Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi bwasabwe kurungika mu Burundi Antoine KABURAHE - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ububirigi bwasabwe kurungika mu Burundi Antoine KABURAHE

Ububirigi bwasabwe kurungika mu Burundi Antoine KABURAHE

mercredi 25 Munyonyo 2015, par egide

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yandikiye umushikiranganji w’ubutungane bw’uburundi amusaba ko yobwira igihugu c’Ububirigi kikarungika mu Burundi Antoine KABURAHE, asanzwe akurikiranwa n’ubutungane.

Umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU Antoine KABURAHE yarengutse mu butungane ubwa mbere kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo 2015, yitavye ku mutahe uvuga amatohoza mu ntumbero ya dosiye RMPG nomero 697/MA, ijanye y’ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015. Inyuma y’ukwumvirizwa, Antoine KABURAHE yaratashe, bikaba bivugwa ko amaze hafi indwi abarizwa mu gihugu c’Ububirigi.

JPEG - 60 ko
Antoine KABURAHE, umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU

Mw’ikete yanditse kuri uwu wa mbere, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi Valentin BAGORIKUNDA yasavye umushikiranganji w’ubutungane bw’uburundi ko yobwira igihugu c’Ububirigi kikarungika mu Burundi Antoine KABURAHE, asanzwe akurikiranwa n’ubutungane.

Mw’itangazo ikinyamakuru IWACU casohoye, Anoine KABURAHE, umuyobozi w’ico kinyamakuru yamenyesheje ko yatangajwe n’ukwumva ubutungane busaba Ububirigi ko yorungikwa mu Burundi, kandi atigeze ahunga. Kaburahe yemeza ko yagiye mu Bubirigi gukurikirana inyigisho zijanye n’igitabu ariko arandika, kandi ko ata ngingo n’imwe yigeze afatirwa y’ukutarengana imbibe z’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.