Umusore w’imyaka 17 yaguye mw’ibohero rikuru rya Muyinga

Yanditswe na IGIHE
Kuya 27 juillet 2016 saa 10:57
Yasomwe : 34560
0 0

Umubabaro ni mwinshi mu banyororo bo mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga, inyuma y’urupfu rwa Elias Nishemezwe, umusore w’imyaka cumi n’indwi yahitanwe n’ingwara muri iryo bohero. Abanyororo bagenzi we bavuga ko ubuyobozi bw’iryo bohero butamuhaye uruhusha rwo kuja kwa muganga, ivyiyamirizwa n’ubwo buyobozi.
Elias Nishemezwe yitavye Imana kuri uwu wa kabiri ashitse ku bitaro bikuru vy’i Muyinga, amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Muyinga akavuga ko yari amaze iminsi myinshi aremvye, kandi yarabuze (...)

Umubabaro ni mwinshi mu banyororo bo mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga, inyuma y’urupfu rwa Elias Nishemezwe, umusore w’imyaka cumi n’indwi yahitanwe n’ingwara muri iryo bohero. Abanyororo bagenzi we bavuga ko ubuyobozi bw’iryo bohero butamuhaye uruhusha rwo kuja kwa muganga, ivyiyamirizwa n’ubwo buyobozi.

Elias Nishemezwe yitavye Imana kuri uwu wa kabiri ashitse ku bitaro bikuru vy’i Muyinga, amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Muyinga akavuga ko yari amaze iminsi myinshi aremvye, kandi yarabuze uruhusha rwo gusohoka hanze kwivuza.

Bamwe mu banyororo bagenzi b’uwo yitavye Imana bavuga ko ubuyobozi bw’iryo bohero bwari bwamenyeshejwe ko aremvye, ariko akaba atacakozwe.

Ubuyobozi bw’iryo bohero buriyamiriza ivyo bwagirizwa, bukamenyesha ko kuva aho bamenyeye ko umuhisi Elias Nishemezwe aremvye, yaciye ajanwa ku bitaro, naho atagize amahirwe.

Uwo yitavye Imana ari mu bantu barenga ijana bari bafatiwe ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya, bagirizwa ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.


Kumenyekanisha

1
turaje 31-07-2016 à 10:54

nawe bamuroze nkuko babikoreye bihozagara
leta iroga abanyororo.

2
Niyo Jean Breackmans 29-07-2016 à 18:02

None Umunt Arway Bakabimenyesh Nikuk Atavujw Mu Gih Gikwiye ?Bibuk Ko Amagara Ari Katihabw.Uwamwimy Uruhush Rwo Kwivuz Naw Azopfa !Rip

3
Nyota 29-07-2016 à 14:38

Ndahojeje umuryango wabuze nabonyororo bagenziwe nkakebura aboyozi bamabohero baze barakurikirana abo bashinzwe nawe imana imwakire .

4
Jean Bosco 27-07-2016 à 21:30

Imana Imana Imwakire Mubwami Bwayo Ndahojeje Nabavyeyibiwe None Avuka Hehe Kumutumbawahehe ?

5
Habiyambere Ezechiel 27-07-2016 à 20:29

Ndahojeje Umuryango Wabuze Yemwe ! Iyo Umuntu Acumuye Abantu Ntibacebamuheba Erega Nimana Yankicaha Ntinka Ababantu Bayobozi Ni Mwiteho Bagenzibanyu Bapfuzwe Erega nabo Ntibachaka Kugwa Mucaha Abasigaye Imana Irababona Aho Muri

6
Henry 27-07-2016 à 19:28

Bararengana Nugushaka Ko Abantu Bunve Ko Bashaka Guhungabanya Umutekano Reta Yuburundi Ndayiteye Ivyatsi Bararengana.

7
julias 27-07-2016 à 19:12

birababaje ariko ntakibaho Iman’itakizi umuryango wihangane’ Iman’imwakire mubwami bwayo.

8
jules 27-07-2016 à 18:56

Birababaje’ ariko vyiza nukwihangana kuko ntagishikir’umuntu Iman’itakizi. Iman’imwakire mubwami bwayo.

9
Muyahudi 27-07-2016 à 12:49

Ndahojeje Abavyeyi Biw Nabanyororo Bagenzibiw. Tugakebura Abajejw Amabohero Kuzabarakwirikirana Abobanyororo Ntakundi Imana Imwakir

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha