IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > SYGECO iriyamiriza umurwi uzokwiga itangwa ry’ibibanza mw’isoko ya (...)

SYGECO iriyamiriza umurwi uzokwiga itangwa ry’ibibanza mw’isoko ya COTEBU

samedi 30 Myandagaro 2014

Sendika y’abadandaza SYGECO iriyamiriza umurwi uherutse gutorwa kugira uze wige ikibazo c’itangwa ry’ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu, Sendika y’abadandaza SYGECO yamenyesheje ko yiyamiriza yivuye inyuma umurwi watowe kugira utange ibibanza muri ya soko mfatakibanza ya COTEBU, nk’uko bishikirizwa na Audace Bizabishaka arongoye iyo sendika SYGECO.
Kubwa Audace Bizabishaka, umurwi wari watowe kugira wige ico kibazo (cellule de crise gouvernementale) nta bubasha na bumwe ufise wo gutanga ibibanza muri iyo soko mfatakibanza ya COTEBU, kuko ico kibazo camaze gutwarwa muri wa murwi w’igihugu ujejwe ibiganiro (comité national de dialogue), uwo nawo wari wemeye kubumvikanisha na wa murwi urongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ushinga ingene ibibanza bizotangwa ngaho mw’isoko y’imfatakibanza ya COTEBU.
Sendika y’abadandaza SYGECO ikaba igabisha ko hamwe ivyo basaba bitofatirwako, ko bategekanya ibindi bikorwa kugira ivyo basaba bishobore kwumvirwa.

JPEG - 55.5 ko
Audace Bizabishaka arongoye SYGECO

Tubibutse ko mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye kuri uno wa gatatu, Melchior Simbaruhije umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ariho yamenyesha ko hashinzwe umurwi ugizwe n’abantu 25 kugira uze wige ikibazo c’itangwa ry’ibibanza. Umukuru w’uwo murwi akaba ari Melchior Simbaruhije nyene. Mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bakaba bizeza abarundi ko iyo soko mfatakibanza ya COTEBU ishobora kwugurura mu minsi iri mbere.


Floxella Karire

Messages

  • koma induru ngo niho bahindura uwo murwi no CENI yaremejwe bakomw induru ikuhari uluermers muksraba gusa ko bashitamwo aba dd babo gusa naho gukoma induru kuco utarabona biteye amakenga aba dd ntabo muzi ncanke uri muri Bamwe babayeho kugira bagaye ico ari co cose reta ikoze bststimwo

  • koma induru ngo niho bahindura uwo murwi no CENI yaremejwe bakomw induru ikuhari uluermers muksraba gusa ko bashitamwo aba dd babo gusa naho gukoma induru kuco utarabona biteye amakenga aba dd ntabo muzi ncanke uri muri Bamwe babayeho kugira bagaye ico ari co cose reta ikoze bststimwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.