IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > SYGECO isaba itunganywa gushasha ry’ibanki nkuru y’igihugu ryumvikanyweko na (...)

SYGECO isaba itunganywa gushasha ry’ibanki nkuru y’igihugu ryumvikanyweko na bose

vendredi 24 Gitugutu 2014

Sendika y’abadandaza SYGECO isaba ko ibanki nkuru y’igihugu (BRB) yotunganywa gusha kugira ishobore gukorera mu muco nko mu bindi bihugu. Ngo iyi banki nkuru yoreka kuja irafata ingingo yonyene irikumwe na Reta itagishije inama abegwa bose n’amategeko ishinga.

SYGECO ibishikirije inuma yaho imenyeye ko hariho integuro nyinshi z’amategeko zigamije gutunganya ukundi gusha igisata c’amabanki kugira neza. Eka mbere ngo hoba hariho ibiriko birakorwa kugira ibanki nkuru y’igihugu ibe ariyo itwara amashirahamwe nka INSS, MFP, ONPR, batumvirije amashirahamwe aserukira abakozi, abadandaza, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Muri SYGECO banegura cane iryo kumirwa ry’ayo mashirahamwe badashaka kugisha inama. Kandi ngo n’ukugira hashigweho amategeko ahengamiye ku mabanki gusa kugira ngo abanywanyi bayo bagume bibwa canke bahombeshwa biciye mu mategeko. Ayo makenga akaba yashikirijwe na Audace Bizabishaka mu kiganiro co kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 24 Gitugutu.

Atanga akarorero k’amategeko menshi akandamiza abanyagihugu bato bato kandi aribo usanga bashiraho muri ayo ma banki ku bice bingana 79 kw’ijana vy’uburyo amabanki akoresha. Aratanga kandi uturorero tw’aya mategeko yo kuvyaza inyungu ku yindi, ikoreshwa ry’itegeko ryataye agaciro ryo mu mwaka w’i 1925, integuro nshasha y’ibwirizwa rigenga amabanki yateguwe na Reta ifadikanije na BRB bitagishije inama abadandaza, n’ibindi.

Muri SYGECO Basaba ko ibanki nkuru y’igihugu yotunganywa ukundi gusha, kugira ibikorwa vyose bije ku mugaragaro . Isaba kandi ko Reta y’ Uburundi yogarukana ayo mategeko yose abo vyega bakabanza kuyaharirako.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.