IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ukuboko kwa Muhizi Roger umunywanyi wa MSD gushobora gucibwa

Ukuboko kwa Muhizi Roger umunywanyi wa MSD gushobora gucibwa

vendredi 6 Ruheshi 2014

Umuganga ariko akurikirana Muhizi Roger wa munywanyi wa MSD arwariye ku bitaro Prince Regent Charles amenyesha ko ukuboko kwiwe gushobora kuzocibwa mu gihe atojanwa kuvurizwa i buraya, kuko hari umutsi wacitse (nerf radial)

Kuva aho ajaniwe mu bitaro Prince Regent Charles, Muhizi Roger Roger, umunywanyi wa MSD yarasiwe ku ngoro y’umugambwe MSD mu mishamirano yo kuwa 8 Ntwarante 2014 ariko avurwa ku kuboko kwarashwe. Umuganga amukurikirana amenyesha ko ico bashobora kumuha gusa ari umuti ugabanya ububabare (anti douleur), kuko umutsi (nerf radial) wacitse. Kugira ukuboko kwiwe ntigucibwe, n’uko yojanwa kuvurizwa i buraya.

JPEG - 42.3 ko
Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD yasubijwe mu bitaro

Ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, ku bitaro Prince Regent Charles barasohoye igitigiri c’amafaranga umuryango wa Muhizi Roger woriha (facture), inyuma y’iminsi bari bamaze bamukurikirana, kuko babona ata kindi bashobora kumumarira. Gushika mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, urupapuro rw’ukumusohora rukaba rutari bwatangwe, kuko kuri ivyo bitaro batari bwamenye namba boruha inyamiramabi, canke umuryango wa Muhizi Roger, aho mukamenya ko asohotse ivyo bitaro, mu gihe atohabwa uruhusha rwo kujanwa kubagwa hanze, ategerezwa guca asubizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Tubibutse ko ubutungane bw’Uburundi, biciye kuri Agnès BANGIRICENGE umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa bwamaze kumenyesha ivyaha Muhizi Roger umunywanyi wa MSD akurikiranwako. Yagirizwa ivyaha bitatu arivyo : ugukubagura abaporisi (lésions corporelles volontaires graves à l’endroit des policiers), ugutukana (outrages), hamwe n’ukuja mu migumuko n’akajagari (violences et participation à un mouvement insurrectionnel).


Egide Nduwimana

Messages

  • Jana iyo mujeri mu mpimba ayo namayeri yo kugira ace ahunga!!!!hazoshika natwe aho tubagira nkomu Rda:kagame yavuze ko azoja arabarasa ku murango: http://www.igihe.com/amakuru/u-rwanda/article/perezida-kagame-yeruye-ingaruka

  • ubwo bujuju bwawe buzokugeza habi sha,mbe bakurashe wewe urusasu rwokwinjira?ivyo twarabisezerey sha,hari naho vyoguhindukirira

  • Ingero y’icaha niyo nyene yashatse kwigira umuhinga mugabo hariho abahinga kumusumvya ikibabaje nuko uwabahenze ariko yinywera i buraya nawe ugeze habi uva mu bitaro uruhukira mu mpimba!! Nta kundi iyo niyo ngera y’icaha

  • NONE ABOYARIKO ARAKORERA ADC-IKIBIRI NTIBOMUTUMIRAKO ABAGANGA BABAHINGA MU BUHINDI!!!!!!! KOCIBWA ARIKO SIVYO NAMWIFURIZA VYOHA ABANDI ICIGWA!!!!!!!!!!

  • NIYIGUMYE NIBAZA KO YARI YAGIYE MURUGAMBA, YIBAJIJE NINGARUKA ZOMUSHIKIRA. TWIZERE KO SINDUHIJE, AZOMUSHIRA KURI LISTE YIMBERE MUBASHINGA MATEKA!!!!!!!!!!!!

  • jewe nibaza ko izo facture bazirungikira maitre nyamoya hama nawe agaca azirungikira sinduhije. ivyonavyo bigirisha nukuja hanze aswi, adc-ikibiri nibamutware muri cmck kwa kayibigi bamubage nayo ivyokuja hanze pupupupupuuuu ivyo abamukoresheje batabimukoreye baraca baguca bagute mwiyarara rya H.P.R.C. murakoze

  • kabizi ndagushimiye kunkuru utanga nuburorero butomoye, ncuti subira unfashe undungikire yamafoto wamutama asigaye afise ubwenge nkubwuruhinja yatwara muri sentare ngonayo yafotoye!!!!!!! Ubu ndi i bukavu muri congo ngomba kuyakorera ko naba congomani. ukoze

  • Emwe basha urucira mukaso rukarya banyoko aho vyobahindukirira murabigira mwongere mubivuga mwiyibuka igihe zahinduye imirisho namwe muzoryumeko ngo birazunguruka inkingi nabagabo

  • Ariko ivyo abobagabo bigira ntibova ibuzimu bakajibuntu kandi bibuke ko aho bari harabandi noneho nibibuke ko. Akataretse kabagasema kandi ruriye abandi rutabibagiye nijewe bazahica

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.