IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega ntiyarengutse nkuko vyari (...)

Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega ntiyarengutse nkuko vyari vyitezwe

vendredi 10 Mukakaro 2015

Epithace Nshimirimana arongoye umugambwe MSD mu ntara ya Gitega,ntiyarengutse muri Sentare isubiramwo imanza mu gisata c’iyungururiza kuri uno wa gatanu ugenekerezo rya 10 Mukakaro,nk’uko vyari vyitezwe.

Iyo sentare yategerezwa kwihweza ingingo ya sentare nkuru,nimba Epithace Nshimirimana abandanya apfunzwe canke ko bikurikije amategeko.

Ubuheruka aho yategerezwa kurenguka ava mw’ibohero rya Rumonge aho apfungiwe ubu,ubuyobozi bw’iryo bohero bwari bwamumenyesheje ko badafise uburyo bwo kumwunguruza,buca bumusaba ko yokwandika ikete rimusaba gusubizwa mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura,ariko nta nyishu araronka.

Uwo arongoye umugambwe MSD mu ntara ya Gitega amenyesha ko aho apfungiwe ubuzima butoroshe, kuko bitorohera umuryango wiwe kuza kumuraba aho mu Rumonge,uvuye mu ntara ya Gitega aho usanzwe uba.

Epithace Nshimirimana yafatiwe mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 12 Rusama yagirizwa kuba umuhuzabikorwa mu myiyerekano yariko iba mu gisagara ca Bujumbura,aca ajanwa mw’igendereza gushika kw’igenekerezo rya 21 Rusama aho yajanwe mw’ibohero rya Mpimba i bujumbura,aca yimurirwa mu Rumonge kw’igenekerezo rya 9 Ruheshi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.