IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubu naho sentare yabuze urupapuro!

Ubu naho sentare yabuze urupapuro!

vendredi 30 Rusama 2014

N’aho hari hitezwe ko urubanza ruhuza Gaston Sindimwo umwe mu baporona bashigikiye Concilie Nibigira hamwe n’ababuranira aba JRR bagirizwa kuba aribo boba barateye uwo muporona, ntirwabaye ku ncuro igira kabiri muri sentare nkuru isubiramwo imanza i Bujumbura.

Gaston Sindimwo akaba yarengutse igihe c’isaha zitatu zirenga gato, n’ayo aba JRR Lionel Ninteretse na Fabrice Shurweryimana bakaba bashikanywe kuri sentare nkuru isubiramwo imanza igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itanu. Urwo rubanza rukaba rutashoboye kuba ku ncuro ya kabiri n’aho abatari bake bari bavyiteze, mu gihe no ku wa gatanu w’indwi iheze igenekerezo rya 23 Rusama, abo ba JRR barengutse ariko baca basubizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba bataburanye, babwiwe ko habuze icuma kirwiza impapuro z’imburano.

Umushingwamanza Ciza Renovat umwe mu baburanira abo ba JRR

Kuri uyu wa 30 Rusama naho, urwo rubanza rukaba rwasibijwe n’uko sentare yasanze itagira ingingo yafashwe na sentare nkuru yo mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’urupapuro rwerekana uko urubanza rwaciwe na sentare ya mbere nk’uko vyashikirijwe n’umushingwamanza Ciza Renovat umwe mubasanzwe bababuranira. Ku bwiwe rero, akavuga ko ari akamaramaza, kuko vyibonekeza ko hari umuntu n’aho batamuzi yakuye urwo rupapuro muri dossier y’urwo rubanza, kugira rube ruradindira.

Tukabamenyesha ko urwo rubanza rwaranzwe gose n’amanyanga adasanzwen kuva mu ntango yarwo, aho hari bamwe mu baporona bivugwa ko bashigikiye Gaston Sindimwo bagiye gufata amasanamu y’umwe muri abo ba JRR aho bari bapfungiwe mu biro vy’igiporisi kijejwe amatohoza (BSR), ahandi n’aho nk’uko bivugwa n’abo baburanira abo ba JRR, hakaba hajayo abaja kwagiriza iyo misore, bagasanga ntibabazi.

Ariko n’aho biri ukwo, bikaboneka ko aba JRR bari baroye gushigikira Lionel Ninteretse na Fabrice Shurweryimana, bari bafise umwizero ko bazorekurwa, na cane cane ko indyane zadutse mu mugambwe UPRONA zoba arizo zigipfunze abo basore.

JPEG - 48.7 ko
Shurweryimana Fabrice (i bubamfu) na Lionel Ninteretse (i buryo)

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.