IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Ubushikiranganji bubiri bwagabishije abadandaza bahenda abanyagihugu

Ubushikiranganji bubiri bwagabishije abadandaza bahenda abanyagihugu

samedi 27 Nyakanga 2014

Mu gihe umwavu uriko uratangwa mu Burundi bwose, ubushikiranganji bw’intwaro ibereye bwifatanije n’ubw’uburimyi n’ubworozi baragabisha abadandaza bariko barahenda abanyagihugu bakabagurira uwo mwavu kandi kizira.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubwo bushikiranganji bwose ukwo ari bubiri, ababurongoye basaba abanyagihugu kurikanura, ntibahendwe n’abadandaza. Ubwo bushikiranganji buributsa ko igiciro cashinzwe mu kugura umwavu w’ikizungu kizwi kandi ndetse ico giciro cumvikanyweko, bagasaba abanyagihugu kudahendwa n’abadandaza kugira ejo aho bukera baze bagaruke kugura uwo mwavu kandi ku mafaranga menshi.

Amatoni agera ku 16395,9 ariko aratangwa mu gihugu cose, ariko ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bukaba bwagumanye amakenga ku badandaza bahenda abanyagihugu, arico gituma ubwo bushikiranganji bwari bwatabaje ubw’intwaro yo hagati mu gihugu kugira bubafashe gutuza iyo ngeso mbi y’abadandaza. Mukamenya ko yaba .ubushikiranganji bw’intwaro ibereye canke ubw’uburimyi n’ubworozi bwose bugabisha abo badandaza ko ifumbire izofatwa bazoca bayisubirana mu bushikiranganji bw’uburimyi mu nyuma ikazoca idandazwa izuba riva, amafaranga azovamwo nayo, akazoca ajanwa mu kigega ca Reta.

Abanyagihugu basabwa kumera magabo, badome urutoke kuri abo badandaza bose bazobona bariko baragurira umwavu abanyagihugu, kugira babahashe atakigongwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.