha vyo mu ntambara, n’ivyaha bihohotera agateka ka zina muntu, Stephen Rapp, avuga ko abari inyuma y’ubwicanyi mu Burundi bashobora gukwirikiranwa na sentare mpuzamakungu.

Mu kiganiro yahaye Iradiyo Ijwi rya Amerika, Stephen Rapp, avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitewe impungenge cane n’amabi akorwa n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Ambassadeur Stephen Rap,p avuga ko bariko barungika ubutumwa bukomeye cane bushoboka, kuri abo bose bakora amabi, cane cane abahamagarira abandi gukora ayo mabi, baha ibirwanisho bakongera bakarungika abarwanyi bakora ayo mabi ko bazobibazwa.

Avuga ko Uburundi buri mu bihugu vyateye igikumu ku masezerano yashinze sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ivyo bikaba bishobora gutuma abantu ku giti cabo, mbere n’abategetsi bashobora kubazwa ayo mabi n’ivyo vyaha. Amenyesha ko ivyo bizoba niyo urugero rw’ubwicanyi n’uguhamagarira abandi kwica vyabandanya mu Burundi.

Abanyepolitike birinde gukoresha ikarata y’ubwoko

Ambasaadeur Rapp, avuga ko ubwicanyi n’ayandi mabi akorwa bitegerezwa guhagarara, kandi ko abantu bariko berekana uburenganzira bwabo biciye mu mahoro batosubira kuraswa.

Ambassadeur Rapp, yasavye abanyapolitike kwirinda gukoresha ikarata y’ubwoko kuko bishobora kugira ingaruka mbi.Akamenyesha ko kimwe mu bintu bibateye impungenge ari uko abantu bagarukana ibibazo vy’ubwoko, mu kuvuga ko kimwe mu bintu vyari vyashitsweko i Arusha, kwari uguhagarika amacakubiri afatiye ku bwoko.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nimuze mwibuts abarundi ko rivyo baharaniye iyarusha kugiramahoro aboneke atari ayomadayabo adahaga nubwenge bakoresha bwashetani buri mumitwe yabo bamenyeko ariho bazoja kubisigurira ukuntu bicisha abarundi

  • ahubwo ni mumubohe ningonga abantu batarahona.abafashwe bari mumyiyerekano bamerewe nabi nkaho womenga bagirizwa ubwicanyi.turarushe kubera 3e mandat

  • Jew Peter Aratwenza Mbe Izombonerakure Arungika Kumara Abantu Ntiyozirungika Kugarura Kigoma Nibindibice Twibwe Sivyo Vyo Muha Icubahiro?Noneho Vyaramunaniye Imyaka Cumi Bakirindiriye Kwiba Igihugu?Nahindure Unyuma Yizuka Ryiwe Hazoba Amahoro.

  • Jew Peter Aratwenza Mbe Izombonerakure Arungika Kumara Abantu Ntiyozirungika Kugarura Kigoma Nibindibice Twibwe Sivyo Vyo Muha Icubahiro?Noneho Vyaramunaniye Imyaka Cumi Bakirindiriye Kwiba Igihugu?Nahindure Unyuma Yizuka Ryiwe Hazoba Amahoro.

  • Jew Peter Aratwenza Mbe Izombonerakure Arungika Kumara Abantu Ntiyozirungika Kugarura Kigoma Nibindibice Twibwe Sivyo Vyo Muha Icubahiro?Noneho Vyaramunaniye Imyaka Cumi Bakirindiriye Kwiba Igihugu?Nahindure Unyuma Yizuka Ryiwe Hazoba Amahoro.

  • Ahubwo jewe uko ndabibona bazobohe uwitwa umu dd wese kuko bose nabicanyi gusa, iyo banyarutsa bakababoha vuba na bwango kuko turashira nkabinkoko. Bareke ubu baranezerewe ejo nabo baraja mubigandaro nkivyo badushiramwo nubu tukiriko.

  • Dutabare Mutama Abantu Baraswa Bafukamye Basaba Ikigonge Abicanyi Kandi Atan, Icaha Babagiriye.

  • Bi rateye isoni kubona umukuru wigihugu aturongoye imyaka 10 yose , aduhemba kutwica no kutwangaza; IMANA nitabare uburundi ibukureko Herodi , Turarushe

  • ivyo bavuga numva arukwambika ibara CNDD-FDDnikwambika ibara uwo mugambwe nibareke kubsha

  • Mwa banyamerika mwe, turarambiwe ayo majambo yanyu atagira ibikorwa. Mumeze nka ba ba Généraux Habarugira na Ngendakumana na Nyambariza. Ni ibijambo gusa. Dukeneye ko mushira mu ngiro ivyo muvuga. Amajambo make rero. Nimukore vuba turabashigikiye

  • ivyi vyegeranyo biri guhabw etats unis n Imva atari vyo nsavye uwoba ari gutanga amakuru avuga ko imbonerakure arizo ziriko ziterabumutekakano muke ko yobireka kuk yohava ahura n’inkini y’ilmana.kandi iki gihugu bigaragara ko kiriko gikorerera ku nkuru zitarizo mbe nt buserukizi gifise canke .nugwitwazo? ko ataco numvise avuga ku bantu baturiwe? ku bana basihowe mu mashure? ku magrenade zri guterwa? le peuple burundi observe avec interet ces communiques.heureusement ko ibiba vyose bifatw amasanamu kandi amakungu si usa gusa.sentare mpuzamakunguvnayo nize ariko kandi ntiyohamagarwa nigihugu kitari membre.

  • Jwe ndavy ibikorerw mugihugu c uburndi,nagira uwo Stephen ntavy abona cnk ngo yumve!!?none ko mubivuga ntimubishits akamaro ni akah?ze mushira mungiro ubundiho abarundi turahona twes.

  • Umurwiwa peter warengej,ahubwonimuher kumukuruwabo.kugabishntibikwiy kukovyaramazkubarero nimugikorevyihuta

  • Mbega muracari mumajambo?fata herode n’abatumwa biw,mushir mwibohero rya ’gwantanamo"ahubwo mwar mwatevy,ntanivyagiriji bikenew kuk babikora izuba ryaka.

  • turabasavye mumufatiribihano ningoga be n’abagerauxyagize ibimana.nibobisheigihugu.amerika niwerekaneubushoboziufise turakurindiriye!

  • nibatugirire ningoga kuko turarushe pe, kandi ndasavye Imana ngo ishaka ryayo riranguke, ntibibe nkuko dushaka kugihugu cacu, ariko bibe nkuko ibishaka ni ho twokira twese, kuko iradukunda cana, raba namwe ingene bama baturasa, ariko siko dupfa, Kubera iki? kuko imana niyo iguma ituzigama base

  • None ibihano muzotanga inganda zamaze gutikira bizoba bimaze iki? Ibihano bifise ikimazi ni ivyogukinga ibara ritaragwa. Abantu bamaze kwicwa, murashaka mureka kubahana. None ko mufise ivyemezo vyose bikwiye, igituma mutabahana ubu niki ngo mukingire abasiaye?

  • Mbega uwo mu ambasadeur arakomeye? Abatangaje kwaribo birirwa bic’abantu ni imbonerakure? Léonard ,niyombare,busokoza,radjabu..... Sha ahubwo yanyoye vyinyo.

  • amerika ntarukundo bafitiye abarundi ndetse na africa . raba ukuntu imyiyerekano yarihagaze naho baie kusongera isibe?? abazungu ni dange

  • Ivyo Nivyo Kandi Turateye Intege Cane Uwo Wes Yogira Icafashije Kugira nano amahoro aboneke muburundi. igihugu kigeze ah’umwansi ashaka aho ivya manifestation pacifique bidakunda kubera igi police kirasa!umuntu akibaza nimba vyohera uko?kandi umuntu ariko yerekana ikimubakiye. amakungu aratubera icabona.

  • Nibabikwirikirane kuko turaheze nkabana binyoni.

  • laissez le temps au parti cndd-fdd àla gestion de son échec causée par NKURUNZIZA, le temps de pratiquer la justice viendra pour faire la grandeur de notre nation. le pauvre et l’oppresseur ont un point commun: le Seigneur leur a donné àtous deux des yeux pour voir

  • Ndumiwe yahitanye ndajorewe!!!!!!!!! Abakunzi Amerika ifisengaha Burundi nibarya baturiye abantu? Nibarya baturiye amamodoka? Nibarya bamarushije abantu ama grenade, nibaryabashatse gutera kudeta? Nibarya bagumura abenegihugu kugezabahunze!?. Uwavuzeko hazogerigihe tukamenya imvonimvano yizintumva abaziha kutavakwizima ntiyabeshe kukondabona vyibonekeje. Nukuvugarero bagombakutugira nkuko bagize u Rwanda bagashigikira abantubamwe bakikoza ibidakwiye gukorwa bigakwega abanyarwanda kugiruranira amashavumeshi bikabaviramwo kwicana mumwanyawambere higanjemwo kwicwakubwishi abanyarwanda bomubwoko bwabatusi ( Genucide Tutsi) nyuma hazakwicwa kubwiahi abanyarwanda bomubwoko bwabahutu kubishi ( Genucide Hutu ) ivyovyose vyakwezwe nivyobihugu vyarivyiyemeye gushigikira ivyiyumviro vyakarwi kabantubake maze ivyiyumvirovyabeshi ntibavyumve, nunomusi uwobirabaneza nikobimeze reta Yu Burundi ikunze nabantubeshi niyo iriko iratotezwa na Amerika ikibayecose Amerika yoca igitytu reta babantubake babona ibibibakoze ntawubareba bakacabivayo mugukora ibibi, ninacogituma murikomurabona kakarwi kabantubake kubera kamazekubona gashigikiwe harageze naho katanguye kwitezinduru ONU ikumvako ibararyaguye ariko yarungika intumwazayo zigazanga ukwobavyibaza sikwobiri . ONU rero akokarwi karimwo karayitesha umwanya cane.

  • ibi biraraba impande zombi kuko hari bamwe batangiye kwemanga kumugaragaro babinyujije kuma TV ko bafise uruhare mumabi akorerwa abarundi. ahubwo batevye nibarungike abakora ama perereza bekugendera kumaraport apfuye.

  • IRYO JAMBO UWO MUTEGETSI WA RETA ZUNZE UBUMWE NI RYIZA MUGIHE RYOZA MUNGIRO.NTARINDIRE NGO BISHIKE KURUNDI RUGERO,KUKO UWUPFUYE NTAGARUKA.IYO SENTARE NIKORE VYIHUSE KUKO NKURUNZIZA N’IMISORE YIWE Y’IMBONERAKURE ,BABONA KO IGIHUGU ARI ICABO BONYENE.AGATEKA KAZINA MUNTU NTIKUBAHIRIJWE ,ARIKO BIRIGWA BARAVUGA NGO BONNE GOUVERNANCE,AMATUNGO Y’IGIHUGU BAYAMARIYE MUMIFUKO YABO,IBITURIRE ,KAMWANA WA MAMA NDETSE NOGUTOTEZA NIVYO BIRANGA INTWARO YA NKURUNZIZA.KU NTWARO YIWE NTAGITANGAJE KIRIMWO,KUKO NTA MUNTU YASAHUYE IMPFUVYI N’ABAPFAKAZI YOTWARA IGIHUGU NEZA.ASIGAJE GUTA IMPUZU AKAGENDA UKO YAVUTSE.

  • Mbeg esentibohera kuri nkuruzz numukur wiguhugu akaba ariwe ibibiriko biraba ariwe abitera arambabaje ariwe yokigiye abarundi igiti kiruma kikabisa ikindi ubutegetse bwamuduhiye arikowe ntamvyabona

  • emma
    ambassadel kukuruka harageze nubwenge bwakujanye,mbega izo mbonerakure uvuga kwarizo zahawe ibigwanisho warabibonye kotuzi namwe banyamerika mwamaha iwacu mwabonye imbonerakure zingahe zitunze inkoho?kokeza neza pita ntimuzomugira nka kadafi kirazira

  • Nugusenga Vyose Nuhoraho!Kdi Arihafi Yokubiroranya!

  • Icodufasha nuko Imana yohumura amaso yabakora ibizira ko batazoreka guhagarara imbere yurubanza rw Imana

  • Ni ukuri ivyo nivyo kuko muburundi abantu bariko bapfa bahorwa ubusa.nkurunziza ariko aragerageza kwerekana ko akomeye bimwe nomugufatanabi abanyeporitike.mugabo amenyeko ariko arikwegera!!!

  • Ni ukuri ivyo nivyo kuko muburundi abantu bariko bapfa bahorwa ubusa.nkurunziza ariko aragerageza kwerekana ko akomeye bimwe nomugufatanabi abanyeporitike.mugabo amenyeko ariko arikwegera!!!

  • AHUBWO NIMUNYARUTSE AMAZI ATARARENGA INKOMBE HARI ABANTU BAMAZE KWIGIRA UTUMANA MU BURUNDI .JE NIBAZA KO ATACOZA KIGONDOZA UBUTEGETSI BW’UBURUNDI KUMABI BUKORA.

  • Namwe!ivyo muri afrika murihta guftingingo m8bza karurkundo rwacne muknda abarndi?nimreke gutranya abavndimw m8twaj ubutnzi bwanyu ninyngu zanyu.mbe abiciw mursengro muri amerika baziziki?ivynyu birazwi.

  • Uyomunyamerika Bamuronderere Umuganga Womumutwe Hakirikare Uburundi Si Ribiya ! Ibigwanisho Bifise Abobabaha Raporo Zinuka Bakemera Ivyo Batabonye.

  • karekose se muragahora muraza kubyukuri abarundi twese turindiranye igishika izo manza nka bahunze baribategereje iryo jambo nyakubahwa, nayo abo baciye bamutuka bafise uruhara murubwo bwicanyi, murahawe ikaze

  • IBITANGARO KW’ISI NTIVYOBURA,AMERIKA IFISE URUKUNDO RUNGANA GUTE KUBURUNDI N’ABARUNDI?MURI AMERIKA NTANGORANE ZA POLITIKE BAFISE?IYO SENTARE MPUZ’AMAKUNGU YAGIYEHO KUBERA AFRIKA!IBIBA MUBURUNDI MURIKINO GIHE BABIFISEMWO URUHARA!IBIBAZOVYOMUBURUNDI NIVYO ABARUNDI SIVYO MURI AMERIKA ARIKO AMERIKA CANKE AYANDI MAKUNGU BARASHOBORA GUTERERA ARIKO BADAFASE INGINGO CANKE NGO BACURUBANZA ATAWABIBATUYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.