IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umukuru wa APRODH yumvirijwe ubwa mbere kuva ahagaritswe

Umukuru wa APRODH yumvirijwe ubwa mbere kuva ahagaritswe

mardi 20 Rusama 2014

Umukuru w’ishirahamwe APRODH, Petero Karaveri Mbonimpa yarengutse ubwa mbere mu butungane kuva aho afatiwe akajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura, Mbonimpa Petero Karaveri yumvirizwa ku bijanye n’icaha yagirizwa c’uguhungabanya umutekano w’igihugu

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko yitaba isaha zitatu n’iminota mirongo itatu, Petero Karaveri Mbonimpa yashikanwe nk’isaha zine z’agatongo ari hejuru mu kiduga (fourgon) gisanzwe cunguruza abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bikavugwa ko abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bari barungitse imodoka yomwunguruza imushikana aho yategerezwa kuburanira, ariko abarongoye ibohero rikuru rya Mpimba bahitamwo kumuzana muri ico kiduga (fourgon).

JPEG - 46.7 ko
Petero Karaveri Mbonimpa yazanwe ari hejuru mu kiduga (fourgon) : Photo Iwacu

Ku bwinjiriro bwa sentare ikukira Mairie ya Bujumbura, abaporisi bari benshi, bakamenyesha ko bahawe itegeko ry’ukutemerera abamenyeshamakuru ko binjira, abashoboye kurekurirwa kwinjira akaba ari abanyagihugu bari baje mu zindi manza zari zitegekanijwe kwumvirizwa.
Petero Karaveri Mbonimpa, kuva nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu, ahejeje gukebukana n’abamuburanira, yaciye yinjira kwumvirizwa n’icariho c’umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura, Salvator Ndayiziga batazira "Nyamizi", mu ntumbero yo kubandanya amatohoza, ku caha yagirizwa c’uguhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu, hamwe n’ukwerekana ivyemezo bitarivyo ku makuru yari yashize ahabona y’urwaruka rukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare mu karere ka Kiliba Ondes, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

JPEG - 24.6 ko
Petero Karaveri Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH

Mu kurindira ikiva muri ukwo kwumvirizwa, mwomenya ko hari amakuru avuga ko hari umurwi w’abamenyeshamakuru woba warungitse i Kiliba Ondes kugira bazane amajwi y’abanyagihugu babeshuza ivyashikirijwe na Petero Karaveri Mbonimpa ko hari urwaruka rw’abarundi rujanwa muri ako karere mu myimenyerezo ya gisirikare. Ayo makuru nyene abandanya avuga ko hoba kandi hariko harakorwa amakarata karangamuntu yanditswe ku bantu Mbonimpa Petero Karaveri Mbonimpa yavuze ko bapfiriye i Kiliba Ondes, ivyo vyose bikaba vyoba biriko bikorwa mu ntumbero yo gukorera inteba ishushe Petero Karaveri Mbonimpa, yagirizwe ko yashikirije irementanya, gutyo ahave acirirwa urubanza rw’uwagiriwe n’icaha c’uguhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu, hamwe n’ukwerekana ivyemezo bitarivyo.


Egide Nduwimana

Messages

  • ahubwo iyo bamuzana nikinga.

  • Ariko ayomashirahamwe yishirahejuru kabisa! Ngoyariyazanye imodoka yabo yokukumwunguruza? Erega basigaye bifata nka reta ikorera muyindi?

  • iyo bamuzana kurutaro mbe mwibagira ko abahutu aribo bafise ubutegetsi,niyunve nawe nyene yarabaye umupolice usanga yaramaze abahuru 1972

  • Pacifique na Vital bariko barasaba ko yorekurwa kandi bagiriza Leta ngo ntihana ivyaha. Bashaka bahane aba CNDDFDD gusa abandi bakoze ivyaha bace babareka guko ari opposition. Abo bagabo ko bateye isoni rwose. Twovuga ko batazi ivyo bavuga canke ivyo bakora.

  • SOSIYETE POLITIKE SIVILE,IZOMODOKA BARI BAZANYE KOBATAZIMUTIJE NGWAJE KUTWEREKA I MAKAMBA AHO UMUHUNGU WIWE ABEL NSHIMIRIMANA , YARIRIYE AMAGARA YONGERA ANWA AMARASO YABANYESHURI BATATU YARAHEJEJE KUGANDAGURA NGO YONGERE ATWEREKE N’IMVA ZABO. HAHAHAHAHAHAAA INGARUKA YO GUSIMBURA ABAPFUYE KOMERA MUTAMA

  • ariko abo badaharanira ivyicaro vya poliyike burya bose barahuje ivyiyumviro?kuburyo karaveri akurikiranywe n’amategeko bose baca bahagurukira rimwe?canke nurundi runani rutavuga rumwe na leta bavyaye!butungane nibukore niyagirwa nicaha ahanwe hisunzwe amategeko,apana ko bategeka ubutungane ngo nibumurekure atakirinze gusabwa!dusigaye dufise leta zingahe mugihugu kimwe?

  • mwebwe mama na bosiko ivyarivyo vyose ryaba ikinga canke umuduga ntakosa ririmwo . Akarorero nkahamwe muhuye na karaveri Mbonimpa hamwe nurya yagandaguye Datus bariko basaba uwobunguruza ,kandi umwewese afise ivyo yakoresheje ;Mbonimpo impapuro uwo wundi icokintu yicishije mukumwica : akobozo:uworonka amahirwe yukunguruzwa ninde? ico nosaba nuko twomenya gutandukanya icejo hahise ,icubu n,icejo hazoza.

  • PACIFIC NA VITAL, NOBAHANURA KWITWARA I RAHE HEHEHEHEHEEEE NIHO BOBATUNGANIRIZA NINGOGA AGACA AREKURWA,ARIKO NANJE NDABISABIRE IKINTU. MUCE MUSHINGISHA I RAHE KANDI URUBANZA RWAZANZIRA KARENGANE ZO MURI KAMINUZA ZATIKIRA MURORERA HIHIHIHIHIIII

  • Nta vyinshi novuga uretse kotwumva abapfa bagirizwa iperereza n,igipolisi, abo nyene bagirizwa bakaba Ari bo bakora amatohoza.Ukuri kuzova hehe?

  • WEWE MAMA URAMENYA IYO LETA IFISE A SON ACTIF VYINSHI BIBI SOCIETE CIVILE ICA IRONKA INGUVU KANDI URARABA HOSE ,,JE NSABA KO CLAVER ASAMBA ATAHA KUKO AZIRA UBUSA NONE MURI KONGO IMBONERAKURE NTIZIRIYO ATARI UKUBESHA KWA DD ITEGURA KWIBA AMATORA..

  • MAMAMAMAMAMA MBEGA GUSARA USHAJE, INKURU YISUGI NDONSE UBUNYENE NKUYE I BUVIRA NUKO PIERRE CLAVER AFISE UMUHABARA IBUVIRA, BAKABA BAHORA BAHAHURIRA NA KAZUNGU NICO GITUMA AMWAMIZA MUKANWA NGO NUMUKURU WIKIROBERI KIRI I CONGO. NAREKERE IMISORE YO ICIFITIYE UTUGUVU.

  • Sha ivyo mwandika ntitngje kuko abahutu ubwenge bwanyu buracurice !!!!!!!!!! Mbe kombon,ubundi ariko zira mwebwe arimwe muriko muramana mbe kare ko mwagwany abatutsi ngo barabacinnyije non,ubu hagati yanyu nnaho mupfiki?

  • Uyu witwa Nakamuna ndabona nawe ari umwe mubatutsi b’abahezanguni . Icyo mbonye arashaka ko abahutu b’iburundi babahinduraingaruzwamuheto bakajya babakona nkuko Kagame abigira i Rwanda!!! Ese ubundi uyu

  • Nibaruta ubwo weho mubacitse kwicumu muri kongo nturimwo??iyomarayawayimenye gte??hama kuri mwebwe mwese mushigikiye iyo leta nimukomere kimwe gusa mwibukeko iyingurube ibuzivyirya ica iryabana bayo.Aho bukera murahindukana.

  • Hari ikintu kimwe ntatahura neza:mbe Mbonimpa muri APRODH niwe wenyene ayigize ko ntarumva na rimwe umwe mu bayigize abandanya akazi kayo ko kuvugira abafyunzwe ahereye kuri Mbonimpa?
    Iryo shirahamwe ryiwe kari akarima kiwe ko nta wundi asesuka cg barumiwe?
    Nukuraba neza ayo mashirahamwe avuga ko akora kdi ari ku gatwe kumuntu umwe.Mumuvugire bantu bo muri APRODH EREGA NAWE UBU ARI MU BAPFUNZWE!!!!!!!!haraho amakungu yobona ko ayo bamuha atayarya wenyene!!!!!

  • jw ndakeneye kumenya ko hari abantu baryoherwa nuko abandi bariko barafugwa, bakibagira ko na radjabu ariyo muba muvuga make kandi muzi. ko reta yanka amatohoza ataho yegamiye, niba muyishigikiye naho ni mube abashingantahe mwandike ivyo fasha amatohoza mureke ako gasuzuguro nti mwibagire nyuko iyi si irazuguruka ndakeneye kumenya ivyo mubwira abana banyu rwaruka turaca gowe

  • Jewe ivyayo mashirahamwe yiyita ngo ntaharanira ivyicaro vya poritike yaranyobeye umu DD iyo akoze agakosa na gatoya ngo reta ntihana ivyaha ariko bobo bashikiriwe ngo bararenganwa ivyabo bagabo biragoye gutahura

  • Jewe ivyayo mashirahamwe yiyita ngo ntaharanira ivyicaro vya poritike yaranyobeye umu DD iyo akoze agakosa na gatoya ngo reta ntihana ivyaha ariko bobo bashikiriwe ngo bararenganwa ivyabo bagabo biragoye gutahura

  • Kumbe barinda kumwumviriza kandi twese twarabonye ko yaduhenze akatwereka amasanamu atariyo, jewe nagira bafashe ingingo yo kumupfunga kubera amakosa aboneka. Ubutungane ni bukore nukuri kuko twese twarabonye ko twahenzwe nuyo mutama ni bamugumize ku musaga kuko niwe yahirondereye...

  • Yotaha gute kandi ahejeje gucafuza igihugu mu kuduhenda atwereka amasanamu atariyo ashaje nabi mukama!! Yirirwa apfundikanya ibintu yibaza ko atazofatwa?? Huuuu umusi wiwe wageze ni baruce urwo rubanza agume yambaye izo mpuzu nyene asazire ku musaga; ubutungane ni bukore ico bujejwe ntibamurekure ngo ni kubera amajambo Non!! Bamuhanire iryo kosa nyene yavuze mbabazwa n’abafise amaso batabona bafise amatwi ntibumve. Sha upfuye nabi Karaveri!!

  • Uyu Nakamuna w’intagondwa aracyatekereza nostalgie ya Uprona n’aba Sans Echecs...amamaraso ya base yo muri 73 aracyabakurikirana!!

  • BARUNDI BARUNDIKAZI, TWIFUZA KUMENYA VITAL NA PACIFIC AHO BAHAGAZE, KUVA EJO MBONIMPA AVUYE GUSAMBA. IRABIRE NAMWE INGENE YAKWIRAGIJE IBIHUHA VYABAPFUYE ARI BAZIMA KANDI BAHAGARARANYE NAWE MURI SENTARE. AMAFOTO YA M23 NGO NAYABARUNDI, LETA MURYE UMUTIMA AMENYO NTIMUMURENGANYE ARIKO MUSANZE ARI IGIHEMU MUMUHANE. MURABONA KO YARENDEGEYE, IBUKE EJO HAHISE KUMASE INGENE YAGIYE KUNYEGEZA ABANA MURUKARAMU, ACAHITANA NYINA WABO BANA AMUJANA KURIRIRA KURI YARADIYO YABO, NGO IBIMASHINI VYAHAMVYE ABANA. IBUKE MUKAMENGE YAHITANYE UMUGORE WAHO AMUTWARA KURI RUSIZI NGWAGIYE KUMWEREKA IKIZIGA CUMUGABO WIWE, ACA AMUHITANIZA KURI YARADIYO YIWE AMARA IMISI KIRAMVU AMURIRISHA NGO LETA YAMUHEKUYE, HACIYE IMISI ITATU UWO MUNTU ABA ARABONETSE. MURI 2012 CLAVER MBONIMPA AHITANYE ABEL NSHIMIRIMANA AMUCUMBIKIRA MUBIRO IWE AHAMAGARA YA RADIYO YABO ABEL YIKORA MUGAHOGO AFASHIJWE NA REMOND ZIRAMPAYE AVUGA KO YARISHIJWE AMAGARA YUMNTU AHEJEJWE KWICWA, NGO BAMUHA NIGIKOMBE CUZUYE AMARASO NGWAKINWE YUWUNDI MUNTU YARAHEJEJWE KWICWA KANDI MUMASO YA EBEL NSHIMIRIMANA, UBWOBWICANYI NTIBWIGEZE BUBAHO, ARIKO NTIYARETSE KUVUGA KO ARI UBWICANYI NDENGERA BUTUNGANE. NONE GAYEMWE MWIHWEJE IVYOVYOSE KUBA UMUVUGIZI WA LETA YARAVUZE KO AYO MASHIRAHAMWE ADANDAZA IBIZIGA, KUGIRA ABANDANYE ABAHO YARABESHE???????????? HAHAHAHAHA YARADANDAJE NTIYARI BWABONE, IVYO BIZIGA VYABANYAMURENGE NA BA CONGO MANI BIRAMUHUMIRA. REKA ABANZE ARUHUKE KWIRIRWA MUKABURI HIHIHIHIIIIII.

  • Ako Murantwengeje ngobari Bazanye Umuduga wokumutwara?Ahubwo Nizerekobaribamwambitse Napingu Kukonumenja

  • Ukuri kuravugwa naho kutaryhera bo7 traz k ab dd bumv7 ukur kumeng ubasogose inkota kumutima ,ca reste pr d 10m3 kugira twikur u.........!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.